Discover millions of ebooks, audiobooks, and so much more with a free trial

Only $11.99/month after trial. Cancel anytime.

Uguhura N’Imana Kuzima Kwa Misi Yose
Uguhura N’Imana Kuzima Kwa Misi Yose
Uguhura N’Imana Kuzima Kwa Misi Yose
Ebook159 pages1 hour

Uguhura N’Imana Kuzima Kwa Misi Yose

Rating: 5 out of 5 stars

5/5

()

Read preview

About this ebook

Muri iki gitabo, ibishoboka vyarahawe uwunesha, biciye mu kurimbura Bibiliya, mu gusenga no mu kwumvira, kugira azigame uguhura n’Imana kwa misi yose, kuzohindura igisata kimwe kimwe cose c’ukugendana n’Imana kwiwe. Birashoboka cane kwumva no guhura n’Imana imisi yose, mbere na kenshi ku musi. Irarindiriye kwumvirizwa. Iripfuza cane kuvugana n’abana bayo, kubumviriza no kubishura. Nticereje. Urashobora guhura nayo uyu musi kandi nayo irashobora guhura nawe, kandi ntuzosubira kuba wa wundi ukundi.
Dushize ku mugaragaro iki gitabo dusenga ngo gikoreshwe n’Umwami mu guhezagira abana biwe, kwinjira i bwina mu kugendana kwabo nawe, no gushitsa imigambi y’Imana ku muntu ari yo: kuyimenya, kuba muri yo, no kuronkera umunezero muri Yo ibihe vyose!

LanguageRundi
Release dateApr 5, 2017
ISBN9781370373949
Uguhura N’Imana Kuzima Kwa Misi Yose
Author

Zacharias Tanee Fomum

For FREE books from Zacharias Tanee Fomum: https://books.bookfunnel.com/ztf-free-ebooks. Professor Zacharias Tanee FOMUM was a man of uncommon spirituality, a leading voice for revival, a workaholic, a prophet-teacher, and a world-shaping spiritual genius. He was a bestselling Christian author (with over 350 books, over 10 million copies in circulation in over 100 languages) and a professor of Organic Chemistry (with over 160 published scientific works of high distinction (earning him the award of a Doctor of Science degree from the University of Durham, Great Britain). His books and the millions of people he influenced in more than 40 years of Christian ministry continue to impact the world with the Gospel today. He founded Christian Missionary Fellowship International (CMFI), a missionary movement that has planted churches in more than 120 nations on all continents. He believed in a life of simplicity and with the support and dedication of his wife and their seven children, his all—time, money, heart, and soul— was dedicated to spreading the Gospel. He carried out exploits for God through the making of disciples for Christ, planting of churches, building spiritual leaders according to the model of the Bible, and serving the body of Christ, especially as a teacher on prayer. Learn more and read exclusive excerpts at: https://ztfomum.org

Reviews for Uguhura N’Imana Kuzima Kwa Misi Yose

Rating: 5 out of 5 stars
5/5

1 rating0 reviews

What did you think?

Tap to rate

Review must be at least 10 words

    Book preview

    Uguhura N’Imana Kuzima Kwa Misi Yose - Zacharias Tanee Fomum

    UGUHURA N’IMANA KUZIMA KWA MISI YOSE

    na

    Zacharias Tanee Fomum

    ©1987, Z.T. FOMUM

    Casohowe na

    the ePublishing unit of the Book Ministry of CMFI

    http://www.cmfionline.org | ztfbooks@cmfionline.org

    Uko citwa mu Gifaransa: Rencontres Dynamiques Quotidiennes Avec Dieu

    ©1987, Z.T. FOMUM.

    Ivyanditswe muri iki gitabo vyo muri Bibiliya biri hagati ya twamugina vyakuwe muri Bibiliya Yera, societé Biblique du Burundi, 1967.

    IBIRIMWO IBIRIMWO

    Intangamarara

    Umwami Yesu N’uguhura N’imana Kuzima Kwa Misi Yose

    Bibiliya N’uguhura N’imana Kuzima Kwa Misi Yose - 1

    Bibiliya N’uguhura N’imana Kuzima Kwa Misi Yose - 2

    Bibiliya N’uguhura N’imana Kuzima Kwa Misi Yose - 3

    Bibiliya N’uguhura N’imana Kuzima Kwa Misi Yose - 4

    Ugusenga N’uguhura N’imana Kuzima Kwa Misi Yose - 1

    Isengesho N’ Uguhura N’imana Kuzima Kwa Misi Yose - 2

    Uguhura N’imana Kuzima Kwa Misi Yose Umurango Wose

    INTANGAMARARA

    Iki gitabo Uguhura N’imana Kuzima Kwa Misi Yose ni ica kane mu rukurikirane "Imfashanyo mu buryo bugaragara zagenewe Abanesha". Ibitabo bikurikira ni bimwe mu bigize urwo rukurikirane:

    Igitabo 01: Ikoreshwa Ry’umwanya

    Igitabo 02: Ukwiherera Kubw’ugutera Imbere Mu Buryo Bw’impwemu

    Igitabo 03: Ikanguro Ryo Mu Buryo Bw’impwemu Ku Giti C’umuntu

    Igitabo 04: Uguhura N’imana Kuzima Kwa Misi Yose

    Igitabo 05: Ishule Ryo Kuvuga Ukuri

    Igitabo 06: Ni Gute Baroranirwa Mu Buzima Bwa Gikristo

    Igitabo 07: Umukristo N’amafaranga

    Igitabo 08: Ukubohoka Icaha C’ubunebwe

    Igitabo 09: Ubuhinga Bwo Gutama

    Igitabo 10: Kumenya Imana (icankenerwa Gusumba Ibindi Kw’iyi Saha)

    Igitabo 11: Ugusubiza: Ubutumwa Buhambaye Ku Banesha

    Igitabo 12: Uguhishurirwa: Icankenerwa

    Igitabo 13: Ukwihana Nyakuri

    Igitabo 14: Urashobora Kuronka Umutima Utunganye Uyu Musi

    Muri iki gitabo, ibishoboka vyarahawe uwunesha, biciye mu kurimbura Bibiliya, mu gusenga no mu kwumvira, kugira azigame uguhura n’Imana kwa misi yose, kuzohindura igisata kimwe kimwe cose c’ukugendana n’Imana kwiwe. Birashoboka cane kwumva no guhura n’Imana imisi yose, mbere na kenshi ku musi. Irarindiriye kwumvirizwa. Iripfuza cane kuvugana n’abana bayo, kubumviriza no kubishura. Nticereje. Urashobora guhura nayo uyu musi kandi nayo irashobora guhura nawe, kandi ntuzosubira kuba wa wundi ukundi.

    Dushize ku mugaragaro iki gitabo dusenga ngo gikoreshwe n’Umwami mu guhezagira abana biwe, kwinjira i bwina mu kugendana kwabo nawe, no gushitsa imigambi y’Imana ku muntu ari yo: kuyimenya, kuba muri yo, no kuronkera umunezero muri Yo ibihe vyose!

    Yaoundé, 7 Ruheshi 1987

    Zacharias TANÉE FOMUM

    B.P. 6090 Yaoundé

    CAMEROUN

    IKIGABANE CA 1

    UMWAMI YESU N’UGUHURA N’IMANA KUZIMA KWA MISI YOSE

    Mw’ijoro rishira ubuca aravyuka, arasohoka, aja mu gahinga asengerayo (Mariko 1:35).

    Ndaguhimbaza, Data, Mwami w’ijuru n’isi kuko ivyo wabihishije abanyabwenge n’abahanga ukabihishurira inzoya (Matayo 11:25).

    Data, ndagushima ko wanyumvirije. Jewe nari nsanzwe nzi ko unyumviriza ubudasiba (Yohana 11:41-42).

    Nagushimagije mw’isi, nonosoye igikorwa wampaye gukora. Na none Data unshimagizanye nawe, unshimagirishije bwa bwiza nahoranye ndi kumwe nawe isi itararemwa(Yohana 17:5).

    Ku kagoroba, ku kirengazuba, bamuzanira abarwaye bose n’abinjiwemwo n’abadayimoni. Igisagara cose gikoranira kw’irembo. Akiza benshi bari barwaye indwara zitari zimwe, asenda abadayimoni benshi, ntiyakundira abo badayimoni ko bavuga, kuko bari bamuzi. Mw’ijoro rishira ubuca aravyuka arasohoka, aja mu gahinga asengerayo. Simoni n’abandi bari kumwe nawe baramukurikira: bamubonye baramubwira, bati bose bariko barakurondera. Arabishura ati tuje ahandi mu bisagara biri hafi, naho nyene nigisheyo, kuko ari co canzanye. Yinjira mu masinagogi yabo i Galilaya hose avuga ijambo ry’Imana, asenda abadayimoni (Mariko1:32-39).

    INTUMBERO Y’UBUZIMA

    Kugira ubuzima buroranirwe imbere y’Imana, butegerezwa kuba bwerekeje ku ntumbero. Ni yaba intumbero yawe ari ubusa uzoyishitsa, ni ukuvuga ko ata na kimwe uzoshitsa! Ukubura intumbero ni icago. Igituma ca mbere abantu benshi bananirwa mu buzima bwabo nuko badafise intumbero itomoye y’ubuzima bwabo.

    Kubera rero ata ntumbero itomoye ihari, ntibafise ubuhinga canke integuro itomoye yizwe neza kugira bashitse intumbero yabo. Kubw’ivyo ntibashobora kugendera ku rutonde rukenewe kugira bashobore gushitsa intumbero yabo.

    Intumbero itegerezwa gushiraho ubuhinga bwokoreshwa no gushinga urutonde rukenewe kugira iyo ntumbero ishitswe.

    Intumbero ni ntasubirizwa.

    Umuntu ntashobora gushitsa ibiri kubiri n’intumbero ziwe.

    Intumbero z’ umuntu zimugira ico aherukira kuba.

    Ibi bikurikira ni ibiranga intumbero :

    Intumbero zitegerezwa kuba izitomoye.

    Intumbero zitegerezwa kuba zifise ivyo zerekeye.

    Intumbero zitegerezwa kuba izigerwa.

    Intumbero zitegerezwa kugira umwanya ntarengwa zirangurirwamwo.

    Ubuhinga bukoreshwa butegerezwa gusuzumwa, kandi ubusumba ubundi bugacagurwa kugira intumbero ikurikiranwa ishitswe.

    Intumbero zisaba ivy’umuntu vyose kugira zishitswe. Hagize ico yiziganiriza ku ntumbero yiwe aba yahisemwo kutayishitsa. Aha niho uguhitamwo kuba mu rutonde canke kuba mu kajagari bigaragarira.

    Abaroranirwa gusumba abandi baba bafise intumbero imwe badashobora gukurwamwo.

    Intumbero zitegerezwa kuba izagutse canke niniya bihagije kugira zirotse utundi twipfuzo dutoduto. Zitegerezwa kuba, igihe zashikijwe, izisiga ingaruka muri kahise.

    Intumbero y’uwizera itegerezwa kuba nini cane ku buryo ata kintu na kimwe kindi comukiza kunanirwa kuyishitsa uretse ugutabarwa n’Imana gufatanije no gushiramwo ivyiwe vyose. Itegerezwa kuba niniya bihagije kugira isabe umuntu ivyiwe vyose, yisunze amategeko.

    Umwami Yesu yari afise intumbero. Yari intumbero itomoye. Yarashikije intumbero yiwe imbere yo gutaha mw’ijuru. Abivuga artya :

    Jewe naragushimagije mw’isi, nonosoye igikorwa wampaye gukora (Yohana 17 :4).

    Intumbero ya Kristo kwari ugushimagiza Data mw’isi. Yarashimagije Data mu kunonosora (guheza) igikorwa Data yari yamubwiye gukora. Imbere yaho gato, yari yabiseruye ati:

    Indya zanje ni ugukora ico uwantumye agomba no guheraheza igikorwa ciwe (Yohana 4:34).

    Ikintu cose cari ubugombe bwa Data vy’ukuri caraterera mu buryo butomoye kugira igikorwa ciwe kinonosorwe. Igikorwa ciwe n’ubugombe bwa Data ntivyatandukanywa. Akoze ubugombe bwa Data ku musegonda umwe umwe wose mu buzima bwiwe, yaba ashikije intumbero yiwe, kuko intumbero yiwe yaba ishikijwe mu gukora ubugombe bwa Data umusegonda ku musegonda. Ico yakora cose rero caba ari igihimba ca vyose.

    Umuntu yogira umugambi wo kwubaka igorofa igeretse incuro mirongo itanu. Bimusaba kwiyumvira iyo nzu yose no kuyishushanya. Birakenewe ko ‘‘abona’’ iyo gorofa yanonosowe muri kimwe kimwe cose mu biyigize. Muri ico gihe rero niho ashobora gukora. Kugira iyo nzu ibe vy’ukuri nk’ uko yari yariyumviriwe, agace kose k’inyubakwa gategerezwa gukorwa neza. Umushinge, impome, ibisakazo, n’ibindi, bitegerezwa gukorwa neza vyose. Itafari ryose ritegerezwa gushirwako mu bwitonzi. Ugushirako ibuye rimwe rimwe turashobora kubigereranya n’igikorwa ca buri mwanya mu buzima bw’umuntu. Nimba itafari rimwe rimwe ryose ryashizweko neza, inzu izoba neza na neza uko yari yiyumviriwe. Itafari ryose rizoba ryashizweko nabi rizoteza ivyago uwo mugambi. Nta woshobora kuvuga ko ashizeko nabi itafari rimwe gusa mu muliyoni w’amatafari ngo kazima ayandi yagiyeko neza. Ikintu cubatswe neza gisaba ko akantu kamwe kamwe kose mu tukigize kamera neza. Bene Data ico ni ngombwa. Ivyo bisigura ko kugira nshitse intumbero y’Imana kubw’ubuzima bwanje, ntegerezwa kuba ntunganye imbere y’Imana buri musegonda wose w’ubuzima bwanje. Ivyo bisigura ko ntegerezwa kuba ndiko ndakora ico ishaka ko mba ndiko ndakora kuri uwo musegonda; kandi ntegerezwa kuba ndiko ndagikora mu buryo ishaka ko ndagikoramwo, kandi kubw’inyanduruko nziza. Igihe cose ndi mu kibanza kibi canke ndiko ndakora ikintu kibi, canke nkaba ndiko ndakora ikintu ciza, ariko mu buryo bubi, canke ndiko ndakora ikintu ciza mu mwanya mwiza, no mu buryo bwiza, ariko kubw’intumbero mbi, mba mbereye igisika Imana.

    Nuko rero, kugira bikunde, integuro y’inzu yose hamwe itegerezwa kuba ishushanijwe, kandi inzu inonosowe itegerezwa kuboneka. Hanyuma kimwe kimwe cose kijanye n’iyo inzu gitegerezwa gushirwaho bivanye n’uko umwubakisha yabitegekanije.

    Imana ni umwubakisha mukuru. Irafise intumbero nyamukuru ku buzima bw’umwe umwe wese. Dutegerezwa guhabwa nayo iyo ntumbero, hanyuma tugakora cane, nk’uko inzira y’Imana iri, kandi tukayishitsa. Dutegerezwa kuba mu kibanza ciza buri kanya, kandi turiko turakora ikintu ciza.

    Enjoying the preview?
    Page 1 of 1