Umwuga w'Uburongozi (igitabo ca 3)
1/5
()
About this ebook
Ihamagarwa mu gikorwa c'Imana ni Ihamagarwa ry'uburongozi. Hamwe n'ukwegera hafi cane kandi kworoshe, Dr. Heward-Mills arerekana ibintu ngenderwako vyamutumye aba umurongozi w'umukristo wo hejuru. Ukuri guhishurwa hano kuzohumekera benshi ku mwuga w'Uburongozi.
Dag Heward-Mills
Bishop Dag Heward-Mills is a medical doctor by profession and the founder of the United Denominations Originating from the Lighthouse Group of Churches (UD-OLGC). The UD-OLGC comprises over three thousand churches pastored by seasoned ministers, groomed and trained in-house. Bishop Dag Heward-Mills oversees this charismatic group of denominations, which operates in over 90 different countries in Africa, Asia, Europe, the Caribbean, Australia, and North and South America. With a ministry spanning over thirty years, Dag Heward-Mills has authored several books with bestsellers including ‘The Art of Leadership’, ‘Loyalty and Disloyalty’, and ‘The Mega Church’. He is considered to be the largest publishing author in Africa, having had his books translated into over 52 languages with more than 40 million copies in print.
Reviews for Umwuga w'Uburongozi (igitabo ca 3)
1 rating0 reviews
Book preview
Umwuga w'Uburongozi (igitabo ca 3) - Dag Heward-Mills
Kiretse aho vyabaye ngombwa bigaca vyerekanwa, Ivyanditswe vyose vyakuwe muri Bibila Yera
Copyright©2019 Dag Heward-Mills
Intanguzo Idahinduka : The Art of Leadership
Gisohorwa na Parchment House mu mwaka wa 2019 Ku ncuro ya gatandatu muri 2019
Cahinduwe mu Kirundi ubwa mbere muri Nzero 2019 na Transformation Language Corporation
Cimarmel@yahoo.fr, +25779580380
Menya vyinshi ku vyerekeye Dag Heward-Mills kuri:
Ibikorane Yesu Arakiza
Email: evangelist@daghewardmills.org
Urubuga ngurukana bumenyi: www.daghewardmills.org
Facebook: Dag Heward-Mills
Twitter:@EvangelistDag
Ugutera iteka
Iki gitabu gitere iteka umuvyeyi wanje data,
Nathaniel Nii Lanquaye Heward-Mills
Warakoze ku vyo twashoboye kubwawe. Ndashima kubona nararonse umuvyeyi nkawe.
ISBN : 978-1-64329-636-4
Uburenganzira bwose bukingirwa hisunzwe amategeko mpuzamakungu akingira uburenganzira b᾿wibitabu. Hategerezwa kubanza kuboneka uruhusha rwanditse rw᾿umwanditsi kugira ngo kugira ngo hagire uwigana kino gitabu, kiretse gusa kwitiza ibicanditsemwo mu gihe ubona ko vyokwifashishwa.
Ibirimwo
Igice ca 1: Vyose bivana n’uburongozi
Igice ca 2: Fata ingingo yo kuba umwe mu barongozi bake beza bo muri ino si
Igice ca 3: Amazina mirongo ine y’igifaransa asigura abarongozi
Igice ca 4: Mbega uburongozi babuvuga ngw’iki muri Bibiliya
Igice ca 5: Ubwoko bw’uburongozi mubwirizwa kwirinda
Igice ca 6: Uburongozi bw’umwana
Igice ca 7: Uburongozi bw’umugore
Igice ca 8: Mucike abahinga b’intambuko zitumbereye
Igice ca 9: Muganire n’abato n’abakuze
Igice ca 10: Mukingire ukugororoka kwanyu
Igice ca 11: Guha ivyizigiro abantu
Igice ca 12: Ntimugakoreshe ubushobozi ata bwenge, canke ubwenge ata bushobozi!
Igice ca 13: Ube umuntu w’icemezo!
Igice ca 14: Rindira igihe cawe
Igice ca 15: Mukoreshe ibanga ryo kwizizira ku kintu
Igice ca 16: Fasha ababakikuje gushika ku bintu bikomeye mu buzima bwabo
Igice ca 17: Mugerageze abantu babagamburukire n’umunezero
Igice ca 18: Mwihweze, mwiyumvire, muteke umutwe, murabe neza ibibakikuje
Igice ca 19: Murondere kuba agahore
Igice ca 20: Mwikikuze abantu
Igice ca 21: Muhitemwo ibikomeye kandi bigoye kurusha ibihimbaye kandi vyoroshe
Igice ca 22: Mwitegure kwakira ivyiyunviro bishasha
Igice ca 23: Muhe agaciro abantu
Igice ca 24: Mudashobora gusoma, ntimushobora kurongora
Igice ca 25: Bona kure! Tegura kazoza!
Igice ca 26: Mwige ibintu bishasha buri igihe
Igice ca 27: Mumenye inkomezi zanyu maze mukurikire umugende wazo!
Igice ca 28: Mwitegurire intambara ndende!
Igice ca 29: Ziganya! Harura amahera yawe!
Igice ca 30: Vuga ukuri
Igice ca 31: Mumenye amatanguriro mato y’ibintu bikomeye
Igice ca 32: Fata abantu ko mungana ariko mushireho ubudasa
Igice ca 33: Muvuge ivya kazoza muri rusangi
Igice ca 34: Ntimukemere kwicwa n’umururazi
Igice ca 35: Hindura uburyo abantu biyumvira
Igice ca 36: Mugire iciyumviro kuri vyose
Igice ca 37: Murongozi, garagaza ibigumbagumba
Igice ca 38: Mwemere uturusho mukwiriye, mu gihe ciza, no ku mvo ibereye
Igice ca 39: Muganire n’abantu mwongere muganire n’amasinzi
Igice ca 40: Murengere intambanyi z’ubuto no kutagira uburambe mu kwiga ivya kahise
Igice ca 41: Mumenye uruhara mufise maze mutange raporo
Igice ca 42: Ntimugahebe isoko ry’ububasha bwanyu!
Igice ca 43: Fata ingingo! Ni ikintu gikomeye kiranga umurongozi
Igice ca 44: Mumenye ubushobozi buri mu kamenyero maze muteze imbere ingeso nziza
Igice ca 45: Mumenye aho mugeze! Mumenye naho mutaragera! Maze muzomenya iyo muja
Igice ca 46: Nimwitere intege. Ntimurindire guhabwa inzira canke uguterwa intege kuvuye hanze
Igice ca 47: Mwiyoroshe, kutagonda izosi bigutwara vyinshi!
TIgice ca 48: egeka ingabo zawe!
Igice ca 49: Shira ku rugezo rwiza ibiza imbere
Igice ca 50: Mushire mu ngiro amategeko ajanye no gukorera mu murwi
Igice ca 51: Mushavure rimwe rimwe
Igice ca 52: Musuzume abo murongoye mukoresheje inyigisho
Igice ca 53: Ba umurongozi akomeye, tera iyindi ntambwe
Igice ca 54: Ni igiki mwarokotseko?
Igice ca 55: Mwemere ingabire z’abandi
Igice ca 56: Rema bishasha
Igice ca 57: Ubahiriza ivyagezwe maze muzubaka ishirahamwe rikomeye
Igice ca 58: Ntimwiyumvire amahera mwokura ku bo murongoye. Nimwiyumvire ico mushobora kubafasha
Igice ca 59: Murwize ukumenyekana
Igice ca 60: Murwize utujambo duhinyanyuye n’utugani
Igice ca 61: Gira ibiganiro n’abategetsi kubwoa bo murongoye
Igice ca 62: Mwemeze abantu gutanga ibimazi bikomeye
Igice ca 63: Jana n’abandi hejuru
Igice ca 64: Gira ico wubatse nimba uri umurongozi!
Igice ca 65: Mwame mufise ku muzirikanyi iyerekwa ryanyu hamwe n’intumbero yanyu
Igice ca 66: Mwame muri imbere
Igice ca 67: Irinde ibisamaza
Igice ca 68: Mugerageze abantu babumvire n’iyo mudahari
Igice ca 69: Mwinyegeze kandi mutere imbere nk’inzoka
Igice ca 70: Murengere ibihuha, ibibazo, n’ivyo babiyumvirako
Igice ca 71: Fata ingingo! Uko biri kose, ingingo nka zose uzifata mu gihe hariho ukundi guhitamwo kubiri kubi!
Igice ca 72: Ntimusambure ibango ryanyu mu kuvuga ibintu bibi (bose bumva) ku mugaragaro
Igice ca 73: Mwirinde uburongozi buyeyemba
Igice ca 74: Mwirinde uburuhe hamwe no kurambirwa
Igice ca 75: Fata mu minwe ubuzima bwanyu bwo mu rugo
Igice ca 76: Ba imvugakuri, ntimukabe indyarya
Igice ca 77: Mwemere ko mukeneye gufashwa
Igice ca 78: Ubahuka! Shira amanga!
Igice ca 79: Nimutume abantu babakurikira
Igice ca 80: Ukuri mukwongere ku buntu kugira ngo muronke abigishwa benshi
Igice ca 81: Ingingo umunani zihambaye kurusha izindi umurongozi afata
Igice ca 82: Muhitemwo neza abo mukurikira
Igice ca 83: Humekera abantu
Igice ca 84: Tora inyinshu wongere utorere umuti ibibazo
Igice ca 85: Cika muntu yiyumvira
Igice ca 86: Vyara ico muri
Igice ca 87: Cika umurongozi ashoboye
Igice ca 88: Mwemere kuba inyakamwe
Igice ca 89: Ntimwibagire ababafashije
Igice ca 90: Reka indoto zanyu zicike ukuri
Igice ca 91: Banza muje imbere, abandi bazobakurikira aho muja hose
Igice ca 92: Gerageza abigishwa bawe bagukunde. Urabe neza ko ata kintu bakwagiriza
Igice ca 93: Musuzume ukutanezerwa kandi mubifatire ingingo ruhasha
Igice ca 94: Ntugatakaze umwanya wawe kubwa barya bavuga nabi
Igice ca 95: Imimenyerano ni ikintu cihutirwa ku burongozi. Mubikorereko mu maguru masha
Igice ca 96: Murwane intambara mushobora kunesha gusa
Igice ca 97: Mwifashishe ibimenyetso kugira ngo muyoborwe
Igice ca 98: Ube umurongozi yizigirwa
Igice ca 99: Murengere urwanko hamwe n’ukurwanywa
Igice ca 100: Mugendane n’abantu bose, mbere na bamwe « mudasa »
Igice ca 101: Ntimugatangazwe no kudashima
Igice ca 102: Reka abantu babamenye kugira ngo bashobore kubizera no kubakurikira
Igice ca 103: Hindura abantu mu kubereka akarorero
Igice ca 104: Mumenye ko icifuzo canyu kigaragaza umuhamagaro wanyu wo kuba umurongozi
Igice ca 105: Ntuve kuri kimwe wirukira ku kindi
Igice ca 106: Mwame mwibuka kino: « Nta n’umwe atsinda, iyo bose batatsinze! »
Igice ca 107: Mumenye amazina y’abantu benshi
Igice ca 108: Biba muri mwebwe
Igice ca 109: Muhe agaciro umwanya kandi muwukoreshe neza
Igice ca 110: Ukurangura ibintu bikomeye bisaba ko uba ufise urutonde
Igice ca 111: Muhe agaciro umwanya wose mumarana n’umurongozi akomeye
Igice ca 112: Fata ibintu mu minwe
Igice ca 113: Mumenye ubuhinga bwo kwegeranya amahera
Igice ca 114: Mube abanyakigongwe
Igice ca 115: Anka abagenzi babi
Igice ca 116: Mukore kurusha ababakikuje bose
Igice ca 117: Mutangure muciye bugufi, murangize muciye bugufi
Igice ca 118: Mwemeze abantu ku bizera
Igice ca 119: Muvuge cane canke muceceke, bivanye n’uwo muriko muravugana
Igice ca 120: Mwemere icagezwe c’ubusumbane
Igice ca 121: Hindura ababakikuje bacike abantu beza
Igice ca 122: Kwimukira mu kibanza ciza
Igice ca 123: Cungera ibigumbagumba n’ivyifuzo vy’umubiri
Igice ca 124: Mutahure ubudasa hagati y’ibiriho n’ibiri mu ndoto zanyu
Igice ca 125: Mumenye gutandukanya ubwoko bw’abakozi mufise mw’ishirahamwe
Igice ca 126: Muteze imbere ubuhinga bwo kugumiza abantu hamwe
Igice ca 127: Mwame mwiyumvira ku musi wo guzotanga raporo
Intangamarara
Nipfuje kubashikiriza, n’umunezero mwinshi, iki gitabu gishasha ca Dogiteri Heward-Mills citwa Ubuhinga bw’uburongozi, nkaba ndabahimirije cane kugisoma.
Dag Heward-Mills n’umukozi w’Imana aciye ubwenge cane, kandi ubwiwe, n’icitegerezo kizima c’ivyo yigisha muri kino gitabu. Ingene abayeho bijanye n’ibirimwo, kandi arashoboye kuyoborera abantu benshi muri iyo nzira y’uburongozi bushitse. Ntidushobora kujana abandi aho natwe tutaraja, iki gitabu rero kikaba cerekana inzira abarongozi bahambaye bo muri kahise k’ishengero baciyemwo.
Kirerekana ibisabwa ubwa mbere na mbere kugira ngo ube umurongozi, n’intumbero umuntu wese ahamagariwe kuba umurongozi aba afise. Iki gitabu cubakiye kw’ijambo ry’Imana kandi kivuga ibijanye n’ibintu bitwerekeye, dusanga mw’ ijambo ry’Imana gusa.
Dogiteri Heward-Mills yatahuye ukuri kwinshi kubwo imyaka myinshi amaze mu gikorwa c’Imana. Yarashoboye kurongora abandi barongozi, niwe yatanguje ico bise ingoro z’umuco mw’isi yose. Ni umwanditsi akomeye kuko yasohoye ibitabu vyinshi kandi ni umuntu aremesha amakoraniro, aronderwa cane mw’isi.
Atubera isoko ryo guguhumekerwa mw’ ibango ryacu rya Church Growth International, akaba ari umwe mu banyacubahiro bagize urwego mpanuzwajambo rw’ibango ryacu.
Ubwenge bwiwe, ugutahura n’uburambe mw’ ibango, bishobora kubahumekera, nimwamukurikira nkuko ubwiwe yakurikiye Kristu. Ikintu Dogiteri Heward-Mills ashaka, ni uko hoboneka abigishwa ba Yesu kristu bazocika abarongozi b’ejo b’ishengero.
Igitabu Ubwenge bwo kurongora kizobereka inzira kandi kibayoborere mu gutahura amabanga y’uburongozi nyakuri.Ni ubuhinga, kandi kubera ko ari ubuhinga, umuntu abwirizwa kubwiga. Iki gitabu kizobigisha ivyo mushaka canke mwipfuza kumenya kubijanye n’ubuhinga nkenerwa mu burongozi, haba mw’ ishengero rya kino gihe, canke mw’ ishengero ry’iki kimpumbi.
2 Munyonyo 2001
Dogiteri David Yonggi Cho
Pasitori mukuru
Yoido Full Gospel Church
Séoul, Corée du Sud
Igice ca 1
Vyose bivana n’uburongozi
Raba Umwami, Uhoraho nyene ingabo, anyaze ab’i Yerusalemu n’Abayuda, icishimikizo n’inkoni begamiye, icishimikizo cose, arico vyokurya vyabo, n’icishimikizo cose, ari co mazi yabo, hamwe n’umuhizi n’intore, n’umucamanza, n’umuvugishwa, n’Imana, n’umupfumu, n’umushingantahe, n’umugabisha w’ingabo mirongo itanu, n’umunyacubahiro, n’umujanama, n’umukozi w’umuhinga, n’umupfumu w’incabanganya. Nzobaha abana abe ari bo babatwara, kandi imicuko ni yo izobanganza. Abantu bazohahazanya, umuntu wese azohahazwa na mugenzi we, umuntu wese ahahazwe n’umubanyi wiwe: umusore azoshinyaguriza umutama, n’inkengerwa izoshinyaguriza umunyacubahiro. Ico gihe umuntu azofata uwo bavukana mu rugo kwa se, amubwire ati : Ko ari wewe ufise imyambaro, ari wewe utuganza, n’ibi bitongozi, aba ari wewe ubitwara. Nawe azosemerera ati: Sinshobora kubasanasana, kuko iwanje ata vyokurya ngira, ata n’imyambaro: ntaco mungira umutware w’abantu.
Yamara abantu banje abana ni bo babacuranguza, kandi abagore ni bo babaganza. Yemwe bantu banje, ababarongora barabazimiza, kandi bazimanganya inzira mwociyemwo.
Yesaya 3:1-7,12
Ni igiki cubakiye ku burongozi?
1. Ishengero ryubakiye ku burongozi bwaryo
Mw’ ishengero, uguhara k’uburongozi nyabwo bituma haba igwirirana ry’ivyaha, hamwe n’ababi, hamwe n’abarongozi atari bo mw’ ishengero. Uguhara kw’abarongozi nyakuri bituma imishaha ya benshi izimira, bapfa maze bakaja mu muriro udahera. Uti gute? Umurongozi w’ukuri ayoborera ishengero kuzana imishaha no gukora igikorwa c’intumwa. Mu gihe uburongozi bw’ishengero buhagaritse kwitaho imishaha yazimiye kandi iriko irapfa, amadini atari yo hamwe n’ayandi mashasha bica biboneraho akaryo ko kuvuka maze bikaganza.
Umubiri utagira umutwe ntaba ari umubiri. Ishengero ritagira umurongozi mwiza rirateye.
Mu vy’ukuri, igihugu cose kiba gikuru canke gisenyuka bivanye n’abarongozi baco.
Ingorane nka zose zo mw’ ishengero umuntu yozegeka ku guhara kw’umurongozi mwiza. Ugucanamwo mw’ishengero hamwe n’ibiterasoni bituruka kenshi ku guhara kw’uburongozi bukomeye. Iyi mirongo y’ijambo ry’Imana twabonye hejuru yerekana ingene Imana yari igiye kuvuma isi mu kuyaka abarongozi. Amashengero araduga canke agasenyuka bivanye n’uburongozi bwayo. Iyo habonetse umurongozi mwiza kandi akomeye, ishengero rirakura rigacika amahero. Iyo hari uburongozi bubi, amashengero ntaho ashika, n’ubwo umurongozi yoba asize amavuta menshi. Muhora mubona rimwe rimwe umukozi w’Imana asizwe amavuta mugabo afise ingeso mbi mu bijanye n’uburongozi. Ibango ryiwe kenshi rirasubira inyuma hakaba akajagari, kubera inyifato mbi mu bijanye n’uburongozi.
Uburongozi, ni ubuhinga. Ni kimwe mu bintu vyo bu buzima, abakozi b’Imana babwirizwa gutahura. Ukumenya gusoma no kwandika si ikintu co mu buryo bw’impwempu ; n’ubumenyi bujanye n’ivya buno buzima, umuntu abwirizwa kuronka. Ubwo bumenyi utabufise, ntaho ushika muri ino si. Ni co kimwe no mu bijanye n’uburongozi ! Ata bumenyi n’ubuhinga mufise mu bijanye n’uburongozi, igikorwa canyu ntaho kizoshika.
2. Igihugu cose cubakiye ku burongozi bwaco
Muri irya mirongo ya Bibiriya, Imana iriko iragabisha kuvyerekeye urubanza rukomeye kuri Yerusalemu no kuri Yuda. Imana yari yagabije guhana no gusambura amahanga. Yari igiye kubigenza gute? Ivyanditswe birabitomora neza.
Haraheze imyaka, narabajije umugenzi uwo azotora mu matora yari yimirije. Arabanza arakekeranya, hanyuma nca ndamubaza ikibazo gitomoye nti: « Mbega uzotora umukuru w’igihugu kanaka? »
Aca aranyishura muri ubu buryo ati: « Hamwe bombwira ngo ntore hagati y’umuhungu wawe w’imyaka ine, Dawidi, hamwe n’umukuru w’igihugu kanaka, notora umuhungu wawe w’imyaka ine. »
Arabandanya ati: « Nopfuma ntora impene ngo ibe umukuru w’igihugu hako ntora urya muntu.»
Biragaragara ko yaba umuhungu wanje, yaba impene, ataco vyomarira igihugu. Kugira uburongozi bw’abana n’inzoya, canke nkuko uwu muntu yariko arabivuga, bw’impene, ni muvumo.
Mbega ingaruka zo kugira abarongozi batabereye kandi bakandamiza abantu ni izihe? Bibiriya iraduha inyishu.
« Abantu bazohahazanya, umuntu wese ahahazwe na mugenzi we, umuntu wese ahahazwe n’umubanyi wiwe; umusore azoshinyaguriza umutama, n’inkengerwa, ishinyagurize umunyacubahiro.» (Yesaya 3:5).
Ntaho murabona kino gicapo: gukandamiza, akarenganyo, iterabwoba,n’irwirirana ry’ibibi vyose? Ni igiki gituma haba irwirirana ry’imirwi y’abaroberi muri Afrika, hamwe n’ingeso yo kunywa ibiyayura mutwe mu rwaruka rwinshi rw’i Buraya na Amerika? Mu gihugu ata burongozi bwiza namba buhari canke ari buke, uhasanga irwirirana ryo gusenyura inzego, abaroberi hamwe n’imirwi itera intambara.
3. Agatumba kubakiye ku burongozi bwayo
Imana yari igiye gukuraho uburongozi bwose bwo ku gatumba. Abantu bo ku gatumba bari bagiye gusigara ata murongozi bafise. Imana nyene ububasha bwose irazi iki cagezwe: Ata burongozi, nta gutera imbere! Ata burongozi, nta majambere! Ata burongozi, nta gutabarwa! Imana yari izi ko agatumba kazobona amahano niyakuraho abarongozi bako. Ibi biba kuko ikintu cose kiduzwa canke kigasamburwa n’uburongozi bwaco.
Imana nyene ububasha bwose, yari igiye kugomora kimwe mu mibabaro ikomeye, umuntu wese, igihugu canke umurwi w’abantu ushobora kugira: umubabaro wo kubura uburongozi. Muravye neza iki gisomwa, murabona ko Imana yariko irababurira ko igiye gukuraho uburongozi bwose bubaho ku gatumba.
…Uwuhoraho nyene ingabo anyaze… n’umuhizi n’intore, n’umucamanza, n’umuvugishwa, n’Imana, n’umupfumu, n’umushingantahe, n’umugabisha w’ingabo mirongo itanu, n’umunyacubahiro, n’umujanama, n’umukozi w’umuhinga, n’umupfumu w’incabanganya.
Mwize neza urwo rukurikirane rw’ibintu, muca mutahura mu buryo buteye ubwoba, ko agatumba kari gasigaye katagira uwurongora abantu, mu mice yose y’ubuzima bwako. Abungere bari bakuweho. Abanyepolitike bari bakuweho. Abasaza bari bakuweho. Abanyabwemge bari bakuweho. Bose bari bakuwe ku gatumba. Ivyo ndavyita umutumba utagira umutwe.
4. Umuryango wose wubakiye ku burongozi bwawo
Umuryango wose uratunga canke ugakena bivanye n’uburongozi bwa serugo. Kimwe mu bihano bikomeye Imana yashobora guha ihanga ryayo, kwari ugukuraho uburongozi bwose. Nkuko mubizi, isi iranka ubudamba. Mu gishingo rero c’uburongozi nyakuri, Imana yariko imenyesha ko hagiye kuba uburongozi bubi.
Nzobaha abasore babe abatware babo, maze n’abana abe ari bo babaganza…
Mu gishingo c’abavyeyi bashitsa ibanga ryabo ry’uburongozi, abana n’inzoya ni bo bari bagiye kwerekana inzira. Abo bana n’inzoya ni ishusho y’uburongozi ataco bushoboye kandi butagira ikimazi. Biragaragara ko uruyoya rutazi gutunganya ivyarwo, rutoshobora gutunganiriza igihugu.
5. Ikontina yubakiye ku burongozi bwayo
Kimwe mu binttu dukunze kuganira n’abagenzi, vyerekeye ingene kontina ya Afrika yifashe. Nama ntanganzwa n’ingene ata terambere rihari, hamwe n’urugezo ubukene buriko. Nkibwira nti: «Mbega ibi ni ibiki? Ntidushobora kwiyubakira amabarabara ubwacu? Kubera iki dukenera ko amashirahamwe yo hanze ari yo atwubakira amabarabara hamwe n’utuzu twa surwumwe?» Vyogutangaza cane ugiye mu gihugu ca Buraya ugasanga amashirahamwe yo hanze ari yo ariko arubaka amabarabara n’utuzu twa surwumwe. Kubera iki hari imibabaro myinshi n’indwara nyinshi mu bihugu biri mu nzira y’amajambere?
Insiguro nyinshi zarageragejwe gutangwa ku bijanye n’ibihugu bikenye hamwe n’ukudashinga imizi kwavyo. Bamwe bati hariho umuvumo uri ku rukoba rw’umwirabure. Abandi bati nuko ata demokarasi ihari. Hari n’abandi mbere bibaza ko hariho umuvumo kuri contina ya Afrika.
Nibaza ko impamvu nyamukuru ituma ibintu biguma ari bibi ari ukubura abayobozi beza.
Igihe cose hari umurongozi mwiza, muzobona ko hariho ugutera imbere, hamwe n’ubutunzi. Turashobora kubona neza uguhara kw’uburongozi mu mpande zibiri. Muzobona uguhara kw’uburongozi bu bijanye n’ivya buno buzima bufadika. Murashobora no kubona uguhara kw’u burongozi mu bijanye n’ivyo impwemu canke ibijanye na ekeleziya. Iyo habuze uburongozi muri ekeleziya, muzobona ukugaragara kwa vya bimenyetso nyene bijanye no kudatera imbere kw’ibango, ubukene, ukubura inyigisho, ukubura ubumenyi, hamwe n’irwirirana ry’icaha.
Turakeneye abarongozi mu mice yose y’ubuzima. Turakeneye abarongozi b’ukuri mu vya buno buzima bufadika. Harakenewe cane abarongozi mu vyerekeye ekeleziya. Iri ni ryo sengesho ryanje ko Imana ihagurutsa abarongozi b’ukuri, yaba wewe n’abandi benshi mu runganwe rwanyu! Vy’ukuri, vyose vyubakiye ku burongozi!
Igice ca 2
Fata ingingo yo kuba umwe mu barongozi bake beza bo muri ino si
Nimba wibaza ko wahamagariwe ibango ry’Imana, aho rero uhamagariwe uburongozi. Ni co gituma kino gitabu ari ica nkenerwa cane kuri wewe, kugira ngo ucike umurongozi mwiza, kubwo umwami Yesu Kristu. Pawulo yandikiye Timoteyo amubwira ngo akore ibintu bimwe bimwe, kugira ngo abe umurongozi mwiza. Hariho abakozi b’Imana beza n’abakozi b’Imana babi. Hitamwo kuba umukozi w’Imana mwiza!
... uzoba uri umukozi mwiza wa Kristo Yesu...
1 Timoteyo 4:6
Nimba mushaka gukora neza mw’ibango ryanyu, mubwirizwa kwiga ivyo uburongozi. Igihe cose ninjiye mw ’isomero ry’ibitabu, numva nkwegwa cane n’ikibanza kirimwo ibitabu bivuga ku burongozi. Narasomye ibitabu vyinshi bivuga ku burongozi. Narize cane kuri kino gisata gifise akamaro ntangere. Nshaka kuba umurongozi mwiza. Ibintu vyiza ntibikoroka biva hejuru nk’imyembe ihiye iva ku giti. Mubwirizwa kwiga mugatahura ivyo mubwirizwa gutahura vyose.
Biragaragara ko ata barongozi benshi beza bariho. Iyaba bahari, wewe nanje twari kubadoma ko urutoki bitagoranye! Nibaza ko hari imvo nyinshi zituma ata barongozi beza mu buryo bw’umwihariko bariho, ariko reka dutangure kuraba igituma abantu badashaka kubaabarongozi!
Rengera inzitizi kugira ngo ucike umurongozi
1. Rengera ukutamenya umuhamagaro wawe wo kuba umurongozi
Ntavyo bazi kuko ata n’umwe yabibabwiye! Nta n’ubwo bazi ko bashoboye kuba abarongozi. Hari abibaza ko abantu bake aribo bahamagariwe kurongora. Sinibaza ko abantu bamwe, bakeyi, aribo bavukiye kurongora. Ndizera ko abantu benshi bavukanye ubushobozi bwo kurongora, ariko ko batiteguriye kuriha ikiguzi co gucika abarongozi.
Uko ni ko ab’ inyuma bazoba ab’ imbere, kandi ab’ imbere bazoba ab’ inyuma.
Matayo 20:16
Kuko abatowe ari benshi, ariko abatoranijwe bakaba bake.
Matayo 22:14
Bibiliya iratubwira ko benshi bahamagariwe igikorwa. Umuntu wese yiyeguriye igikorwa c’umwami Yesu kristo, aba acitse umurongozi. Umukozi w’Imana ari mw’ ibango ry’ivugabutumwa abwirizwa kugaragaza ingeso nziza n’ubushobozi biranga uburongozi.
Nimba wahamagariwe ibango ryiwe, ni ukuvuga ko wahamagariwe kuba umurongozi. Ntushobora kubica iruhande!
2. Rengera ivyo mwagirizwa bibabuza kuba umurongozi
Abarongozi barabagiriza kenshi kuba indenzarugero muvyo bashaka gushikako. Barabagiriza kenshi ko umutima ubasunikira gukora ibintu atari vyiza. Naratangaye cane kumva abantu banyagiriza kuba ndi mw’ibango kubwo amafaranga. Ariko Imana yaravuganye nanje irambwira ko ukuvurwa bibwirizwa kubaho. Umurongozi mwiza wese afise abansi benshi. Kamere y’umurongozi mwiza wese ni uko aca inzira, kandi akaguma muri uwo murongo. Ivyo bisigura ko mushobora kuzazanira no gukomeretsa abantu bamwe bamwe.
Utikorera umusaraba wiwe ngo ankurikire, ntashobora kuba umwigishwa wanje.
Luka 14:27
Haraheze imyaka myinshi, nabwiye umuvukanyi umwe ko ntashaka kuba umurongozi mu murwi w’amasengesho kanaka. Ndamubwira ko nd’umuntu atekanye kandi nkunda gukingira ubuzima bwanje bwite. Ndamubwira ko ntashaka kuvuga ubutumwa canke ngo ndongore. Ariko Imana yari ifise uwundi mugambi ku buzima bwanje, none uno munsi, ndi umurongozi mu nzu y’Imana. Kuba umurongozi bizobasaba gutanga ikiguzi c’ivyo mwahora muha agaciro mu buzima bwanyu. Nsigaranye bike vy’ubuzima bwanje bwite. Abantu benshi barazi vyinshi ku buzima bwanje. Baramvuga bari muhira iwabo canke bari mu miduga yabo. Nkuko bigendera abarongozi bose, bamwe barampaya, abandi bakamvuga nabi. Ni wo mwandu w’umurongozi. Ni co gituma benshi bahunga uburongozi. Ariko Yesu yavuze ko mubwirizwa kwakira umusaraba mukamukurikira. Ubukristu bujana n’ikimazi. Ariko ntaco bitwaye kuko birabereye gucika umurongozi w’ishengero.
3. Tsinda ubwoba bwo kutemerwa.
Abarongozi benshi bahavuye batemerwa mugihe bari bamaze kwinjira mu bikorwa vy’uburongozi. Abandi bagize ibikomere bikomeye bongera baba mu bintu bibabaje cane. Abandi nabo basa n’ababambwe nabo bari barongoye.
Naragiye ndihweza ingene abarongozi basa n’abakengurukirwa mugusubizwa ikibi, kandi bamaze imyaka myinshi bitanga. Narabonye amashengero menshi (mvuze nti menshi koko) yirukana abungere bayo bamaze imyaka myinshi bayarongoye. Narabonye abungere basuzugurwa bakongera bakamaramazwa n’abanywanyi bakoreye imyaka myinshi, no mu kwitanga kwinshi. Narabonye abungere bankwa kubera ibintu bijanye n’amamodoka canke inzu. Birababaje! Turazi twese ingene Yesu yabambwe, mu gihe yari amaze imyaka itatu n’inusu y’ibango. Ni yo mpera yaronse yo kuba yabaye umuco umurikira ubwoko bwiwe.
Mu gihugu canje, narabonye abakuru b’igihugu benshi bicwa n’urutari urwabo mugihe bari bamaze imyaka myinshi barongoye igihugu. Twarabonye abacamanza bicwa ata kinya bahejeje guca imanza bemezwa neza ko zibereye. Ni nde none yokwipfuza kuba umurongozi mu gihe ibintu bimeze uko? Iyo mwize ivyagiye birashikira abarongozi, biratahurika ko abantu bahunga uburongozi, bakihitiramwo ubuzima butekanye, mu mahoro, no kutamenyekana. Ndatahura igituma umuntu yokwipfuza kuba kure y’abanyepolitike babesha hamwe n’uburongozi bwa ruswa.
Muri kino gitabu, ndabatumirira kwakira urumuri rw’uburongozi rukristo. Ndabatumirira kwitaba umuhamagaro w’uburongozi mw’ ishengero. Birabereye koko! Ibiguhiga birasa n’ivyo mu burongozi bwo muri ino si. Ivyo wagirizwa usanga kenshi ari bimwe. Ariko ntaco bitwaye!
Abarongozi bo muri ino si bakora kugira baronke impera y’abantu mu bijanye n’amafaranga canke icubahiro. Ariko izo ni inyungu zishira. Iyo mukoreye Yesu, muronka impera y’ibihe bidashira.
…abo bagenza batyo kugira ngo baze bahabwe igitsibo kidashira, ariko twebwe tugenza dutyo, kugira ngo duhabwe ikitazoshira.
1 Abo i Korinto 9:25
Ni kenshi nagize umubabaro utewe no kuba ndi mu burongozi. Ariko iyo niyumviriye impera zirindiriye abakorera Imana mu bwizigirwa, ivyo birantera intege. Ndazi ko umunsi umwe nzoba ndi mu mahirwe mu buryo bwose.
Dutumbereye Yesu we nyene, ni we nyanduruko y’ukwizera, kandi ni we yagusozereye; uwo, ku bw’umunezero yashizwe imbere, yihanganiye umusaraba, ntiyagira isoni zawo, avyagira i buryo bw’intebe y’Imana. Nuko mushire mutima kur’uwo yihanganiye ibihari bihambaye birtyo abanyavyaha bamuharirije, ntimucobogore, ntimudendebukirwe mu mutima wanyu.
Abaheburayo 12:2-3
4. Tsinda impwemu yo kumva ko uri muto
Hari abibaza ko badifise ibikwiye mu vy’ubwenge kugira ngo babe abarongozi. Abandi bibaza ngo ntibafise inyifato y ‘uburongozi. Abandi bibaza ko bafise ingorane nyinshi mu buzima bwabo ku buryo batoba abarongozi. Ntibashobora kwibaza ko boja guhangana n’ingorane z’abandi.
Ndabafitiye inkuru nziza uno musi. Imana ntikorana n’abantu batunganye. Ikorana n’abantu bafise ugushaka. Iraba umutima kandi irazi intege nke z’umuntu. Iyoba Yesu yarondeye abatunganye, nobamenyesha ko ata ntumwa n’imwe yari gutorwa ngo ije mu kibanza c’uburongozi bw’ishengero. Raba Petero nk’akarorero; yarihakanye Yesu incuro zitatu, hasigaye indwi nkeya gusa ngo abe intumwa. Yararahiye yongerako n’imivumo nk’umuntu atoba yarigeze yigishwa. Ariko umwami yaramukoresheje. Raba abandi bigishwa, nabo barwanira ibibanza bazoronka mw’i juru. « N’inde azoba mukuru? », Niko bamubajije.
Maze havyuka impari muri bo, z’uwo bagereranyako, ko ari umukuru, uw’ari we?
Luka 22:24
Bamaze gushwanira kumenya uwuzoba mukuru muri bo, bose baciye bata kristo, mu gihe yari abakeneye cane. Mbega mwokwizera abantu nkabo? Mwobakoresha? Umwami wewe yarabikoze! Ntukeneye gutungana kugirango ucike umurongozi. Iyoba vyari uko, nta murongozi n’umwe mw’isi canke mw’ishengero yobonetse. Ivyo ntibisigura ko ata ma bwirizwa ahari. Imana isaba ingeso n’inyifato vyo ku rugezo rwo hejuru. Ariko n’ubwo biri uko, ikorana n’abantu badatunganye.
Imana iraba umutima. Musuzume ko umutima wanyu ugororokeye Imana, hanyuma Imana nayo izoshobora kubakoresha.
… Erega jewe sindaba nkuko abantu baraba; kuko abantu baraba ku rukoba gusa, ariko jewe Uhoraho ndaba mu mutima.
1 Samweli 16:7
5. Tsinda ukwikunda
Abo bantu biyumvira ivy’abo gusa. Baranezererewe no kuba bafise agakiza. Baranezererewe kugira Mpwemu Yera. Baranezererewe ubutunzi bwabo. Ariko ntubabaze ivyo abandi. «Jewe nimba merewe neza», ni ko bibaza, «vyose bigenda neza». Iyo ni impwemu yo kwikunda.
Umuntu yikunda, ntumubaze ivyo kuja kwiga canke gutanga ikiguzi co kuba umurongozi.Ntashaka kugira ico akoze kugira afashe uwundi mushaha. Iyo