Sie sind auf Seite 1von 4

KwIsoko ryUbuzima

mu muryango wabakristu
Diyoseze kuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 927461
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr Site: www.isokoryubuzimaburundi.fr.gd

" ukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1, 21)

Igiciro:100Fr 24/13

Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ryImana mu misa no mu buzima 16/6/2013 UMU SI MUKURU WABAMARATIRI BI BUGA DA UmwakaC

Banse guheba Imana...Uyu munsi duhamagariwe


gushemeza za ntwari zi Buganda. Sinzi ko muri mwebwe hoba hari abavuga ngo: ivyo ntibituraba, twebwe turi mu Burundi, ivyabaye mu Buganda biraba abi Buganda. Kandi twebwe ntidushaka gupfa, turi mu mahoro tugashaka kuramba. Erega abo bamaratiri nabo nyene bashatse kuramba. Mbere nubu baracariho. Turashobora kubambaza, nabo barashobora kutwumvira kuko bari mwijuru. Abamaratiri bi Buganda mu guto-ra Yezu, batoye kugendera mu rukundo rwiwe. Baranse kwipfuriza inabi Umwami Mwanga yatanze itegeko ryukubica. Umwami Mwanga na barya bifatanije nawe mu kubagandagura, ntibari bafise wa mutima uranga abemeye Yezu; nico gituma bakoze iryo bara ryukwica abateye kubiri nabo. Papa Fransisiko yama avuga ko abatagenzwa nImana yukuri bagenzwa nibigereranyo vyImana bigwiza amaganya mu bantu. Erega Imana ni yo soko ryubuzima bwukuri.Kugira ngo habe icibutso civyabaye, Ekleziya yama ihimbaza abamartiri bi Buganda kwitaliki 3 zukwezi kwa gatandatu. Mu gihugu ci Buganda naho, bashinze ko kuriryo genekerezo haba umunsi mukuru mu gihugu cose. Ni uburyo bwugutangaza ko umutima wabo bamaratiri ari wo ukwiye mu gihugu ngo amahoro arame muri bose na hose. Erega no mu Burundi ako karorero turagakeneye. Nubu hariho abashaka kwihora, abakumira abo badasangiye ivyiyumviro, abasinzikariza abandi umubiri kubera ishavu, abikuye ku Mana yurukundo Yamara naho biri uko, uyu munsi ntitwokwibagira gushimira abakristu bitangira abandi, na barya bose bemeye gupfa hako bakora ishano, hako bahemuka. No mu Burundi, hariho abagize inyifato isa niyabamaratiri bi Buganda. Muvukanyi, uyu munsi ikibazo ni kimwe: Urakunda Imana nkuko abo bamaratiri bayikunze? Ntutinye, izere uzoramba hamwe nabo mu bwami bwImana.

Karoli Rwanga: umumaratiri wagatangaza. Karoli yari afise imyaka 21, yakora ku kirimba cumwami Mwanga, mu Buganda. Ni we yasubiriye Yozefu Mukasa mu gufasha abashaka kubatizwa. Yarabaha inyigisho ndoramana mu mpisho. Umwami naho yari umusore wimyaka 18 yarashima gushurashuza abana (abahungu) bamukorera. Karoli Rwanga yama ariko arahanura abo basore ati: Umwami ni yabatera ubwoba, akabategeka kwihakana Yezu nukuvavanura nukwemera kwanyu, ntimuze gutinya; muze turinde rugabo dupfire Yezu. Hariho umukristu yitwa Daniel Sebuggwawo yari yaranse gushurashurana nUmwami, kubera inyigisho zijambo ryImana yaronse. Umunsi umwe, uwo mwami yaramurengukishije ku kirimba. Amaze gushika, umwami we nyene ubwiwe niwe yamwiciriye isozi nicumu. Umwami amaze kwumva ko Karoli Rwanga ari we mukuru wabakristu, yaciye ashinga itegeko ryukwica abakristu. Mu bakristu Karoli yahaye inyigisho ndoramana, harimwo umwana yitwa Kizito yari afise imyaka 13 gusa. Karoli yaramubwiye ati: Kizito, igihe cugupfa ni cagera, wemere tuze gupfira hamwe kubwa Yezu Kristu. Kukaba nkako, ico gihe cukwicwa carahavuye kiragera; umwami yategetse ko abakristu baturirwa.

Umutima wanje urakunyotewe, Mukama, Mana mfise.

Mukama ni Wewe Mana yanje mpora ndondera kuva mu gitondo ca kare; umutima wanje urakunyotewe. Nanje ndakwipfuza, muri iyi si yase imigaga itagira n'ikinyotera. Niko, narakubonye mu ngoro yawe, ndihweza ububasha n'ubuninahazwa bwawe; niho urukundo rwawe rwandutira amagara, ngashobora kugushimagiza! Niko nzoguma nguhezagira umwanya nkiriho, nzokwayira iminwe izina ryawe; niho nzohimba nk'uwagaburiwe imisoso n'ibinure, nzoguhaya mpimbarwe n'ukuguhoza mu kanwa...

TWUMVIRIZE IRYO IMA A ITUYAGIRA Umusi mukuru wAbamaratiri bi Buganda


IGISOMWA CA MBERE: 2 Abapf.Isr. 7,1-2.9-14. Hakurenga amabwirizwa ya basokuru twopfuma dupfa. Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri cabapfiriye Israeli: Umunsi umwe, abavukana indwi bafatirwa rimwe na nyina wabo; umwami Antiyokusi yashaka kubahatira ku nyama zingurube itegeko ribuza, abagomorerako ababakubita inkoni abarekurirako nibikoko. Umwe muri bo arabaserukira ati: Mbe ushaka kutubaza iki? Hakurenga amabwirizwa ya ba data, twopfuma dupfa. Uwa kabiri na we, mu gihe yariko aracikana avuga ati: Wa mugesera we, udukuye muri ubu buzima bwubu, yamara Umwami wisi azotuzurira ubuzima budahera, kuko dupfiriye amategeko yiwe. Hanyuma yuyo, bafata uwa gatatu, bamwica nabi. Buno nyene asokorora ururimi nkuko babimutegetse, atarika amaboko adatinya, aca avugana ubutwari ati: Ijuru niryo ryampaye izi ngingo zumubiri, mugabo kubera amategeko yaryo ndazirenza amaso, kandi niryo nizigiye ko rizozinsubiza. Umwami na we nyene be nabagendanyi biwe bagwa mu gahundwe kubera ubutwari bwuyo musore yaraba nkubusa ivyo kubabara. Igihe uno amariye gupfa, bazana uwa kane bamugira nkabambere. Bugingo ari mu gucikana, avuga ati: Wopfuma wicwa nabantu, iyo wizigiye ko Imana ariyo izokuzura; ariko wewe ntuzokwigera ugabana izuka ryubuzima budahera. IGISOMWA CA KABIRI: Rom.8, 31b-39. takizoshobora kudukura ku rukundo rwImana rwamenyeshejwe muri Kristu Yezu Umukama wacu. Ivyo dusoma mwibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani cuti zanje: Ko Imana isanzwe iturwanira, ni nde yoturwanya? Ko itimanye umwana wayo bwite, ariko ko yamuduhebeye twese, icoyitesha noneho kutugabira ibisigaye vyose kuruno Mwana niki? i nde azokwagiriza abatowe nImana? Mbega, Imana siyo ibagira intungane? i nde azobacira urwo gutsindwa? Mbega, ni yezu Kristu, kandi ariwe yapfu(Iyi nsiguro yibisomwa ijanye nidominika ya 11 yo mu mwaka C: Samuweli, 12,710.13; Galati 2,16.19-21; Lka,7,36-8,3). Bavukanyi, ibisomwa vyeranda vyuno musi wImana bidutumirira gutegera neza urukundo nikigongwe Imana ifitiye abacumuzi, ko Imana itanka umucumuzi mugabo yanka igicumuro. Mu gisomwa ca mbere uyu mwami Dawudi yarahemutse mu kurenga ibigo ku mugore wa Uriya mbere aca akoresha amayeri yicisha Uriya kugira abashe gucura uwo umugore wiwe. Naho abantu batabimenye mbere baranamushimira ngo agarukiye Umupfakazi, Imana yo yarabonye ko ari umuhemu kuko ntawinyegeza amaso yImana. Yaciye ituma

ye agaheza akazuka, akaba kandi ariwe yicaye iburyo bwImana akatwambariza? i nde azodukura ku rukundo rwa Kristu? Mbe, ni amarushwa canke ni amaganya, ni uruhamo canke ni inzara, ni ukubura ico twambara canke ni amakuba canke ni inkota? kako, handitswe ngo: Twirirwa turicwa bakuduhora, noneho twari tumeze nkintama zimbagwa. Ariko muri ivyo vyose, turatsinda kubera uwadukunze. Egome, ndavyemeye ntakekereza: nta rupfu, nta buzima, nta nabamalayika canke intwaramiheto zo mwijuru, nta nibiriho canke ibizoza, nta nibifise ububasha canke ibiri mu kirere canke ibiri mu kuzimu, nta nikiremwa na kimwe kizoshobora kudukura ku rukundo rwImana rwamenyeshejwe muri Kristu Yezu Umukama wacu. INKURU NZIZA: Mat. 5, 1-12 a . Muranezerwa muhimbarwe, kuko impera yanyu izoba nini mwijuru Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Matayo: Yezu abonye ishengero rikoranye, aduga ku gasozi; ngo amare kwicara, abigishwa biwe baramwegera. Araheza atangura kuvuga, abigisha muri aya majambo Hahiriwe abari numutima ushima ubworo kuko Ubwami bwijuru ari ubwabo! Hahiriwe abitonda kuko bazotorana isi! Hahiriwe abari mu marira kuko bazohozwa! Hahiriwe abashonje nabanyotewe ubutungane kuko bazoshira ipfa! Hahiriwe abanyakigongwe: kuko na bo bazokigirirwa! Hahiriwe abari numutima mwiza kuko bazobona Imana! Hahiriwe abaremesha amahoro kuko bazokwitwa abana bImana! Hahiriwe abahamwa bahorwa ubutungane kuko Ubwami bwIjuru ari ubwabo! Muzoba muhiriwe ni babatuka, bakabaremera amabi yose kubwanje: muranezerwa muhimbarwe, kuko impera yanyu izoba nini mwijuru! umuhanuzi Natani amumenyeshe ko yamenje, agacumura kuriyo. Ico twotangarira kuruwo mwami Dawudi nuko yaciye amaramazwa nakabi yakoze avuga ati: acumuye ku Mana . Imana iravye aho ukwigaya kwiwe kugera yaciye imurekurira iciye kuri uwo muhanuzi nyene ati: oneho Umukama arakurekuriye igicumuro cawe ntuzopfa . Bavukanyi, intango yogukira nuko uronka ingabirano yo kumaramara no kwigaya gurtyo Imana igaheza ikaguhunda ikigongwe cayo. Hari abantu benshi bakongatarira mu gicumuro, bakadadaza imitima yabo ntibigere bamaramazwa nakabi bakoze. Ni murabe namwe abantu birirwa barica bene wabo, abo birirwa barakorora imbanyi, abo birirwa bararenga ibigo Ntamahoro bazokwigera baronka mu mutima batamaramaye ngo biture ico kigongwe cImana kidakama. No mu nkuru nziza twumva ico kigongwe cImana nyene twebwe abantu tuda-

shoka dutegera nubwenge bwacu, aba bafarizayo nubu babandanya batangara.Gatatu kose Luka atumenyesha ingene abafarizayo batumira Yezu kuza gusangira nabo. Yezu ntanumwe yinuba. Mugabo abafarizayo ntibamutegera na gato kuko yugururira bose. Turabonye uyu mugore yinjiye aho Yezu ari adatinya kuko arazi ko hari ubuzima. Tumenye ko mu migenzo yabayahudi mu gihe hari urubanza canke bariko barafungura ntamuntu bakumira, uwariwe wese yarashobora kwinjira. Uyo mugore yarazwi nabi muri ico gisagara, yari umucumuzi wicese ngirango yari imaraya . Ico tumutangarirako nuko ababazwa nivyo bicumuro akarira bose bamubona, ashaka ikigongwe kandi ariko agisaba numutima wiwe wose. Ntamahoro yumunyavyaha. Nguyo rero arunamye gushika no kunyundo za Yezu, amosozi amutanze hasi arasoma ibirenge vyiwe, abisize amavuta akoresheje imishatsi yiwe. Heza nawe ukubitize agatima ku bicumuro wama urwamwo, ubwo wama wubahuka kurira wibutse igihe cose uhemukira Yezu? Igihe cose wikura kuri bene wanyu? Abafarizayo turabona ingene bagaya uyo mugore; nivyukuri mumategeko yabayahudi uwukozeko wese umucumuzi ruhebwa nawe yaca ahumana nkuko yoba akozeko ikiziga canke ingurube. Ugaca wumva ko abafarizayo

umengo bari bafise ukuri bitwaje imigenzo namategeko yabo mu kuvuga ko uyo muntu atari uwImana, atari umuhanuzi kuko yubahuka gukorwako numucumuzi, ibintu bitangaje cane kubona yubahuka kumukozako imishatsi, ikintu kimaramaje kubabibona, bidahuye nimico yabayahudi. Dutegere neza uno musi, mu maso yuzuye ikigongwe ya Yezu nta mucumuzi ruhebwa abaho. Ivyiyumviro vyImana ntaho bisa bisana nivyabantu. Imana numunyakigongwe. Urukundo rwImana ntirugira ingero. Urukundo rwukuri rutanga ikigongwe, Yezu yazanywe nabacumuzi, yazanywe nokuduha ubuzima. Ico Imana idushakako numutima wigaye kandi wicishije bugufi, twame twemera ko turi abacumuzi gurtyo twiture ico kigongwe cImana kidakama. Paul mweranda niwe adukebuye aho yivuze we nyene ati: ninaba ndi muzima si je ndi muzima ni kristu ari muzima muri jewe . Ese kuva uno musi twokwama turondera kwimenya ukwo tumeze, tukabona aho turwaye, tugategera uburemere bwigicumuro imbere ya Yezu gurtyo tukamaramara, tukarira nkuyu mukenyezi ari kumwe na Yezu, tugaheza tukarondera gusubiza hamwe nUmukama, na benewacu mu guhurumbira isakramentu ryikigongwe. A. Paul RUCUMUHIMBA.

ABAMARATIRI BIBUGANDA NI BANDE? Ijambo ryImana ryashitse mu gihugu cUbuganda mu mwaka


w1879. Umurwi wurwaruka wakiranye akanyamuneza iyo Nkuru nziza ya Yezu-Kristu. Abagera ku majana abiri, bahora bakoranira kwa Matiyasi Mulumba mu gisabisho. Bamwe muri bo bari abakozi ibwami kwa Mwanga, umwami wUbuganda wico gihe. Umwami Mwanga yari muto kuko yari afise imyaka mirongo ibiri. Mu misi yambere yarakunda abakristu, hanyuma agashaka kubosha ngo bakore ibikorwa bibi. Yoze-fu Mukasa yari umukristu akaba numwishikira ibwami, niwe yama ahanura urwaruka ngo umwami arubariye gukora nabi rusomwankire. Umwami bimutera umwikomo mwinshi cane, aca abibarira umushikira-nganji wiwe wa mbere asanzwe ari umwansi wabakristu. Yozefu aca ata-bwa mwibohero, acibwa umutwe yongera araturirwa igenekerezo rya 15/11/1885. Imbere yo gupfa, Yozefu yatumye ku mwami uwuje kumwica ati: Ubarire umwami ko ndenganijwe kandi ko ndamurekuriye numutima wanje wose, ndamuhanuye ko yohinduka kandi ntasubire guhama abakristu. Muri urwo ruhamo rwabakristu, Mutima wImana yari kumwe nabemera ngo babe intwari. Itariki 25 Rusama niho umwana wimyaka 16 yicwa acumiswe icumu mu muhogo numwami, ahorwa kumenyesha Yezu-Kristu. Karori Rwanga umukuru wumurwi wabakozi bumwami abonye ko bikomeye aca abatiza urwaruka rwaba katekumeni aribo: Kizito, Mbaga, Gyavira na Mugaga; baronka ubuzima bwImana mwibatisimu. Itariki ya 26/5/1886 niho Karori Rwanga na bagenziwe barengutswa numwami Mwanga, baremanga ko ari abakristu, ko bazoguma ari abakristu gushika gupfa. Mububabare barimwo, baguma bavuga bati: Hasigaye akanya gato ngo twibonere Yezu. Umwami abarekurirako abicanyi ngo bababohe izosi namaboko, baca bafata inzira ija i Namugongo baboshwe. Bagize urugendo rwibirometero 28, aho bahavuye bicirwa urwo agashinyaguro, bagaturirwa babona. Abicanyi bamaze imisi indwi bariko barategura umucanwa batuririramwo abo batoni bImana. Kwiitariki zi 3/6/1886, ku musi mukuru bahimbaza iyurira mwijuru rya Yezu-Kristu, niho abajanywe kuri Namugongo bicwa batekewe mu nkwi bagaturirwa babona. Imitima yabo idugana mwijuru mu buninahazwa na Yezu-Kristu, hafi yImana. Mubo umwami yahaye igihano co guturirirwa ku musozi Namugongo, harimwo nabapagani batashimishije uwo mwami. Muri abo bamaratiri, Matiyasi Mulumba niwe yabasumba, yari afise imyaka 50. Mu kumwica, babanje kumuca ibiganza, amaboko nibirenge. Abicanyi baramukurako ibice vyumubiri bakavyotsa abona ngo bamubabaze cane hanyuma bamuta mwishamba acikanirayo haheze imisi itatu. Igitigiri cabapfiriye Imana mu Buganda ni kinini cane. Abamenyekanye nkaberanda mu ba Gatolika ni 22, mu ba Anglikani ni 14 muri 64 bishwe. Aho Matiyasi Mulumba yamuka, abakristu babagabo nabagore baratotejwe, bamwe baricwa abandi barapfungwa. Uwitwa Munaku amaze gupfungurwa niwe yabaye uwa mbere wumwigeme yihebeye Imana mu Buganda. Abo batoni bImana mu bubabare bwumubiri barimwo, baguma baninahaza Imana mu bisabisho baguma bavuga. Igihe abariko barabaturira babatwenga ngo barabe ko Imana iza kubakura mu muriro, bishuranye ubutwari bati: Mushobora guturira umubiri wonyene, ariko ntimushobora guturira umushaha. Imana yarabakunze, ubu bibereye mu mahoro yImana.

DUSHEMEZE IMA A KU MU SI KU MU SI
16/6 D AbapfiriyImana i 2Abapfiriye Israeli 7,1-2.9-14;
Buganda
Zab123,2-4.7b-8; Rom8,31-39 Yoh 12,24-26 canke Mt 5,1-12 2Kor 6,1-10 ; Zab97,1.23ab.3cd-4 ; Mt 5,38-42 2Kor8,1-9 ; Zab145,2.5-6.7.89a ; Mt 5,43-48 2Kor9,9,6-11 ; Zab 111,1-2.34.9 ; Mt 6, 1-6.16-18 2Kor 11,1-11; Zab 110,1-2.34.7-8; Mt 6,7-15 2Kor11,18.21b-30 ; Zab 33,23.4-5.6-7 ; Mt 6,19-23 2Kor 12,1-10 ; Zab 33,8-9.1011.12-13 ; Mt 6,24-34 Muzoba muhiriwe ni babatuka, bakaremera amabi yose ku bwanje. Muranezerwa muhimbarwe, kuko impera yanyu izoba nini mwijuru; nabahanuzi babatanze nuko babazigirije

17/6 L Herv 18/6 M Lonce 19/6 M Romuald 20/6 J Sylvre 21/6 V Louis de Gonzague 22/6 S Paulino

Mwarumvise iryavuzwe ngo ijisho ku rindi, iryinyo ku rindi eka jeho mbabwiye kudahangana numuhambazi Kunda abansi banyu, kandi musabire ababahama, ngo mwerekane ko muri abana ba so wanyu wo mwijuru aha izuba ababi nabeza
i wagira ico uhaye umurushwa, ntukigire urururimbo, kumwe abibara uko batari bagira mu masinagoga be no mu mayirango abantu babaninahaze

Mu gusenga nti muvuge menshi nkabashenzi, bibwira ko bumvirwa iyo bagwije amajambo. ti mugire nkabo, kuko so wanyu azi ivyo mukenye ti murunde amatungo yo hasi aribwa ningese numuswa, ibisuma bkimba inzu bikayasahura. i muhamwe itunga ryo mwijuru ho umuswa utagera tawoshobora gukorera ba shebuja babiri, kuko yokwanka umwe agakunda uwundi, canke yokwishimira umwe uwundi nawe akamunebagura...

AKARA GA KABAMARATIRI: URUKU DO RWA GIKRISTU.


Abamaratiri nabanywanye nImana vyukuri kuko baranguye ibwirizwa ryurukundo gushika aho baheba ubuzima bwabo. Iyo duhimbaza abamaratiri, tuba turiko turaha icubahiro abo bitangiye abandi kubwa ba Kristu. Mbega babishoboye gute? Kristu we nyene araduha inyishu: giryo ibwirizwa: ni mukundane . Mbega abahwanira mu bintazi, mu kaborerwe canke mu mashirahamwe yivyisi bo ntibakundana? Mu kutubwira ngo: i mukundane . Kristu aratwigisha akaranga urwo rukundo rwisangije: Ibwirizwa ryanje, nuko mwokundana nkuko nanje nabakunze . Ego cane, ni dukundane kugira ngo tuzotorane ubuzima budahera, mu bwami bwImana. Ni tugire urunani rwurukundo rwUmukiza wacu. Yezu arabandanya ati: tawushobora kurusha urukundo uwiguze abagenzi biwe . Ni dukundane gushika aho bibaye ngombwa dutanga ubuzima bwacu. Abamaratiri babaye mururwo rukundo rwitanga, nka rurya dusanga mwibaruwa rya Yohani (1Yohani 5, 13). Dusabe natwe Imana ngo iduhe urwo rukundo rwitanga, rwiheba, ngo tuzoshobore kuberwa no kwinjira mu bwami bwijuru. Ni agahore, Umukama aragaburira abo bose bamugendanira. Mu Nkuru Nziza, abatumwa nibo bagaragaje ubwambere ko abantu bashonje. Yabatoye azi ko bafise iyo ngabirano yukubona ico abantu bakeneye. Birahimbaye muri Ekleziya kuba dufise abatumwa Yezu acako kugira ngo turonke ibidutunga. Baturonsa ibidutunga cane cane vyumutima. Akarorero ni umwigeme yitwa Marita ROBIN yashinze ama Foyers de Charit yamaze imyaka irenga mirongo itanu abeshwaho na Ukaristiya yonyene, akaba yayakira rimwe mu ndwi. Iyo dushikaniye Imana muvyo yaduhaye, Umusaserdoti aravanamwo ibikenewe kugira ngo inkuka ya misa turonkamwo Yezu yihishije mu bishusho vyumukate ibandanye iherezwa uko iminsi yakabaye, hakongera hakavamwo vya nkenerwa ngo Umuryango wabemera ugume usagaraye, nabakene nabo nyene bakaronka ikibafasha. Muri rusangi, ibishikaniwe Imana bifasha mu gutunga abasaserdoti, mu kumenyesha Inkuru Nziza (kwubaka amasengero, guha uburyo abaja gukwiza hose Inkuru Nziza, nibindi) nugufasha abakene. Iyo hari benshi bamaze gutahura icarico gutanga ikigira cumi civyo baronka, Ekleziya iraheza ikahatorera akajisho. Abatumwa barabonye umwana yari yitwaje induhuro. Uyo mwana yarahevye utuntu duke yari yatekeyeko impamba, utwo duke tuba ari two tugaburira abantu barenga ibihumbi bitanu. Ubwo jewe, ndemera gutanga, muri turya tuntu duke mfise ngo mpe akaryo Yezu kugukora igitangaro? Ekleziya iracakenye. Irakeneye turya tuntu wewe ubwawe ukengera, kuko dushitse mu biganza vyUmusaserdoti ari mu kibanza ca Yezu, biraheza bikarwizwa incuro nyinshi. Nawe aho uba wakuye, Imana iraheza ikaguma ihahezagira, muvyo tubonesha amaso no mu bindi kumbure tutazoca nikanda. Uyu mwaka wukwemera ntudupfeko ubusa ngo udusige uko wadusanze, kuko ukwemera nyakwo ari ukubonekera mu bikorwa. Dieudonn MPEBEYE, Kanyosha. DUCISHEMWO DUTWE GE. Hari umwana wuimbere mu vyishule, nta na rimwe tubona ufashe ikaye ngo ukore imyimenyerezo canke ngo ufate ku mutwe ivyo munyeshure yari afise urwangara rwinshi mu vyeremwize. Wewe ntubona ko tugeze mu bihe vyaho keye kwiga. Yaja kwishure barinze gufata inkoabantu batize bibagora kwibeshaho no kubana ni. Nta na rimwe yafata ikaye ngo asubiremwo nabandi? Emwe nta mutwe ugira! Nya mwana ivyigwa, nta na rimwe yakora imyimenyerezo aca yishura abavyeyi biwe ati: one ntimwumva ko umwigisha yatanze ngo bakorere muhira. Umusi muriko murangora? Mushaka kumbohera ku vyigwa umwe, nishavu nakantu, abavyeyi babwira uwo mwavyo gufata ku mutwe kandi muzi ko ata mutwe mfise? na bati: Wewe waratuyobeye, ntiwitwararika gutera

Umukama aratwitwararitse kandi aratubabaye.

Das könnte Ihnen auch gefallen