Beruflich Dokumente
Kultur Dokumente
mu muryango wabakristu
Diyoseze kuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 927461 Email: sokoryubuzima@yahoo.fr Site: www.isokoryubuzimaburundi.fr.gd
Igiciro:100Fr 7/14
16/2/2014
Imana iciye ku bahanuzi no ku vyanditwse vyeranda iratwumvisha ko tworangura amabwirizwa yadushikirije ata na rimwe dukuyemwo. Umwitwarariko wacu wa mbere woba uwo kuguma mu bunywanyi bwImana. Imana yaraduhaye umwidegemvyo mu buzima bwacu: dutegerezwa guhitamwo ubuzima canke urupfu. Uwuhisemwo ubuzima, arangura amategeko yImana agaheza agashikira ubuzima bwimyaka yose. Uwugararije amabwirizwa yImana nawe atorana urupfu rwakagirire. Mu vyukuri, twese twaremewe kwubaha Imana no kuyigamburukira, ngo umusi uri izina tuzokwibanire na yo.Yaraduhaye ubwenge ngo dushobore gusobanura iciza nikibi. Abatumwa bayo bamurikiwe na Mutima Mweranda baratwigisha ko Imana yadukunze igaherezako mu kuturungikira Umwana wayo Yezu yatwitangiye ku musaraba ngo arokore abantu bose, bashobore gushikira ivyiza vyose Imana yateguriye abayikunda. Yezu arashimikira cane ku migenderanire myiza itegerezwa kuba hagati yabantu nabandi. Tubeho mu kuri, dushingire intahe ukuri. Bavukanyi, ni twaba twifuza gutera intambwe mu bweranda, tugumize ku muzirikanyi ko Yezu yanka ububeshi, ukwiyorobeka, agahemo, indimi zibiri, ukwihindukiza mwijambo, ukuzuruma abandi, eka ico cose kitari mu kuri. Ego yacu nibe ego, oya na yo ibe oya, ijambo ryose riva mu kanwa kacu ribe riserura ukuri kwacu, ryemerwe tutarinze kurige-rekako indahiro! Ivyo tuvuga, ivyo twemera, natwe tubibemwo. Imvugo, ijane ningiro. Twubahe kandi twubahirize abungere bacu baduherekeza mu rugendo rwubweranda.
uwuzoyakora akayigisha, uyo azogirwa mukuru mu Bwami bw'ijuru. Kuko ndabi babwiye ni mutaru-sha ubutungane abigisha n'Abafarizayo, ntimuzo-geza ikirenge mu Bwami bw'ijuru. Mwarumvise ivyabwiwe ba sokuru, ngo ntimwice ; uwuzoramuka yishe bizomuhama ku rubanza. Jeho ndababwiye nti: uwuzoramuka agiriye ishavu mugenziwe, azobibazwa ku rubanza; na we uwuzokwita uwundi ikirere, bizomukwega imbere ya sentare; amwise na ho umusazi, azotabwa mu nyenga y'umuriro. i waza rero guhereza ishikanwa ryawe kw'altari, ariko ukibuka ko mugenzawe agufitiye akajirya, uraca usiga nya shikanwa ryawe ngaho nyene imbere y'altari, uheze ugende musubize hamwe na mugenzawe, uhejeje ugaruke guhereza ishikanwa ryawe. Subiza hamwe n'ingoga n'uwo mushize kubiri, mugifatanije akayira, kugira ngo ntahave agushira umucamanza, na we agushire mu ntahe, hanyuma bahave baguta mw'ibohero; ni ivy'ukuri ndabikubwiye, n'isenge utayishuye ntuzovayo. Mwarumvise ivyavuzwe ngo: tuzosambane. Jeho ndababwiye nti : Uwuzoramuka aravye umugore w'uwundi amwipfuza, mu mutima wiwe yamaze gusambana na we. one rero, ijisho ryawe ry'iburyo rigutirimukije, rirandure urite kure; wopfuma uba ikimuga, hako umubiri wawe wose uko wakabaye wotabwa mu nyenga. a ho iminwe y'iburyo igutirimukije, yice uyite kure; wopfuma uba ikimuga, hako umubiri wawe wose uko wakabaye wotabwa mu nyenga. Iryavuzwe ni uko uwuzokwirukana umugore wiwe azomuha ikete rimenyesha ko yirukanywe. Jeho ndababwiye nti :Uwo wese yirukana umugore wiwe, kiretse ni yaba yakoze ibiterasoni, aba amutumye kuba umusambanyi; kandi uwabira umugore yirukanywe, na we ni umusambanyi. Mwarumvise ivyabwiwe ba sokuru, ngo tuzorahire ikinyoma, ariko urakorera Umukama ivyo wamuraganiye. Eka jeho ndababwiye kutarahira namba habe n'ijuru, kuko ari icicaro c'Imana, habe n'isi, kuko ari urwuririzo rw'ibiren-ge vyayo, habe na Yeruzalemu, kuko ari igisagara c'Umwami mukuru. turahire umutwe wawe, kuko ata n'agashatsi kawo wobwira ngo kere canke kirabure. Imvugo yawe ni ibe: Ego, ego, Oya, oya; ibisigaye vyose biva kuri Sebibi. abatari bake. Mu gihe ca Yezu, bavuga ko umugabo ashobora kwirukana umugore amuhaye ikete rimenyesha ko yamwirukanye. No muriki gihe turimwo, hariho abavuga ko umugore numugabo basezeranye rukristu bashobora kwahukana mu gihe sentare ibaciriye urubanza. Ariko indagano zabubatse rukristu zihagaze ku Mana, nayo iraruta sentare. Umugore si nkitongo amuntu ashobora kugurisha ngo aronke irindi. Umuntu aruta itongo. Umuntu afise igiciro ntagere kuko Imana
yaramukunze gushikaho yemera no kumupfira. Ukwubaka rukristu nisakramentu ryeranda dukwiye gusonera nkuko twubaha Imana. Abashigikiye ko abasangiye igitsina bokwubakana nkumugabo numugore, ivyImana vyarabasize. Abo nabashaka gutanga amategeko yukwubaka adahura nimigambi yImana; ni bategere ko atari bo Mana, ko akari mu nda yingoma kamenywa nuwayika-nye. Itegeko ryoturanga ni rimwe: iryurukundo. Urukundo ntiruzirana gusa nubwicanyi, ruzirana nishavu, nugutoteza uwundi, nugukora ico cose cotuma dukumira umuntu. Hari abishigikira
bariko bariba bakitwaza ngo: umugabo nuwurya utwiwe nutwabandi. Ntituzi gusaba ikigongwe ku bibi vyakozwe mu gihe cindwano; womengo murico gihe gukora nabi vyari birekuwe. Hari nababesha bishimikije ngo utabesha ntasumira umwana. Abarangwa nurukundo barazi gusaba ikigongwe abo bagiriye nabi. Ico Imana ishaka sukuduha amategeko akaze, nukuduha impanuro zumuvyeyi ngo tureke kubana dushamiranye. Navyo bizodufasha gushikira ubuhirwe bwo kubana nkabavukanyi buzuye. Twiyamirize ico cose kidukura ku mategeko yImana.
Ngiri ihema ryImana nabantu. Muri Yezu Kristu, Imana yarigize umuntu, ibana natwe.
Yezu yaratsimbataje ubwami bwImana mu kwigisha, mu gukiza, mu gusenyura inganji ya shetani. Inyuma yurupfu nizuka nukwurira mwijuru vyiwe, yaraturaze umuryango ariwo Ekleziya. Abatumwa bayobowe na Petero Mweranda nibo yaragije uwo muryngo, ubu ukaba ubandanya kuyoborwa nabasubirizi babo. Yatubwiye ko azokwamana natwe gushika ku muhero wisi. Agumana natwe mu buryo bwinshi : Ni muzima mwisakramentu ryUkaristiya, eka mbere no mu masakramentu yose. Ni muzima mu makoraniro duhwaniramwo ngo tumusenge (aho babiri canke batatu bakoraniye ndi kumwe nabo). Ni muzima mwijambo ryiwe. Ni muzima muri Ekleziya yadusigiye. Nico gituma twese dukwiye kwifata nkabavukanyi bakikije umuvyeyi, tukisanga. Ubwo buvukanyi bukwiye guhera ku ntango: mu ngo, mu mibano mitomito yababana hafi na hafi. Paruwase ikomera mu gihe ingo nimibano mitomito bikomeye. Umubano wabakristu ba mbere uratubera akarorero: Abari bamaze kwemera bose bari bahuje umutima numushaha vyongeye muri bo nta numwe yari nico akenye ( Ibik 4, 32-35). Ibatisimu ritugira abana bImana, rikatwinjiza mu muryango munini, wagutse. Ariko nti duhamagariwe kuba mu bukristu bwikivunga. Mu mibano rukristu mitomito, abakristu begeranye bakwiye kumenyana, gushikirana, gukomezi ubucuti, gutunganya igisabisho rusangi cumubano. Niho bashingira intahe ko Yezu ari muzima mu mibano rukristu. Abagize umubano rukristu bakwiye kumera nkabanyamuryango : nta numwe agwabira, uwugwaye baramumenya bakamusuhuza, bakamenya ivyo akeneye; umwana ataja mwishule baramumenya, bakamenya igituma atiga; mu ncamake, ingorane zumwe umwe wese ziramenyekana. Aboro bacu ni tubamenye, kandi tugire ico tubakoreye mu mibano yacu ku vyo dushoboye. Ibiturengeye bibe arivyo dutambutsa ku rwego rukuru rwa Paruwasi. Yezu ati ngiki ikizobaranga ko muri abigishwa banje: nugukundana nkuko nanje nyene nabakunze Ese ingene ari vyiza bihimbaye kubana nkabavandimwe. Yezu Mwiza, wewe Mana yigize umuntu ukaza kubana natwe, nudukomereze ubuvukanyi, nuduhe kugushingira intahe mu mibano rukristu yacu, maze bose bakumenye yuko uri Imana, bakuninahaze nkumwami numukiza ari hagati yabo, atabavirira. KWA YEZU, TA MUCUMUZI RUHEBWA. Dufashijwe n Ijambo ryImana dusanga mu Nkuru Nziza yanditswe na Luka Mweranda (Luka 7,36-38) turazirikana, tukabona ikigongwe cImana gishikira nabantu baboshwe nakabi. Imana mukurema umuntu nta kibi yipfuza ko coba muri we, yashaka ko yoba intungane, akarangwa no gukora iciza kandi kikaba ari naco kimururumbamwo agaheza akuzura nayo. Ariko ikibi carinjiranye abantu eka mbere gihera ku bavyeyi bacu bambere Adamu na Eva aho bamariye kugarariza Imana, bagashaka kwishira mu kibanza kitabagenewe. Imana ntiyahevye abantu yahavuye irondera kubakiza iciye mu mwana wayo Yezu Kristu. Ikigongwe cImana kiriserura mu buryo buhebuje kandi butangaje dufatiye kuruyu mugore abantu baza baramaze gucira umukenke kubera imigenzo mibi yiwe, ariko we yarizigiye ikigongwe cImana yikubita ku birenge vya Yezu ararira mukugaya akabi kiwe; Yezu nawe yarahejeje arabona ugutakamba kwiwe aramugirira ikigongwe kandi aramukiza ibicumuro vyiwe. Hari abantu bazingamikwa nibibi bakavuga ngo iwanje ntaco ncera, ikibi kikabaganza, kwigaya no kwirega bikababera umuzigo. Muvukanyi ubona ko umengo ikigongwe ntikigikunda iwawe, canke ku mugenzi, ku ncuti yawe, ihanure uhanure nabandi biyegurire Umukama kuko ni Kigongwe cuzuye; arabohora akagira vyose bishasha. Rondera Umukama bigishoboka, mwambaze akiri hafi kuko ikigongwe ciwe camaho inyaka yose. Umukama Nyen'ingabo, niwe Mwami w'inganji. Mwa birimba, uguruke ! Nzugi zamaho, tamanzure Umwami
w'inganji yinjire. Uyo Mwami w'inganji ni nde? N'Umukama Nyen'ububasha, n'intwari mu rugamba. Mwa birimba, uguruke! Nzugi zamaho, tamanzure Umwami w'inganji yinjire! Alleluya. Ng'uwo umuco uboneshereza intara zose! Ng'iri ininahazwa ry'icibare ciwe Israeli! Alleluya! - Izabuli 23(24),7-10:
Mt5,17-37 Jc1,1-11 Zab118,67---76 Mc8,11-13 Jc1,12-18 zab93,12---19 Mc8,14-21 Jc1,19-27 zab14,1---5 Mc8,22-26 Jc2,1-9 Zab33,2---7 Mc8,27-33 Jc2,14---26 Zab111,1---6 Mc8,349,1 1P5,1-4 Zab22,1---6 Mt16,13-19
Subiza hamwe ningoga nuwo mushira kubiri,mugifatanije akayira,kugira ngo ntahave agushira umucamanza. i hagira muri mwebwe uwukeneye ubwitonzi,nabusabe Imana igabira bose ata kinubwe kandi ata we ikankamira. Hahiriwe umuntu yiyumanganya mu bimugerageza,kuko ni yamara gushimwa azoronka urugori rwubuzima Umukama yemereye abamukunda. Benewacu,nkunda:umuntu wese nabangukire gutega amatwi,natebe kuvuga,natebe kugira ishavu. Yezu arababaza ati:Mweho kubwanyu ndi nde?petero aba ariwe avuga yishura ati:Uri Kristu. Uzoshaka kurokora ubuzima bwiwe azobubura,nawe uwuzobuheba ku bwanje no kubwInjiri azobuurokora. zoguha impfunguruzo zUbwami bwIjuru;ico uzoboha kwisi cose kizoba kiboshwe no MwIjuru.
17/2 18/2
19/2 20/2
21/2 22/2
Petero Mweranda
Imana yaraduhaye abayihebera. Birahimbaye kubona Ekleziya Katolika turimwo ifise abihebeye Imana barazwa ishinga nuko Kristu amenyekana. Ariko, twiyubare imvugo yo muri iyi myaka aho usanga hariho abo mu yandi mashengero yigisha Bibliya bitwa abakozi bImana. Hariho abihenda bagakwegerako, abihebeye Imana bacu bakabita abakozi bImana. Iryo zina ntiribereye, kuko iyo uvuze umukozi, bica bisigura ko haba umushahara wo ku kwezi ku kwezi. Uko Ekleziya itunganijwe, nta mushahara abihebeye Imana baronka. Ahubwo, mu kugene babayeho, ni abasuku bImana. Umusuku aratandukanye numukozi, kuko umusuku azera vyose kuri shebuja kubera ubukuru asanganywe, maze agakora atamushahara yiteze, yiteze cane cane ugukingirwa. Aho hambere, abasuku bi Bwami, banezerwa ahanini nuko uwo bakorera afise ubukuru bunini. Vyarashika akahasazira, ariko ntaco yaheza ngo abure muvyukubaho kwiwe. Abihebeye Imana turababona mu mashule, mu mavuriro. Ukugene bakora, ntaho vyitiranwa nabo tumenyereye bitwa abakozi bImana. Kuko vyukuri baritangira abo bashinzwe, kanatsinda barabishobora kuko baraganira Imana ukutubaka ingo (kwabirana). Amashikanwa atangwa mu masengero, yunganira umuryango wacu, tutibagiye abakene, nukwubaka ayandi masengero. Ariko ntamushahara abihebeye Imana baronka. Si abakozi bImana rero. Tubandanye rero tubasabira twiyubara kubita izina ribabereye ariryo abihebeye Imana . Dieudonne Mpebeye gahagarara ku kigegene cigiti, kaba karirabira utwirya DUCISHEMWO DUTWE GE. Bakame numugonino gasokoza utwanwa kivugana gati: awe wa mure! Kera aha iwacu murazi ko umusore ageze gushinga urwiwe bamuzanira umugore ku mugoroba.Hinge rero gore bampa ngira turareha,tutareha naho ndamurubazanire Bakame umugore bumaze kwira, baragangika. Abantu bakabaza ico kariko karakora hamagara ngo kaze gutora umugore wako. Karashingo nuwo ndindiriye. karahamagara wa mugoka kababwira gati: Mpa ikimuri mbanze ndamure kihagarariye kuri ca kigegene gati:Ingo rero turamukanye.Umugore aje biranka ko murike ndabe ko dukwiranye. Barakankira ngo agahanvya kuko yari mugufi cane gose. Bakame nako kohava kamuturira, nako kiruka mu ziko karahura igishirira kaza karakekagiza ariko ntikamubona neza; gaca kamusimbira ku mutwe, umugore ava aho yiruka gati Pfa kumpa ntware ariko ejo nzomubasubiza. na Bakame ku mutwe . Ababanyi ngo babibone ngo Harya butanguye guca karavyuka, kisohokera mu rugo Bakame yahumaganye!