Beruflich Dokumente
Kultur Dokumente
mu muryango wabakristu
Diyoseze kuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 927461
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr Site: www.isokoryubuzimaburundi.fr.gd
Igiciro:100Fr 24/13
Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ryImana mu misa no mu buzima 16/6/2013 UMU SI MUKURU WABAMARATIRI BI BUGA DA UmwakaC
Karoli Rwanga: umumaratiri wagatangaza. Karoli yari afise imyaka 21, yakora ku kirimba cumwami Mwanga, mu Buganda. Ni we yasubiriye Yozefu Mukasa mu gufasha abashaka kubatizwa. Yarabaha inyigisho ndoramana mu mpisho. Umwami naho yari umusore wimyaka 18 yarashima gushurashuza abana (abahungu) bamukorera. Karoli Rwanga yama ariko arahanura abo basore ati: Umwami ni yabatera ubwoba, akabategeka kwihakana Yezu nukuvavanura nukwemera kwanyu, ntimuze gutinya; muze turinde rugabo dupfire Yezu. Hariho umukristu yitwa Daniel Sebuggwawo yari yaranse gushurashurana nUmwami, kubera inyigisho zijambo ryImana yaronse. Umunsi umwe, uwo mwami yaramurengukishije ku kirimba. Amaze gushika, umwami we nyene ubwiwe niwe yamwiciriye isozi nicumu. Umwami amaze kwumva ko Karoli Rwanga ari we mukuru wabakristu, yaciye ashinga itegeko ryukwica abakristu. Mu bakristu Karoli yahaye inyigisho ndoramana, harimwo umwana yitwa Kizito yari afise imyaka 13 gusa. Karoli yaramubwiye ati: Kizito, igihe cugupfa ni cagera, wemere tuze gupfira hamwe kubwa Yezu Kristu. Kukaba nkako, ico gihe cukwicwa carahavuye kiragera; umwami yategetse ko abakristu baturirwa.
Mukama ni Wewe Mana yanje mpora ndondera kuva mu gitondo ca kare; umutima wanje urakunyotewe. Nanje ndakwipfuza, muri iyi si yase imigaga itagira n'ikinyotera. Niko, narakubonye mu ngoro yawe, ndihweza ububasha n'ubuninahazwa bwawe; niho urukundo rwawe rwandutira amagara, ngashobora kugushimagiza! Niko nzoguma nguhezagira umwanya nkiriho, nzokwayira iminwe izina ryawe; niho nzohimba nk'uwagaburiwe imisoso n'ibinure, nzoguhaya mpimbarwe n'ukuguhoza mu kanwa...
ye agaheza akazuka, akaba kandi ariwe yicaye iburyo bwImana akatwambariza? i nde azodukura ku rukundo rwa Kristu? Mbe, ni amarushwa canke ni amaganya, ni uruhamo canke ni inzara, ni ukubura ico twambara canke ni amakuba canke ni inkota? kako, handitswe ngo: Twirirwa turicwa bakuduhora, noneho twari tumeze nkintama zimbagwa. Ariko muri ivyo vyose, turatsinda kubera uwadukunze. Egome, ndavyemeye ntakekereza: nta rupfu, nta buzima, nta nabamalayika canke intwaramiheto zo mwijuru, nta nibiriho canke ibizoza, nta nibifise ububasha canke ibiri mu kirere canke ibiri mu kuzimu, nta nikiremwa na kimwe kizoshobora kudukura ku rukundo rwImana rwamenyeshejwe muri Kristu Yezu Umukama wacu. INKURU NZIZA: Mat. 5, 1-12 a . Muranezerwa muhimbarwe, kuko impera yanyu izoba nini mwijuru Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Matayo: Yezu abonye ishengero rikoranye, aduga ku gasozi; ngo amare kwicara, abigishwa biwe baramwegera. Araheza atangura kuvuga, abigisha muri aya majambo Hahiriwe abari numutima ushima ubworo kuko Ubwami bwijuru ari ubwabo! Hahiriwe abitonda kuko bazotorana isi! Hahiriwe abari mu marira kuko bazohozwa! Hahiriwe abashonje nabanyotewe ubutungane kuko bazoshira ipfa! Hahiriwe abanyakigongwe: kuko na bo bazokigirirwa! Hahiriwe abari numutima mwiza kuko bazobona Imana! Hahiriwe abaremesha amahoro kuko bazokwitwa abana bImana! Hahiriwe abahamwa bahorwa ubutungane kuko Ubwami bwIjuru ari ubwabo! Muzoba muhiriwe ni babatuka, bakabaremera amabi yose kubwanje: muranezerwa muhimbarwe, kuko impera yanyu izoba nini mwijuru! umuhanuzi Natani amumenyeshe ko yamenje, agacumura kuriyo. Ico twotangarira kuruwo mwami Dawudi nuko yaciye amaramazwa nakabi yakoze avuga ati: acumuye ku Mana . Imana iravye aho ukwigaya kwiwe kugera yaciye imurekurira iciye kuri uwo muhanuzi nyene ati: oneho Umukama arakurekuriye igicumuro cawe ntuzopfa . Bavukanyi, intango yogukira nuko uronka ingabirano yo kumaramara no kwigaya gurtyo Imana igaheza ikaguhunda ikigongwe cayo. Hari abantu benshi bakongatarira mu gicumuro, bakadadaza imitima yabo ntibigere bamaramazwa nakabi bakoze. Ni murabe namwe abantu birirwa barica bene wabo, abo birirwa barakorora imbanyi, abo birirwa bararenga ibigo Ntamahoro bazokwigera baronka mu mutima batamaramaye ngo biture ico kigongwe cImana kidakama. No mu nkuru nziza twumva ico kigongwe cImana nyene twebwe abantu tuda-
shoka dutegera nubwenge bwacu, aba bafarizayo nubu babandanya batangara.Gatatu kose Luka atumenyesha ingene abafarizayo batumira Yezu kuza gusangira nabo. Yezu ntanumwe yinuba. Mugabo abafarizayo ntibamutegera na gato kuko yugururira bose. Turabonye uyu mugore yinjiye aho Yezu ari adatinya kuko arazi ko hari ubuzima. Tumenye ko mu migenzo yabayahudi mu gihe hari urubanza canke bariko barafungura ntamuntu bakumira, uwariwe wese yarashobora kwinjira. Uyo mugore yarazwi nabi muri ico gisagara, yari umucumuzi wicese ngirango yari imaraya . Ico tumutangarirako nuko ababazwa nivyo bicumuro akarira bose bamubona, ashaka ikigongwe kandi ariko agisaba numutima wiwe wose. Ntamahoro yumunyavyaha. Nguyo rero arunamye gushika no kunyundo za Yezu, amosozi amutanze hasi arasoma ibirenge vyiwe, abisize amavuta akoresheje imishatsi yiwe. Heza nawe ukubitize agatima ku bicumuro wama urwamwo, ubwo wama wubahuka kurira wibutse igihe cose uhemukira Yezu? Igihe cose wikura kuri bene wanyu? Abafarizayo turabona ingene bagaya uyo mugore; nivyukuri mumategeko yabayahudi uwukozeko wese umucumuzi ruhebwa nawe yaca ahumana nkuko yoba akozeko ikiziga canke ingurube. Ugaca wumva ko abafarizayo
umengo bari bafise ukuri bitwaje imigenzo namategeko yabo mu kuvuga ko uyo muntu atari uwImana, atari umuhanuzi kuko yubahuka gukorwako numucumuzi, ibintu bitangaje cane kubona yubahuka kumukozako imishatsi, ikintu kimaramaje kubabibona, bidahuye nimico yabayahudi. Dutegere neza uno musi, mu maso yuzuye ikigongwe ya Yezu nta mucumuzi ruhebwa abaho. Ivyiyumviro vyImana ntaho bisa bisana nivyabantu. Imana numunyakigongwe. Urukundo rwImana ntirugira ingero. Urukundo rwukuri rutanga ikigongwe, Yezu yazanywe nabacumuzi, yazanywe nokuduha ubuzima. Ico Imana idushakako numutima wigaye kandi wicishije bugufi, twame twemera ko turi abacumuzi gurtyo twiture ico kigongwe cImana kidakama. Paul mweranda niwe adukebuye aho yivuze we nyene ati: ninaba ndi muzima si je ndi muzima ni kristu ari muzima muri jewe . Ese kuva uno musi twokwama turondera kwimenya ukwo tumeze, tukabona aho turwaye, tugategera uburemere bwigicumuro imbere ya Yezu gurtyo tukamaramara, tukarira nkuyu mukenyezi ari kumwe na Yezu, tugaheza tukarondera gusubiza hamwe nUmukama, na benewacu mu guhurumbira isakramentu ryikigongwe. A. Paul RUCUMUHIMBA.
DUSHEMEZE IMA A KU MU SI KU MU SI
16/6 D AbapfiriyImana i 2Abapfiriye Israeli 7,1-2.9-14;
Buganda
Zab123,2-4.7b-8; Rom8,31-39 Yoh 12,24-26 canke Mt 5,1-12 2Kor 6,1-10 ; Zab97,1.23ab.3cd-4 ; Mt 5,38-42 2Kor8,1-9 ; Zab145,2.5-6.7.89a ; Mt 5,43-48 2Kor9,9,6-11 ; Zab 111,1-2.34.9 ; Mt 6, 1-6.16-18 2Kor 11,1-11; Zab 110,1-2.34.7-8; Mt 6,7-15 2Kor11,18.21b-30 ; Zab 33,23.4-5.6-7 ; Mt 6,19-23 2Kor 12,1-10 ; Zab 33,8-9.1011.12-13 ; Mt 6,24-34 Muzoba muhiriwe ni babatuka, bakaremera amabi yose ku bwanje. Muranezerwa muhimbarwe, kuko impera yanyu izoba nini mwijuru; nabahanuzi babatanze nuko babazigirije
17/6 L Herv 18/6 M Lonce 19/6 M Romuald 20/6 J Sylvre 21/6 V Louis de Gonzague 22/6 S Paulino
Mwarumvise iryavuzwe ngo ijisho ku rindi, iryinyo ku rindi eka jeho mbabwiye kudahangana numuhambazi Kunda abansi banyu, kandi musabire ababahama, ngo mwerekane ko muri abana ba so wanyu wo mwijuru aha izuba ababi nabeza
i wagira ico uhaye umurushwa, ntukigire urururimbo, kumwe abibara uko batari bagira mu masinagoga be no mu mayirango abantu babaninahaze
Mu gusenga nti muvuge menshi nkabashenzi, bibwira ko bumvirwa iyo bagwije amajambo. ti mugire nkabo, kuko so wanyu azi ivyo mukenye ti murunde amatungo yo hasi aribwa ningese numuswa, ibisuma bkimba inzu bikayasahura. i muhamwe itunga ryo mwijuru ho umuswa utagera tawoshobora gukorera ba shebuja babiri, kuko yokwanka umwe agakunda uwundi, canke yokwishimira umwe uwundi nawe akamunebagura...