Sie sind auf Seite 1von 4

KwIsoko ryUbuzima

mu muryango wabakristu
Diyoseze kuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 927461
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr Site: www.isokoryubuzimaburundi.fr.gd

" ukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1, 21)


Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ryImana mu misa no mu buzima

Igiciro:100Fr 22/13

9/6/2013 UMU SI MUKURU WUMUSHAHA WA YEZUUmwaka C

Intamuheba : Abituye ku Mushaha wa Yezu...


Mu gusezera abiwe, Yezu yababwiye ati: i mugume mu rukundo rwanje... nkuko nanje nguma mu rukundo rwa Data. (Yo. 15,9). Abari mu muhari wintamuheba bi-tura umushaha wa Yezu, bakiyemeza ko badashobora guheba Yezu nurukundo rwiwe. Yezu yavuze aguma mu rukundo rwa Mana Data. Ukwo kuguma ku Mana Data bijanye nugukora amabwirizwa yiwe. Ivyeze mu bantu, nurukundo rucumbagira; uyu munsi dukunda naka, ejo naho tukamuheba. Nurukundo ruhindagurika. Ariko urukundo rwImana ntiruhera. Imana iradukunda naho twebwe tutayikunda. Kuvaho Papa Fransisko asemerereye ko Imana itigera iruha ngo ihebe kutugirira ikigongwe, mu maparuwasi amwe abakristu barasubiye kwirega ukuruta. Abantu bahebana kuko batakiri mu rukundo rwImana. None twoheba naka kandi tuzi ko aruw Imana, ko imukunda naho yoba yacumuye? Urukundo rwImana rutakiri muri twebwe, bica bitunanira gukunda abantu. Urukundo ni rwo karanga kumukristu. Ekleziya uyu munsi iradutumira ngo twihweze urukundo rwImana rushingiye mu Mushaha Mweranda wa Yezu. Umwe wese yibaze ati: Mbega ndafise urukundo rwImana muri jewe? Imana ni yo soko ryurukundo. Urukundo rushimikiye ku kamere kumuntu gusa ntiruramba. Imana yaje kudukiza itugabira urukundo rwayo. Kugira ngo tuve mu maganya nubwoba turimwo ni turabe UMUSHAHA WURUKUNDO WA YEZU. Igihe Yezu yabonekera umweranda Margarita Mariya, yamutumye guhanura abantu ngo barabe Urukundo Yezu abafitiye. Ivyo dukunda kuraba namazu, amafranga, amabarabara, nibindi vyinshi. Ubwo turakunda kuraba tukazirikana ingene Yezu adukunda? None tugumize amaso ku masinema atwereka abantu bakora ubwicanyi nibiterasoni ? Abo bantu ni bo botubera akarorero mu buzima bwacu? Twarasamaye. Ni twaba turondera urukundo ruramba hano kwisi, ni twinjire mu rukundo rwa Yezu, tumuninaze kubwurwo rukundo. Nama mbona mu mabarabara yi Bujumbura abasore batembera bagurisha amasanamu yabakinyi bumupira canke yabaririmvyi bazwi cane. None mu nzu yawe urubahuka kumanika umusalaba wa Yezu ukwibutsa urukundo rudacika Imana igufitiye? Dusabe ngo urukundo rwImana rube arirwo rutera imbere muri twebwe.

Mushaha Mweranda wa Yezu, ninahazwa. Tuzirikane ivyiza vyagatangaza vyuzuye mu Mushaha mweranda wa Yezu. Tuzirikane ingene uwo mushaha wasogoswe nicumu kubwurukundo ntangere twakunzwe. Yezu arashaka kutunywanisha numushaha wiwe ngo twifatanye nawe mu kwitanga kugirango isi irokoke. Muruwo mushaha wa Kristu, Ekleziya niho ikura inkomezi ngo igume ihagaze. MUkaristiya nyeranda, dufashijwe nukwemera, niho tunywanira vyukuri nuwo Mushaha wUmwami winganji nubuninahazwa ntangere uguma utera indihaguzi zurukundo. Birabereye ko abakristu twogira igishika cUkaristiya kugirango twifatanye, tunywane nuwo mushaha, kuko ugerera mu mutima wumuntu amwakiriye, ukamubera irembo ryijuru. Urukundo rururumba mu Mushaha wa Yezu ni Mutima Mweranda. Birakwiye ko muruyo Mushaha, dushingura imishaha yacu nyabworo, kugirango isagwe nububasha bwImana. Amazina yUmushaha wa Yezu nadufashe kwama duhayagiza uwo Mushaha Mweranda wadukunze. Amaraso namazi yavuye muri wo aho wasogotwa, ni bidutyorore, bidukize umwanda wose ku mubiri no ku mutima, maze tube abidegemvya mu rukundo rwImana. Mushaha wa Yezu, kiyigira cu-

rukundo kibonesha mu muzimagiza wijoro, dukize ubutimbe bwimitima yacu. Rukundo ntangere rufise ububasha bwo guhindura isi nubuzima bwabantu, sambura imigambi yose iteye kubiri niyawe, maze turangwe nurwo rukundo aho turi hose.

TWUMVIRIZE IRYO IMANA ITUYAGIRA


UMU SI MUKURU WUMUSHAHA WA YEZU-C IGISOMWA CA MBERE: Ez.34, 11-16 Urukundo Umukama afitiye ubusho bwiwe Ivyo dusoma mu gitabu cUmuhanuzi Ezekiyeli: giri iryo Umukama Imana yavumereye. oneho, jewe ubwanje ndigiriye kurondera intama zanje, ndazibungabunge. kuko umwungere abungabunga ubusho bwintama ziwe zashwiragiye, iko nzobungabunga intama zanje ndazikure aho hose zashwiragiye ku munsi, wigipfungu. zozishwabura ndazikure mu ntara zahoramwo, nzozikoranya, ndazikure mu mahanga, ndazigarukane imuhira; nzoziragira ku misozi ya Israeli, mu bibara no ku misozi miremire iremvye ya Israeli. iho zizovyagira mu bwatsi butotahaye, zirishe ubwatsi buremvye ku misozi ya Israeli. i jewe ubwanje nzoragira intama zanje, ni jewe nzozicura uko niko Umukama Imana avuze. zorondera iyatakaye, ngarukane iyazimiye; nzosomora iyakomeretse, mvure iyirwaye; iyivyibushe igakomera na yo nzoyihozako ijisho, ndayiragire mu butungane. IGISOMWA CA KABIRI: Rom. 5, 5b-11 Ikimenyamenya cuko Imana yadukunze nuko Kristu yadupfiriye Ivyo dusoma mwibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani: cuti zanje: Urukundo rwImana rurasasagaye mu mitima yacu kubera Mutima Mweranda twahawe. Igihe twari bantamagara, ubutigu bugeze, niho Kristu yapfiriye abanyakabi. Burya umuntu wintu-

ngane, biragora kumupfira umuntu winda nziza na we, kumbure hari uwokwubahuka kumupfira. Ariko, icerekana urukundo Imana idukunda, ni uko Kristu yadupfiriye tukiri abanyabicumuro. oneho, ko twabaye intungane mu maraso yiwe, nubu azorushiriza kudukiza ishavu ryImana. Mu gihe twari abansi, ko urupfu rwUmwana wImana rwatwuzurije n'Imana, ubu noneho tumaze kwuzura na yo, ubuzima bwiwe buzorushiriza kudukiza. Si ivyo bisa turishimagiza mu Mana kubwUmukama wacu Yezu Kristu, We yatwuzurije nImana. INKURU NZIZA: Lk. 15, 3-7. i mumfashe kunezerwa, natoye ya ntama yanje yari yatakaye Ivyo dusoma mu jili nyeranda yanditse Luka Umunsi umwe, Yezu yaciriye uyu mugani abigishwa biwe, ati: Muri mwebwe, uwogira intungwa ijana agaheza agatakaza imwe, ntiyorekera mu gahinga zimwe mirongo icenda nicenda zasigara, akaja kurondera imwe yatakara gushika ayitore? Ayitoye, araheza akayiterera ku bitugu yigina, yashika imuhira agahamagara abagenzi nababanyi, ati: Ni muze tunezerwe, natoye ya ntungwa yanje yari yatakaye!' anje ndabibabariye Umunsi umunyakabi yigaye, no mwijuru hazoba akanyamuneza karuta agaterwa naberanda mirongo icenda nicenda ata kabi biyagiriza. ko umuhanuzi ari umuntu wImana vyari ibimenyetso yakora bikerekana ko yatumwe nImana kandi ko arikumwe nayo. Ivyo vyose bakora vyabura ivyumuhanuzi mukuru Yezu Kristu azokora. Aho yaca hose yakora ivyiza kandi ivyo yakora yabikora ari kumwe na Mana Se. Muri iyi nkuru nziza turumvise ingene Yezu yagarukiye uwundi mupfakazi wo mugisagara ci Nahumi yari ahejeje kubura umwana wiwe wikinege. Ico gisagara Nahumi nubu kiriho, musi yumusozi wa Taboro ku bilometero 10 uvuye i Nazareti. Niho Yezu ariko aragenda namaguru aherekejwe nabantu isinzi abagabo nabagore banyoterwa ijambo ryImana nibitangaro agira. Yezu yatewe imbabazi nuwo mupfakazi aje amuririra, araheza ubwiwe, aramuremesha ati: ihorere araheza rero asubiza ubuzima uwo muhungu wiwe bari bagiye gufuba. Mubitabu vyeranda umupfakazi ari mu murwi waboro bImana. Uyo mugore yaragize amageragezwa menshi: urupfu rwumugabo nurwuwo muhungu wiwe. Tukamenya ko muri ico gihe, umugore adafise umugabo numwana wumuhungu yaba afise ubuzima bubi kuko nibo bamukingira imbere yamategeko bagakingira namatungo yiwe. Ku bwijambo rya Yezu rikiza wa mwana araronse ubuzima, ararahagurutse. Ahari amarira numwiheburo hagarutse impundu, akanyamuneza numwizero. Ishengero ryo mu gisagara ca Nahumi ryari riherekeje ikiziga riguye mu gahundwe riraheza rinina-

(Insiguro yibisomwa ijanye nidominika ya 10 yo mu mwaka C: 1Abami,17,17-24; Galati,1,11-19; Lka,7,11-17). Bavukanyi, uno musi mu bisomwa vyeranda turazirikana ingene uwizera Imana wese atigera yihebura. Imana yama hafi yacu ikatubera inyishu yibibazo vyacu. Ibitangaza Imana yama itugirira ntibigira uko bingana, tumenye ko uwuhuye nayo naho yoba yapfuye aronka ubuzima. Mu gisomwa ca mbere uyu mupfakazi yagira ngo Imana yamukuyeko amaboko kuko akana kiwe kamwe rudende kari kapfuye. Mu bayahudi bemera ko uwushikiwe nivyago wese caba igihano Imana imuhaye kuko yaba yacumuye nico gituma uyu mupfakazi abwiye Eliya yari yamusavye indaro, ati: dupfa iki ga muntu wImana waje ngaha kwibukiriza ivyaha vyanje nukunyicira umwana . Eliya abonye ayo marira yuyo mupfakazi bimutera ikigongwe aca atakambira Imana gushika wa mwana asubire kuba muzima. Imana iciye rero kuri uwo muhanuzi ako kana karakize. Abonye uwo mwana asubiye kuba muzima kubwico gisabisho uyu mupfakazi aciye anezerwa ashimagiza Eliya avuga ati: ubu rero ndemeye ko ariwe umuntu wImana kandi ijambo ryImana uvuga ni iryukuri Nkako nyene, uwo mupfasoni abivuze ko, icamenyesha

haza Imana mukuvuga riti: Umuhanuzi mukuru yaserutse iwacu . Bavukanyi, ivyiza vyose abahanuzi bari babuye kuva kera na rindi vyarangukiye muri Yezu Kristu. Yezu yari yarabivuze mugihe yazura umukunzi wiwe Lazaro ati: Jewe ndi izuka nubuzima, uwunyemeye naho yoba yapfuye azoba muzima (Yoh.11,25). Iryo jambo ngo ndabigutegetse, vyuka . Umukama ntasiba kuritubwira mu gihe dusinziriye mu gicumuro, mugihe twarambaraye mu vyaha, ni rya zuka nyene rya Kirisu yatsinze urupfu numuzimagiza atwugururira ubuzima bwamaho. Iryo jambo rirakoreshwa cane mukugaragaza ico kigongwe nurukundo Imana ifitiye abana babantu. Imana nti-

shaka abapfu ishaka abazima, ishaka ko tugendera mu muco wiwe. Hari benshi bagenda barapfuye, barindiriye ko Yezu abahagurutsa aciye kuri wewe, akoresheje iminwe yawe. Gabumburuka ubwo butumwa rero, wame uremesha benewanyu, wubahuke ubavyure. Ahari abihebuye uhagarukane akanyamuza numwizero. Urupfu ntirudutere ubwoba kuko Kirisu ni muzima yararutsinze mukwizura mubapfuye. Dusabe Umukama aduhe ubukomezi bwokwama tumushingira intahe mukuremesha benewacu, tumenyeshe abandi umwaka mwiza wUmukama mukwerekana ivyiza nibitangaza yama atugirira uko bukeye uko bwije. Amen A. Paul RUCUMUHIMBA

Yezu akubwira ati: unkunde uko uri. Arabandanya ati: Ndazi intege nke zawe, intambara nuruhagarara biri mu mutima wawe. Ndazi aho ubabara nubumuga bwawe, ndazi ubuhemu bwawe, ndazi ibicumuro vyawe, ndazi aho ugeza mu kurangura neza ivyo wategerezwa. Ariko ndakubwiye nti: Impa umutima wawe, nkunda nkuko uri. Ni wibaza ko imbere yo kunkunda uzobanza kuba umumalayika, ntuzokwigera unkunda. Naho wama usubira kugwa muvyo wari wariyemeje kuvamwo, naho impengamiro zawe zitakworohereza mu rugendo rukwerekeza ku bweranda, si nifuza ko woreka kunkunda. Nkunda uko uri, uri, aho uri hose, mu vyo urimwo vyose, mu kanyamuneza canke mu bugaragwa, mu bwiza canke mu mahinyu. Nkunda uko uri. Nkeneye umutima wawe nyabworo. Ni warindira ngo uzonkunda ata mahinyu ugifise, ntuzokwigera unkundaMwananje, ndeka ngukunde. Impa umutima wawe. Nzoguhingura ndakugire mushasha. Ariko mu kurindira, ndagukunda uko uri. Nawe gira gutyo nyene. Mu mutima wawe nyabworo nshaka ko huzuramwo urukundo. Nshaka ko wokwama undirimbira uti Mukama, ndagukunda. Si nkeneye ko undatira ivyo ushoboye canke ivyo wize. Hari naho vyokuvyurira ubwishime. Nakugize umusuku wimburakimazi. Igihambaye: kunda. Urukundo ruzogushikana ku ntambwe ikomeye utari witeze. Uyu musi, ndiko ndadodora kurugi rwumutima wawe, nisabira urukundo rwawe, jewe Umukama wabakama! diko ndadodora, wihutire kunyugururira. Ntiwishinge imyidogo yintege nke zaweErega wokwibona uko uri wese, wokwicwa nagahinda. Jewe icontera agahinda mu mutima, nuko wokekereza ntunyizere. Nshaka ko uzirikana urukundo rwanje umwanya wose; ntihagire na kimwe ukora utagitumwe numurima wurukundo. Ni vyaba ngombwa ko ubabara, nzoguha inkomezi. Ni wankunda, nzoshira muri wewe urukundo rushobora kukugeza aho utokwibajije gushika. Ariko ntiwibagire: Nkunda uko uri. Ni wavuga ngo nzokunda ni naba mweranda, ntuzokwigera ukunda. (vyavuye mu kanyamakuru kabamisiyonari ba Afrika, Kigarama 2011). Mu guhimbaza umushaha mweranda wa Yezu, turahaya ibitangaza vyurukundo Yezu adukunda. Turazirikana ingene yasogoswe ku musalaba, akadurtyoroza amaraso namazi yasheshe kuri uwo musalaba. Uwo musalaba Mweranda urabandanya kutubera isoko ryurukundo. Tuwirukire, twame tuvoma urwo rukundo tubone kurusasagaza mu bandi. Cane cane dukunde gushengerera Yezu mwIsakramentu ryUkaristiya, imishwarara yurukundo rwiwe irasire mu mitima yacu, mu mibiri yacu, mu bwenge bwacu, muri ivyo vyose bigize ubuzima bwacu. Twoshengerera gute? Ugushengerera, nukuja imbere ya Yezu mUkaristiya kugira ngo umusenge, utangarire ubwiza bwiwe, akurasireko imishwarara yurukiza rwiwe. Uraheza ukagira inyifato ituma udasamara, ukagumiza umutima wawe kuri Yezu. Wishira imbere yiwe ukaguma utekanye. Uramuramutsa, ukishikana kuri we, ukamwihweza, ukamutamarira, ukamwereka urukundo umufitiye. Ntukeneye kuvuga amajambo menshi; mbere ni wigumire mu gacerere, kugira ngo ushobore kwumva ico akuyagira mu mutima wawe. Haheze akanya, tora ijambo ryImana wosoma, urisome witonze, urisubiramwo. Zirikana iryo jambo, uryakire nka Bikira Mariya (Luka 2,19). Ni wibere imbere yiwe, mwugururire umutima wawe.

Dutangarire urukundo rwImana.

Mushaha wa Yezu Kristu, nyene imbabazi nubukunzi, turakwituye uyu musi, duhangaze, tuburanire. Bwiza butagira inenge, gahimbare kImana Data, Ngoro yImana Muhoza, Bukiriro bwabacumuye. Rukundo rutigerera, rwitanga hose ubudasiba, ntutetereza ugusaba, niho natwe tukwirukiye.

DUSHEMEZE IMA A KU MU SI KU MU SI
9/6 D Umushaha wa Yezu 10/6 L Landry 11/6 M Barnab 12/6 M Guy 13/6 J Antoni wi Padoue 14/6 V Elise 15/6 S Germana
Ezek 34,11-16 Zab22,1-3a.3b4.5.6 Rom5,5b-11 ; Lk15,3-7 2Kor 1,1-7 Zab 33,2-3.4-5.67.8-9 Mt5,1-12 umusi umunyakabi yigaye, no mwijuru hazoba akanyamuneza karuta agaterwa naberanda mirongo icenda nicenda ata kabi biyagiriza

Muzoba muhiriwe ni babatuka, bakaremera amabi yose ku bwanje ; Muranezerwa muhimbarwe, kuko impera yanyu izoba nini mwijuru Ibik11,21b-26 ; 13,1-3 ; Zab Murakiza abarwaye, musubize ubuzima abapfuye, mutyorore 97,1.2-3ab.3c-4.5-6 ; Mt10,7-13 abanyamibembe, mwirukane amashetani. 2Kor3,4-11; Zab98,5.6.7.8.9. ti mugire ngo nazanywe nugukura amateka canke inyigisho Mt 5,17-19 zabahanuzi; eka si nazanywe nukuzimanganya, naje kunogereza
2Kor3,15-4,1.3-6; Zab84, 9ab10.11-12.13-14; Mt5,20-26 Kuko ndabibabwiye : i mutarusha ubutungane abigisha nabafarizayo, nti muzogeza ikirenge mu Bwam i bwijuru

2Kor4,7-15 ; Zab115,10-11.15- Marumvise iryavuzwe ngo : ntuzosambane. Jeho ndababwiye: uzoramuka 16.17-18 ; Mt5, 27-32 aravye umugore wuwundi amwipfuza, mu mitima wiwe yamaze gusambana 2Kor5,14-21; Zab102,1-2.3-4.8- Imvugo yawe nibe Ego, ego, oya, oya; ibisigaye vyose biva kuri sekibi 9.11-12; Mt 5,33-37

Yezu akubwira ati: i je mahoro yawe. Reka guta umutwe kubera imyitwarariko
yubuzima. Igihe uzi neza ko wakoze ibiri mu bushobozi bwawe vyose, nuce utekana ibisigaye ubimpebere. Ni wanyiyegurira, ishaka ryanje kuri wewe rizoranguka; vyose bizotungana mu mutekano. Nti wigere wihebura. Ntusenge umutima uri mu mutwe. Tekana uheze umbwire uti: Yezu, ndakwizigiye. Inzira zanje si zo ziwawe. Emera ugendere mwishaka ryanje. Ntugumize mu mutima wawe ibiguhagarika umutima, nibigutera nuruhagarara. Rwanya wivuye inyuma ivyo vyose biguhagarika umutima ukaguma wibaza ivya kazoza kawe, ka hafi canke ka kure. Ntusuzugure imigambi yanje ngo undenze urwamo rwivyiyumviro vyawe. Ndekera umwidegemvyo wo kuba Imana no gukora nkuko mbona bibereye. Nunyizere unyegurire ubuzima bwawe. Ruhukira iwanje, uheze ushire kazoza kawe mu minwe yanje. Uze urasubiramwo kenshi uti: Yezu ndakwizigiye. Ntumere nkumurwayi aja gutegeka muganga ingene yomuvura. Ndeka ndakuyobore uko nshaka. Ni wiyegurire mu minwe yanje. Ntugire ubwoba. Jewe ndagukunda. Ni waba ubona ko ivyawe vyanse imiti ukibaza ko ibisabisho vyawe biba impfagusa, bandanya unyizera. Ntuhengeshanye kumbwira uti: Yezu ndakwizigiye. Ntumbohe amaboko ngo umbuze kukuyobora. Ntumboheshe imyidogo yawe; iyo myidogo niyo shetani ikeneye ngo iguteshe umutwe, uhagarike umutima, ubure amahoro. Nunyizere, undeke ndakuyobore, hanyuma ntusubire guhagarika umutima. Mpereza imyitwarariko yawe yose uheze witekanire. Ntuhengeshanye kumbwira uti: Yezu ndakwizigiye uzoheza ubone ibitangaza. Ni je ndabikwemereye kuko ndagukunda. Wame uvyibuka: Nunyizere.

Ukwicisha bugufi nugutabara abagowe, birashika ku nyota Imana


Mwebwe musoma iki kinyamakuru co kwIsoko ryUbuzima, mwebwe mutabara abagowe, abagwaye nababoshwe, ndabaterereje igisabisho. Ni munsabire ku Mana icagagure imigozi ya shetani imbuza kuronka ingene ntabara abarwaye kandi nararwaye nkumva ububabare bwabanyabitaro, si nshobore nugutabara abanyororo kandi narafunzwe nkumva ububabare bwabanyorororo. Ni mwabigira mwizeye Imana muzoba mundinze igihano Yezu yavuze ko kizohabwa abanse kumusuhuza agwaye, kumuraba afunzwe, kumufungurira ashonje, kumwambika agenda gusa, kumutora ari kavantara (Mt.25,41-46). Raba Yezu ingene yageragejwe na shetani imuteye mu nzara yimisi 40, ariko akayitsinda (Luka4,1-4). Yageragejwe na shetani ngo nayipfukamire iheze imuhe ubwami bwo kwisi, ariko wewe yarayitsinze. Kukaba nkako, Yezu ntiyari akeneye ubwami canke ibisagara vyabo kwisi (Luka4,5-8). Yageragejwe na shetani ngo ni yikororere hasi ava hejuru ku munara. Shetani yashaka ko Yezu atwarwa nubwishime, ariko yarayitsinze (Luka4,9-13). Ni muze dusabiranire twisunge intsinzi ya Yezu ngo turonke inkomezi zo kwirinda gusenga ibigirwamana canke gutwawa nibihendamaso. Dusabiranire kandi inema yo kwicisha bugufi ngo dutsinde ubwishime, tubungabunge ubuzima bwacu nubwabandi; vyose tubigire kubwurukundo rwImana. Imana nidushoboze kuba abanyakigongwe, mu gusenga no mu gukora ibikorwa vyurukundo bishimisha Imana nabantu, dusabire abagowe, dutabarize ku Mana imitima iri mwipurgatori. Ndifurije amahoro ya Kristu abari mu butumwa bwa Bikira Mariya agendera ingo, abari mu muhari wa Yezu Munyakigongwe nabari mu mushaha wa Yezu, hamwe nababikira bose bihebeye uwo muhari. Ese Imana yoturonsa gusanganira ikigongwe cayo mu mahoro, maze tugasagwa ninema zose zibereye abasavyi bayo. Biregeya Martin, Paruwasi mwaro bahava barasubira kumuhamagara bamubwira bati: DUCISHEMWO DUTWE GE. Hari umugore ashaEwe, erega turi ngaha turindiriye ko utwereka umwana je cane afise imyaka mirongo itandatu numunani yawavyaye. Na we ati: Rindira, turorere ko umwana vyaye umwana. Ababanyi babibonye nkigitaarira. Ba bantu baratangara barumirwa, baca bangaro; baciye banyaruka kumuraba bamubwira mubaza bati: Igituma twororera ngo umwana abanze bati: twereke umwana wawe. Wa mugore ati: i kurira imbere yuko tumubona ni kubera iki? Aca abishura mundorere gato ndaje. Isaha yose yaraheze barorereye ati: ikubera nibagiye aho nashize umwana. ko wa mutamakazi aza kubereka umwana wiwe. Niho

Das könnte Ihnen auch gefallen