Discover millions of ebooks, audiobooks, and so much more with a free trial

Only $11.99/month after trial. Cancel anytime.

Umwuga W'igikorwa C'Imana
Umwuga W'igikorwa C'Imana
Umwuga W'igikorwa C'Imana
Ebook221 pages2 hours

Umwuga W'igikorwa C'Imana

Rating: 5 out of 5 stars

5/5

()

Read preview

About this ebook

Kumenya umwuga ni kuronka ugushobora canke impano. Bibiliya ivuga ko kugirirwa neza kuza ku bantu b'impano. Igikorwa c'Imana gisaba ubushobozi bukomeye.
Iki gitabo gishasha, "Umwuga w'Igikorwa c'Imana" kirakenewe cane kuri mwese mwipfuza gukorera Imana. Kirerekana neza ivyiyumviro vyiza na bibi mu gikorwa c'Imana, Igikorwa c'Imana n'iki? Usabw'iki nk'umukozi w'Imana kandi ni gute ukora ivyo washinzwe nk'umukozi w'Imana.
Uramaze kwibaza uko igikorwa c'Imana gikorwa? Iki gitabo gitandukanye n'ibindi ca Dag Heward-Mills kiragushiramwo kugenda ukubereye mw'ihamagarwa ry'Imana kiranakuyobora uko wokwitanga wese mu gikorwa c'Imana.

LanguageRundi
Release dateApr 5, 2019
ISBN9781643290348
Umwuga W'igikorwa C'Imana
Author

Dag Heward-Mills

Bishop Dag Heward-Mills is a medical doctor by profession and the founder of the United Denominations Originating from the Lighthouse Group of Churches (UD-OLGC). The UD-OLGC comprises over three thousand churches pastored by seasoned ministers, groomed and trained in-house. Bishop Dag Heward-Mills oversees this charismatic group of denominations, which operates in over 90 different countries in Africa, Asia, Europe, the Caribbean, Australia, and North and South America. With a ministry spanning over thirty years, Dag Heward-Mills has authored several books with bestsellers including ‘The Art of Leadership’, ‘Loyalty and Disloyalty’, and ‘The Mega Church’. He is considered to be the largest publishing author in Africa, having had his books translated into over 52 languages with more than 40 million copies in print.

Reviews for Umwuga W'igikorwa C'Imana

Rating: 5 out of 5 stars
5/5

1 rating0 reviews

What did you think?

Tap to rate

Review must be at least 10 words

    Book preview

    Umwuga W'igikorwa C'Imana - Dag Heward-Mills

    Ingabire n’Umuhamagaro w’Imana ntivyicuzwa

    Umuhamagaro wa Mbere

    Ijambo ry’UHORAHO ryaje kuri Yona mwene Amitayi, riramubwira riti Va hasi uje I Ninewe, ca gisagara kinini, ukiburire; kukw’ivyaha vy’abaho vyarundanye bigashika imbere yanje.

    Yona 1:1-2

    Umuhamagaro wa Kabiri

    Maz’Ijambo ry’UHORAHO rija kuri Yona ubugira kabiri, riramubwira riti Va hasi uje i Ninewe, ca gisagara kinini, ukiburire imbri nzokubwira.

    Yona 3:1-2

    Imana n’Imana y’Imbabazi.Azoguha akaryo ka kabiri kugira umwumvire. Yona ni akarorero k’umuntu yaronse akaryo ka kabiri ko kwumva no kwumvira. Hari igihe ariko turonka akaryo rimwe gusa!

    Imana y’akaryo ka kabiri

    Birashoboka ko Imana yamye yifuza ko uyikorera mu rusengero ikaba ari nayo mpamvu yakuremye. Birashoboka ko umaze igihe uhunga umuhamagaro w’Imana.Ariko Imana iriko ivugana nawe ubugira kandi. Imana yavuganye na Yona incuro zibiri. Hagati y’umuhamagaro wa mbere n’uwa kabiri, Yona yashikiwe n’ibintu bitandukanye. Yagize Ibihe vy’ibihuhusi mu buzima hamwe no kwugaranirwa mu nda y’urufi. Bishoboka ko nawe inyuma y’ibitandukanye vyakubayeko, uriteguye kwumviriza Imana.

    Birashoboka ko mu gihe ufashe iki gitabo, Imana iriko iguha akandi karyo ko gukora mu ngoro yiwe. Iki n’igihe co kwifatanya n’ingabo ziwe mu rugamba rwa nyuma.

    Ukudahinduka kw’umuhamagaro

    Ushobora kubona ko umuhamagaro wa mbere n’uwakabiri bidatandukanye. Mu muhamagaro wa mbere n’uwa kabiri, Yona yatumwe ku gisagara kimwe (Ninewe) imutumanye ubutumwa bumwe. Ingabire z’Imana n’uguhamagara kwayo ntivyicuzwa (Abaroma 11:29).

    Imana ntihindura ivyiyumviro uko imisi igenda. N’inyuma y’ivyago vy’ubuzima, no kuba mu nda y’urufi, Imana irashobora kugukoresha. Hashobora kuba haciye imyaka cumi Imana itanguye. Nturarengerana kuyumira. Biranezera gukorera Imana idahinduka mu vyo yiyumvira.

    Kwitaba umuhamagaro w’Imana ni ukwemera guhindurwa ico utari. Yesu yahiduye Petero ico atari ari- umurovyi w’abantu.

    Kuza mu gikorwa c’Imana si ukutanga intererano ikomeye mu bwami bw’Imana.Nta na kimwe kibeshejweho nawe kandi ntan’ikizokwononekara kuko wirengangije igikorwa c’Imana.Twese turabereye gukoreshwa kandi turakenewe.

    Kuko tudashobora kurwanya ukuri, ariko duherereye mu ruhande rw’ukuri.

    2 Ab’i Korinto 13:8

    Iryo jambo ritwigisha ko ataco twokwigera dukora kizotsinda ukuri kw’Ijambo ry’Imana.Amakosha yacu akomeye ntazohagarika ukuri kw’Ubutumwa bwiza. Kwanjanjwa ku muhamagaro wacu ntibizobuza intsinzi y’ingabo z’Imana.Ni ibakwe guhamagarirwa muri iki gikorwa. Ni iteka kukigiramwo uruhara. Iki ni igihe co guhagarika kwiyumvira ko hari ikintu kidasanzwe ugiye gukorera Imana.

    Kuba mu gikorwa c’Imana ni ibintu bicisha bugufi. Bigatuma wiga ku Mana hamwe no kwakira imbabazi. Yesu yabwiye abigishwa biwe kumukurikira kugira agire ico azobahindura. Niwakora igikorwa c’Imana nk’igikorwa ca buri musi, uzohingurwamwo igikoresho Imana ikoresha.

    Yesu arabwira, ati Ni munkurikire, nzobagira abaroba abantu.

    Mariko 1 :17

    Iyo ukorera Imana nk’igikorwa ca buri musi,uzohindurwa mu kugira umutima musha hamwe n’ibintu bitandukanye bituma uca bugufi bikurindiriye. Igikorwa c’Imana muri ubwo buryo, muvy’ukuri ni intango y’urugendo rukwegereza hafi y’ Imana.Biraguhindura bikakugira umuntu aciye bugufi.Akamere nyako k’Iki gikorwa gikunda gukengerwa hamwe n’ubucuti n’abandi bakristo mur’ico gikorwa bizogucisha bugufi kandi bituma uba umuntu ahindutse.Kandi ubucuti n’abadatahura ico gikorwa bizokuzana mu bucuti bwimbitse n’Imana.

    Ico gukorera Imana nk’igikorwa ca buri musi bitari

    Gukorera Imana nk’igikorwa ca buri musi ni igihe Yesu aguhindura uwuroba abantu. Guhemberwa gukorera Imana ntibikugira uwukorera Imana nk’igikorwa ca buri musi.

    Gusubiriza banki ishengero nk’isoko ry’umushahara ntibisigura ko wihebeye Imanabanki. Gukorera Imana nk’igikorwa ca buri musi ni intambuko irimwo Ibintu vyinshi aho ukurikira Umwami ataco wirengagije. Kumukurikira bizosigura ibintu vyinshi harimwo bimwe mu biri ku rutonde aho musi.

    Gukorera Imana nk’igikorwa ca buri musi si ugihundura akazi ni ubwitange bw’ubuzima bwose. Bizokumira wese hanyuma uhindurwe n’ubushobozi bw’Imana.

    Gukorera Imana nk’igikorwa ca buri musi ni kimwe muri ibi :

    • Gukorera Imana nk’igikorwa ca buri musi si uguhitamwo akazi kakuryohera

    • Gukorera Imana nk’igikorwa ca buri musi si uguhitamwo akazi kakworohera.

    • Gukorera Imana nk’igikorwa ca buri musi si umugambi wo gukukuruka kw’abageze mu zabukuru

    • Gukorera Imana nk’igikorwa ca buri musi si umugambi wo guhoza abahinduriwe akazi.

    • Gukorera Imana nk’igikorwa ca buri musi si ubuhungiro bw’abavyeyi bafise abana bakiri bato.

    • Gukorera Imana nk’igikorwa ca buri musi si icifuzo ca nyuma c’ubuzima bw’abantu babayeho imyaka yabo myiza bakora ibindi bintu.

    • Gukorera Imana nk’igikorwa ca buri musi si umugambi winyegeje wo gukora urudandazwa. Abantu bamwe bifuza kwihebera Imana kugira baronke umushahara wamaho bariko bakora n’ibindi bintu kuruhande. Urudadanzwa ni urudandazwa hanyuma igikorwa c’Imana n’igikorwa c’Imana !

    • Gukorera Imana nk’igikorwa ca buri musi si igikorwa c’abarindiriye akazi akandi kaheze

    • Gukorera Imana nk’igikorwa ca buri musi si icishimikizo kubantu bafise ivyifuzo vyisi

    • Gukorera Imana nk’igikorwa ca buri musi si Itekamutwe ryo kugabanya ubukene. Hari igihe ivy’ubutunzi biba vyifashe neza mu gikorwa c’Imana.

    • Gukorera Imana nk’igikorwa ca buri musi sico kimwe no guhindura akazi gasazwe ukaja gukora ku rusengero.Kuba utunganya neza ivy’ubutunzi mw’isi ntibisigura ko woba uwutunganya neza ivyo mw’ishengero.

    • Gukorera Imana nk’igikorwa ca buri musi si guhindura gusa isoko y’umushahara

    • Gukorera Imana nk’igikorwa ca buri musi si akazi k’uwuri mu karuhuko. Si ikintu abanyeshule bakora iyo bari mu kiruhuko.

    Ivyiyumviro bitarivyo kuvyerekeye Gukorera Imana nk’Igikorwa ca buri musi.

    Hari Ibintu bitarivyo muri iki gihe bibangamiye abantu mu buryo butandukanye. N’abakorera Imana nk’igikora ca buri musi barafise ivyabo. Bimwe mu vyiyumviro bitari vyo bibangamira abo bakozi b’Imana ni ibi :

    1. Ko ndi uwukorera Imana buri musi ndi uwudasanzwe.

    2. Ko ndi uwukorera Imana buri musi nzoronka umushahara mwiza.

    3. Ko ndi uwukorera Imana buri musi nafashe intambuko yo mu rwego rwo hejuru mu buryo bw’impwemu kandi ntazindi ntambuko zo mu buryo bw’impwemu zisigaye.

    4. Ko ndi uwukorera Imana buri musi ndasumba abandi babikora atari nk’igikorwa ca buri musi.

    5. Ko ndi uwukorera Imana buri musi nzoja mu bihugu bindi.

    6. Ko ndi uwukorera Imana buri musi nzoronka inzu nini.

    7. Ko ndi uwukorera Imana buri musi nzoronka inzu.

    8. Ko ndi uwukorera Imana buri musi nzoronka itunga

    9. Ko ndi uwukorera Imana buri musi nabaye uw’impwemu cane

    10. Ko ndi uwukorera Imana buri musi nzogira ubukwe bwiza be n’ubuzima bwo mumuryango bwiza

    11. Ko ndi uwukorera Imana buri musi nzoronka umwanya munini wo gusenga, gutazira, no kwiga Ijambo ry’Imana

    12. Ko ndi uwukorera Imana buri musi Imana iranezererewe cane

    13. Ko ndi uwukorera Imana buri musi ngendera mu rukundo

    14. Ko ndi uwukorera Imana buri musi bizonyorohera gufata ijambo rya

    15. Ko ndi uwukorera Imana buri musi narasizwe amavuta kandi ndakingiwe

    16. Ko ndi uwukorera Imana buri musi abana banje bizoca bigenda neza

    17. Ko ndi uwukorera Imana buri musi ntegerezwa gushika mw’ijuru uko vyogenda kwose

    18. Ko ndi uwukorera Imana buri musi ndi intungane.

    Nta na kimwe mur’ivyo biri hejuru gitegerezwa kwama ari ukuri. Birashobora kuba ukuri, mugabo vyinshi bishobora kutaba ukuri kuri wewe. Kandi si ibintu bitegerezwa kwama bica bishika. Uhamagarirwa kurondera Imana muri ico gikorwa yagushizemwo kugira ngo Imigambi yayo yose izoshike.

    Igice ca 2

    Itandukaniro hagati y’ibikorwa bisanzwe hamwe n’igikorwa c’Imana

    Hariho itandukaniro

    …Mugabo azobaganza, kugira ngo bamenye amasabo yanje n’amasabo y’abandi bami bo mw’isi.

    2 Ngoma 12 :8

    Igihe Rehobowamu yagarariza Imana,umuvugishwa yamurungikiye ubutumwa buteye ubwoba.Yamubwiye ko izomwereka ubudasa hagati yo gukorera Imana hamwe no gukorera Ibihugu vy’iyi si.

    Hariho ubudasa hagati yo gukorera Imana no gukorera isi. Kwirundaniriza ubutunzi muri Iyi si iriko irahera ntivyogereranywa n’umuhamagaro w’akaburarugero w’Imana.

    Kwubaka igihugu gihoraho gifise urufatiro rw’ukuri n’iteka rihebuje ku muntu w’inyama n’amaraso. Abantu benshi bamara ubuzima bwabo bubaka ibintu vy’akanya gato bitagira kazoza. Abantu batari bake ni abubatsi b’inzu urufatiro ari.

    Farawo ni inde ?

    Farawo ni ikigereranyo ca Satani.Egiputa ni ikigereranyo c’isi, hanyuma Isirayeli ni ikigereranyo c’ubwoko bw’Imana.Farawo yababarishije ubwoko bw’Imana Ibikorwa biruhisha abakoresha mu kwubaka ibisagara vyiza. Ibi biratanga igicapo c’akazi ka kino gihe.

    Umwanya munini w’akazi ko mw’isi ukoreshwa mu kwubaka ibisagara vy’iyi si. Igihe dusezera isi tuba twongereje igitigiri c’inyubako nziza cane mu bisagara vy’iyi si.

    Igikorwa c’Iyi si gikoreshwa inkomezi nyinshi n’akuya kenshi. Dukoreshwa cane ariko ntitwibuka ko turiko turubaka ibisagara vy’iyi si. New York, Paris, Londres, Accra, Lagos na Nairobi vyubatswe n’akuya k’abantu bakora batiziganya.

    Aba bantu bārapfuye baragenda ariko ibisagara bubatse vyarasigaye. Igikorwa c’ubuzima bwabo cofatwa nk’intererano mw’iterambere ry’ibisagara vy’iyi si. Mwibuke, Satani yabwiye Yesu Igihe yamwereka amahanga y’iyi si :

    Umurwaminizi aramubwira, ati ndaguha ubu bubasha n’ubwiza bwabwo, kuko jewe nabuhawe kandi ndabuha uwo ngomba wese.

    Luka 4 :6

    Ibi bitwereka ko ari Satani yahawe ububasha bwo kuganza ibisigara vyo mw’isi. Umwansi ni imana y’iki gihe (2 Ab’i Korinto 4 :4). Ni Satani yahaye abana b’abantu akazi karenze anabarongōra ngo bubake ibisagara vy’iyi si.

    Abakristo muri make bifadikanya n’izo ngabo z’abubatsi bagaterera umuganda mu kwubaka ibisagara vy’isi.

    Nuko muri Egiputa hima uwundi mwami, atigeze kumenya ivya Yosefu.Maz’abarira abantu biwe, ati Raba Abisirayeli bahindutse ihanga rituruta mu bwinshi no mu nkomezi. Enda tubaronderere inama y’ubwenge, kugira ngo boye kugwira, bakazohava bifatanya n’abansi bacu, haramutse habaye intambara, bakaturwanya bakava muri iki gihugu. Nuko babaha aho kubakebera ibikebere ngo babatwaze ituntu babikoreze ibiremereye. Bubakira Farawo Ibisagara vyitwa Pitomu na Ramsusesi vy’ibigega. Ariko uko barushiriza kubatwaza ituntu, niko barushiriza kugwira no kugasara ; nukw’abanyegiputa karabarya munda. Bacuranguza abisirayeli barabacumukuza.

    Kuvayo 1 :8-13

    Nkuko Farawo yategeka Egiputa, niko Satani ategeka isi n’ibisagara vyayo. Niyo mpamvu hari amakuru meshi n’ukuzazanirwa biriko biduga ku rugezo rutey’ubwoba mw’isi.

    Iyo ukora mu gisata c’ivy’ubutunzi, yaba ama banki n’ayandi mashirahamwe y’iyi si, ushobora kugereranywa n’ab’Isirayeli bariko bakorera Farwo, kuko bisaba inguvu n’akuya mukwubaka ibisagara.

    Mose yasavye ko ububwoko bwa Isirayeli buronka umwidegemvyo kugira bushobore gukorera Uhoraho. Umuntu wese yifuza kwinjira mw’ibango ryo gukorera Imana avyihebeye yisanga akeneye kuva no kuvavanura n’imibereho yukw’ isi ikora kandi itunganije. Gukorera Imana vy’ibihe vyose ni igikorwa dukorera Uhoraho.Bisa no kuvamuri Egiputa ukaja mu bugaragwa gushikanira ibimazi Uhoraho no kumwubakira ihema.

    Imana yifuza ko abantu bayo bakoresha umwanya wabo bamwubakira ihema banamutazira.

    Ego koko kuvavanura n’Imikorere y’isi ntivyokworoha. Ntivyoroheye Mose n’abana ba Isirayeli kuva muri Egiputa.Vyasavye intambara itoroshe kugira ubwoko bw’Imana buve mu minwe ya Farawo.

    Ncuti mukundwa, ntibizokworohera ko uva mu kazi k’isi. Nivyakunda bizoba habanje kuba intambara zikomeye.

    Intambuko zine kugira bave kwa Farawo

    Igihe Farawo yari yanse kugondwa ngw’aturekure...

    Kuvayo 13:15

    Farawo ntiyari anezerewe no kureka abana ba Isirayeli ngo bagende bidegemvya. Hari intambuko zine umukristo acako kugira atebe yiyegurire Imana ayikorere buri musi.Ushobora kumenya zimwe muri zo niwazibona.

    Intambuko ya 1: Farawo ntagomba ko uva mu kazi kiwe

    Farawo arababaza at’Uhoraho ni nde ngo ndamwumvire, ndekure Abisirayeli? Uhoraho sindamuzi kandi sindekura abisirayeli.

    Kuvayo 5 :2

    Farawo ashaka ko umukorera gushika upfuye. Ashaka ko ubira akuya ukanatama gushika upfuye. Satani arazi ko benshi batazoshikira igihe c’ubukukuruke. Arababesha bagakorera inyuma y’akazi hatazigera habaho.

    Intambuko ya 2: Farawo azokureka ukorere Imana ariko ugumanye nawe

    Farawo ahamagaza Mose, ati Ni mugende mushikanire Imana yanyu ibimazi NGAHA MU GIHIGU.

    Kuvayo 8:25

    Kuri iyi ntambuko Farwo arasugerezwa agasa n’uwuhesha. Aremera ko ukorera Imana ariko utegerezwa kuguma muri Egiputa.Utegerezwa kubandanya wubakira Farawo amabuye y’iratiro.

    Enjoying the preview?
    Page 1 of 1