Beruflich Dokumente
Kultur Dokumente
mu muryango wabakristu
Diyoseze kuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 927461
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr Site: www.isokoryubuzimaburundi.fr.gd
Igiciro:100Fr 43/13
27/10/2013
gira ngo ijambo ryiwe ndarimenyeshe bimwe bishemeye kandi rishikire abapagani bose. anje naravuye mu menyo y'intambwe; Umukama azonkiza icitwa akabi cose kandi azondonsa ubwami bwiwe bwo mw'ijuru. iwe akwiye ubuninahazwa mu myaka yose. Amen. INKURU NZIZA: Luka. 18, 9-14 Umutozakori niwe yatashe agabanye Ivyo dusoma mu Njili nyeranda, yanditse Luka: Umunsi Umwe, Yezu yaciriye uyu mugani bamwe bagira ngo nibo beranda bagakengera abandi, ati: Abantu babiri baraduze mw'isengero gusenga umwe akaba n'Umufarizayo, uwundi na we umutozakori. ya Mufarizayo, umutwe aranega, ku mutima asenga, agira ati: Mana yanje, ndagushimiye, kuko ntameze nk'abandi, bo bariba, bakarenganya abandi, bagasambana, kandi simeze nk'urya mutozakori; nisonzesha kabiri mu ndwi, ngatanga imperezwa y'ivyo ntunze vyose. Wa mutozakori na we, aguma kure, ntiyubahuka n'uguhanga ijuru, mugabo yikubita ku gikiriza, avuga ati: Mana yanje, ngirira ikigongwe, jewe munyabicumuro. dabibabwiye: uyu niwe yatashe agabanye, na we umwe wa mbere haba namba. Kukaba nkako, umuntu yihaya azoteterezwa, na we uwicisha bugufi azoshemezwa. . Ariko kandi ubutungane ni ugukunda mugenzawe, ukudakora ikimubabaza. Umuntu asomye uyu mugani arategera ko hari abagerageza kugendera ubutungane. Ariko kandi hari bamwe bibaza ngo ni intungane kandi atari zo; gurtyo ubutungane bibaza ko bafise bukabatuma gukengera no gucira urubanza abandi baharura mu bacumuzi. Si vyiza gukengera abandi. Yezu arabibuza. Kuko Imana nta numwe ikengera. Uko umuntu ari kose Imana iguma imukunda. Ni nka kurya umuvyeyi atokumira umwana yavyaye ngo ni uko yamugaye amaboko canke amaguru; aguma amukunda kuko ari umwana wiwe. Urukundo rutosoye rwama rutangaje kugeza hiyo. Urwo rukundo na rwo rwiyerekeza kuwurukeneye gusumba abandi. Erega uwo benshi bashibura ni we aba akeneye urukundo rwinshi kugira ngo abone ko afise na we iteka mu bandi bantu! Urukundo rwImana ni urukundo rudaharura. Abantu babiri baraduze mwisengero gusenga, umwe akaba ni umufarizayo, uwundi na we, umutozakori. Aba bantu babiri ni abantu batandukanye rwose! Umufarizayo ni umuntu yibonamwo ubutungane bwakarorero. Umutozakori na we ni umucumuzi wakarorero kabacumuzi. Nkako mu gutoza amakori, abatozakori barashobora kwiba: amakori amwe barayinjiza mu kigega cababatumye, ayandi na yo bagashira mu mifuko yabo. Ntawodeha ko no mu batozakori bo mu Burundi hari bamwe bakora gurtyo! Ugiye mu masoko canke ugaca mu mabarabara hamwe usanga batambitse imigozi, hari aho usanga hari abatozakori bakira amahera 200 bari kwakira 500. Ayo 200 nta quittance atangirwa. Ayo
wucirize bamwe bigira ngo ni bo beranda bagaheza bagakengera abandi. Yezu yarakunda kwigisha akoresheje imigani nimvugo ngereranyo. None uyu musi Yezu aciye umugani wumufarizayo numutozakori. Uyu mufarizayo ni uwibwira ko ari intungane agakengera umutozakori. Uyu mutozakori na we tukamwumva yicisha bugufi mu gusaba ikigongwe Imana. Mu bisanzwe twese dufise umuhamagaro umwe wo kuba beranda. Ukuba beranda ni ukugendera ubutungane. Ubutungane na bwo ni uguha Imana icubahiro kiyikwiye. Intungane ni uwo wese yubakira ubuzima bwiwe ku Mana, akarazwa ishinga no kurangura ishaka ryayo. Uyu mugani Yezu yawuciriye abafarizayo. Bano na bo bari abantu bari bagerageje kurwanya uruhamo rwagirirwa abayahudi, rugirwa nuwitwa ANTIYOKUSI EPIFANE. Muri ico gihe hari bamwe mu bayahudi bataye ukwemera; ariko mu bafarizayo hari bamwe barwanye ngo ntibatwarwe nimico nimigenzo yabapagani. Bagerageje kwerekana ko ubuzima bwabo bwubakiye ku Mana no ku mabwirizwa, gushika naho batangarirwa ndetse bagakundwa nabantu bato bato. Ubutungane rero ni ukwubaha Imana, ni ukudakora ibishavuza Imana.
adatangiwe quittance ntaheza ngo yinjire mu kigega ca Leta. Gurtyo uzosanga umutozakori ari umuntu atunze cane ibitaciye mu butungane, kandi kumbure ahembwa amahera abayabaye. Abatozakori bo mu gihe ca Yezu bo bongerako nivyo bagunga abantu bato bato. Akarorero ni Zake nkuko tuzovyumva ku musi wImana uza. Ivyo rero vyatuma abatozakori badakundwa nabantu bato bato. Ngira ni nka kumwe dusigaye tubona abantu bamwe bamwe bumvise OBR biruka baca ku biti namabuye! Ariko kandi hari nikindi catuma abatozakori badakundwa. Ni uko bakorakora amahera yabaromani. Mu maso yabayahudi, abatozakori bari abantu baba bihumanije kuko ayo mahera bakorakora yariko ishusho ya Sezari, umwami wabaromani; uwo na we akaba yafatwa nkikigirwamana kandi carazira gukorera ibigirwamana. Ni ukuvuga rero ko umutozakori yashirwa mu mugwi wabahakanye ukwemera kwabo, yafatwa nkumupagani canke nkumusambanyi. Ni vyo twumvise muri uyu mugani. Umufarizayo arenzwe nubwishime avuga ati: Mana yanje ndagushimiye kuko ntameze nkabandi, bo bariba, bakarenganya abandi, bagasambana; kandi simeze nkurya mutozakori, nisonzesha kabiri mu ndwi, nkagororera ivyo ntunze vyose (ntanga icicumi civyo ntunze). Kumbure ivyo yarabikora. Ni vyo. Mugabo ibwirizwa ryategeka umusi umwe wo kwisonzesha mu mwaka mu musi wirtyororwa (Yom kippour). Mugabo hari ababona ko uyo musi umwe udakwiye ku buryo bibabaza mu kwisonzesha kabiri mu ndwi. Nubu bene abo bariho, kandi si bibi. Ibwirizwa ryategeka kandi gutanga icicumi cumwimbu kugira ngo gifashe aboro nibikorwa vyisengero. Mugabo abafarizayo bari bongeyeko gutanga icicumi civyo umuntu atunze vyose, nivyo aguze birimwo. Ubu twovuga ko ari bimwe bita
TVA (ikori nyongeragaciro ku kiguzwe). Ivyo vyose umufarizayo arabishimira Imana. Kandi ni vyiza. Hamwe abantu bose bo kwisi bomera nkuko...! Isi yohinduka iparadizo! Ariko muri ivyo vyose harimwo ubwishime! Harimwo nubwiyorobetsi! Ubwiyorobetsi nubwishime nkubwo abafarizayo nubu buriho. Ibicumuro nkivyo abafarizayo nubu biriho. Hariho abantu barazwa ishinga no kwambika ibara abandi babagiriza ibi canke biriya. Ivyo tukavyumva mu maradiyo no mu bindi bimenyeshamakuru nahandi. Ariko hari nabandi ububisha bwabaye ubuhizi: barica, bakiba, bakononera abandi... Uwemera wese akwiye gusaba Umukama ngo amurinde agatima kubwishime nubwiyorobetsi kugira ngo ntakengere abandi canke ngo abanebagure. Umucumuzi na we akwiye gufatira akarorero kuri uyu mutozakori atubahutse nuguhanga ijuru mugabo akikubita ku gikiriza avuga ati: Mana yanje ngirira ikigongwe jewe umunyabicumuro. Murumva ko uwo mutozakori atawundi yituye atari Umukama Imana. Ntiyishimiye inguvu ziwe, ubona ko atazo yari agifise. Yezu na we mu kuducira uyu muga-ni aradufasha gutahura ko uko twiyumvira Imana atari ko dusanga iri. Imana ntiyiyumvira nkabantu. Imana ni Rukundo. Imana ni Kigongwe cuzuye. Imana ibabarana numucumuzi yigaye. Umucumuzi arakeneye kwuzuzwa ivyiza vyImana gusumba intungane. Erega ntawuzuza igisabo gisanzwe cuzuye! Ni co gituma na Yezu atubwira ko atazanwe nintungane, yazanwe riho nabacumuzi ngo bakire. Dusabe Umukama ngo aturinde kugwa mu bwishime nubwiyorobetsi twibwira ngo ni twe beranda tugakengera abandi; ariko kandi dusabe numutima wo guca bugufi igihe cose tuba twacumuye, tubashe kwitakambira nkuwo mutozakori twisabira impore ku Mana mu kugaya akabi kacu. Amen.
DUSHEMEZE IMA A KU MU SI KU MU SI
27/10 D Idominika ya 30 C Siraside35,12-18 Zab33,2-23 Uyu niwe yamanutse agabanye, nayo umwe wa mbere haba namba.
Antoinette 28/10 L Simoni na Yuda 2 Tim 4,6-18 Lk. 18,9-14 Umuntu yihaya azoteterezwa, nayo uwicisha bugufi azoshemezwa Efezi 2,19-22 Zab.18,2-5 Bari baje kumwumva kandi ngo abakize indwara zose. Kandi nabari begeranijwe nimitima ihumanye barakira Lk. 6,12-19 Rom 8,18-25 Zab 125,1-5 Mbe bane, Ubwami bwImana busa niki? Busa numwambiro umu-gore yakiriye agasuka mu ngero zifu zitatu gushika vyose bikakame Lk. 13,18-21 i mwihate ngo mushobore kwinjira mu muryango upfunganye; Rom 8,26-30 Zab 12,4-6 ndababwiye yuko benshi bazoshaka kwinjira yamara ntibabishobore Lk. 13,22-30
Rom 8,31b-39 Zab108,21-31 Genda mubwire iyo mbwebwe ko ndiko ndirukana amashetani nkongera ngakiza indwara, uyu musi nejo; naho ku musi ugira gatatu nzoba mpejeje Lk. 13,31-35
29/10 M
arcisse
30/10 M Serapiyo,
Marcelo
S Ukwibuka
abakristu bapfuye
Ivyah7,2..14 Zab 23,12-20 1Yo 3,1-3 Mt. 5,1-12 Izaya 25,6-9 ; Zab24,621 Ivyah 21, 1-7 Mt. 5,1-12
Hahiriwe abahamwa bahorwa ubutungane, kuko Ubwami bwijuru ari ubwabo. Muzoba muhiriwe ni babatuka, bakabaremera amabi yose ku bwanje
Hahiriwe abashonje nabanyotewe ubutungane kuko bazoshira ipfa. Hahiriwe abanyakigongwe kuko nabo bazokigirirwa.
Mbe ni kuki umuntu arinda gupfa? Mu guhoza uwabuze uwiwe, abantu benshi bakunda kuvuga ngo:
ni wihangane, niko bimeze, nubuzima, twese niyo tuja... Ni ivyukuri, abantu baravuka, bagakura, bagapfa. Niko biri. Ariko ni tureme: urupfu si iherezo rya vyose, si rwo rufise ijambo rya nyuma. Tubiravye, urupfu ruradufasha gukunda ubuzima no kububungabunga. Ruratubabaza iyo rudutwaye abacu, ariko bikadutuma kubona ko ubuzima ari ingabirano turonka, ko atari twebwe tubugaba. Birumvikana ngo urupfu rutubabaze kuko rudutandukanya nabo dukunda. Ariko kandi ruratwibutsa ibihe vyiza twaciyemwo turi kumwe nabacu Imana ihamagaye. Urukundo rusumba vyose, rusumba umubabaro tugira imbere yurupfu. Ivyo nivyo Yezu yatwumvishije aho yapfa hanyuma akazuka kubwacu. Marie Renard Supplment Pelerin juillet 2012
Dukunde
gusoma
ibinyamakuru
bituyagira
ivyImana.
Bavukanyi bIkinyamakuru KwIsoko ryUbuzima ndabaramukije amahoro yImana, amahoro twagabanye kubwurukundo twakunzwe nUmukama wacu Yezu Kristu. Mu buzima, twarahawe kumenya vyinshi ariko twokwihatira cane ibitwuzuriza nImana, cane cane mu gusoma ibinyamakuru bidufasha kumenya Imana. Turaheza tukungura ubumenyi mu vyImana, tukazirikana kandi tugatahura ijambo ryImana, na ryo rikatumurikira aho turi hose, mu bihe vyose vyamasabamana tugezemwo. Biratwungura bikadukomereza ukwemera, imico nimibano ya gikristu. Jewe ikinyamakuru KwIsoko ryUbuzima caramfashije ndi mu bibazo vyinshi vyubuzima; maze kugisoma nasanzemwo ibintu vyinshi vyubaka, bintuma ndagikunda cane, gituma ntera intambwe mu bukristu bwanje. Ico nobatumirira, nuko mwokunda ico kinyamakuru kuko kizotuma mumenya vyinshi. Gikunde mugikundishe nabandi. ikuze Thierry DUCISHEMWO DUTWE GE: Umukecuru yari avuye gusenya udukwi, ahura nimpfizi yinka yica. Imukubise ijisho, ica iza bwarumye ngo imwirenze. Wa mukecuru nawe, aca ata hasi za nkwi ayakoramwo ariruka. Ya mpfizi imuja inyuma. Bariruka kugera ku mwonga. Bugingo uno mukecuru akiraba ingene yosimba umwonga, ya mpfizi iraza, imuyoza amahembe, iramutwara no murufunzo ngo ba! Ica irisubirira inyuma. Wa mukecuru aravyura amaso buhoro buhoro, arayiraba, aca arikandakanda, yumva ntaho ababara. Niko kwivugana, ati: Pu! Ese ukuntu wari mwiza. Emwe abasore mufise amanyama, mugabo nta bwenge. Ubu iyo wari kuntwara ukanta mu nzu iwawe, nogiye ndagusenyera, nkagucanira akariro, imbeho ugasigara ubaza. one genda uzokwicwe nimbeho urumwe ...