Sie sind auf Seite 1von 4

KwIsoko ryUbuzima

mu muryango wabakristu
Diyoseze kuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 927461
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr Site: www.isokoryubuzimaburundi.fr.gd

" ukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1, 21)


Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ryImana mu misa no mu buzima

Igiciro:100Fr 27/13

7/7/2013

IDOMI IKA YA CUMI A KA EUmwaka-C

Ukwubaka kwuzuye gutangwa nImana


Mu gihe tugezemwo, abahinga mu vyo kuvura basigaye bakoresha inshinge batera umurwayi rimwe gusa, urushinge rumaze gukora bagaca baruta. Mu bijanye nimico ninyifato, hari abantu bafata impanuro zimwe zimwe nkizo nshinge; bakazikurikiza zibarambiye bagaca bazita. Ariko ntitwokinisha ibanga ryugushinga urugo ngo turigereranye nibintu bimara akanya hanyuma bigatituka, nkuko tubibona muri iki gihe. Abasezerana mwisakramentu ryukwubaka rukristu, basezerana gukundana, kurangwa nurukundo rudacika rukomoka ku Mana. Mu gihe cici niho abantu benshi bitegura ngo bubake rukristu, ngo bagiriranire amasezerano yo kwubakana imbere yumusaserdoti. Iyo ndiko ndihweza ivyiki gihe mu bubakanye bamwe bamwe, haraho nibaza nti: ubwo vyukuri abo bantu barazirikanye neza ico bemeranije imbere yImana igihe baronka iryo sakramentu, bakagira amasezerano imbere yumusaseroti? Indagano zukwubaka rukristu nizubuzima bwose. Isakramentu ryUkwubaka rukristu siryo kugerageza kubana ngo vyanse bace bahebana, ngo bishimanire nabandi. Noneho umugabo canke umugore bubatse ntiboshobora gukundana vyukuri ubuzima bwabo budashingiye mu Mana. Ni twebwe twikura ku Mana mu gucumura. Ariko ibicumuro vyacu si vyo bituma Imana iduheba, ahubwo ivyo bicumuro ni vyo vyatumye Yezu adupfira ku musalaba ngo turonke ikigongwe cibicumuro. Nico gituma iyo umugabo yirukanye umugore ngo nuko yamuteye ishavu, aba agiye kubiri nurukundo rwImana; aba atirimutse ku ndagano bari bemeranije igihe baragana. Itegeko ryo kudahemukiranira sitegeko rikaze ryovuna umuntu, ahubwo nitegeko ryiza ngo abantu babane mu rukundo rwagahore. Kubera turi abantu bamagara make, shetani nayo igashaka kudukura ku Mana, abubakanye bokomeza igisabisho kuko mu Mana niho honyene bashobora kuvoma inkomezi zo gukundana urukundo ruva kuri yo. Muriyi minsi ingo zirageramiwe, shetani iriko irakora cane kugira ngo isambure ingo: hari amasinema menshi yibiterasoni yerekanwa icese, ayandi agaca mu mboneshakure; hari amategeko yashinzwe mu bihugu bimwe bimwe akemera ukwubakana kwabadasangiye ibitsina. Kuva isi igitangura shetani ntihengeshanya gusambura ingo zabubatse. Ariko ntitubikekereze: ingo zisunga urukundo nikigongwe vyImana zo rirambira mu mahoro arama. Abakera barayamaze bati: agati gateretswe nImana ntigahenurwa numuyaga. Basore na mwe bigeme mufise umugambi wukwubaka, nti muhuruduke: ni mwubake muhezagiwe nImana. Imana ikomeze ubumwe bwanyu na kare ni yo yavuze iti: ntihagire uwutandukanya abo Imana yafatanirije.

Murazi ivyo Papa Fransisiko yakunda kubaza abaza kwirega iwe?

i mwumve namwe:

Papa Fransisiko yavuze ati:mu gihe naba ndiko ndiregesha, hari ibibazo bitatu nakunda kubaza uwuriko arirega, navyo nibi: Mbe urakunda gufasha abakene? Mbe iyo uriko uraha imfashanyo umukene uramuraba mu maso? Usa nuwumutereye udufranga canke uramukora mu minwe mukaramukanya? Uwukoze mu minwe yumukene aba akoze ku mubiri wa Kristu. Arongera ati: Ekleziya yifashe ruto igenda igana umubiri wa Kristu. Mbega mubona ivyo bibazo bibereye kubarizwa mu cemerezo? Igicumuro cose gituma twikura ku rukundo rwImana. Ukuronka ikigongwe ni ugusubira kuri rwa rukundo rwImana nyene. Turazi ko Yezu mu kudukiza yashatse ko natwe twokundana nkuko nawe yadukunze. Yezu yasizwe na Mutima Mweranda ngo akize abarwaye, aboro, abababaye bose ku mutima canke ku mubiri, ngo bose baronke ikibanezereza. Uwaronse ikigongwe cImana mu cemerezo aca aronka nurukundo, akitwararika ko twese twogira umuryango wImana urangwa nurukundo nikigongwe. Ivyo bibazo vya Papa Fransisiko biradufasha kuraba ko turangwa nurukundo rwImana. Uko niko jewe ndabibona. Mweho mubibona gute?

TWUMVIRIZE IRYO IMA A ITUYAGIRA IDOMI IKA YA 14 YO MU MWAKA - C


IGISOMWA CA MBERE : Iz. 66, 10-14a. Urweze rwo kuronka umukiza Ivyo dusoma mu gitabu cUmuhanuzi Izaya i munezerwe hamwe na Yeruzalemu, tambe mutarike, mwebwe abayikunda mwese. i mwigine hamwe na yo, mwebwe mwahora muyigandariye! Kugira ngo muze mwonke muhage, muhozwe nibere ryayo, musoserwe nubuninahazwa bwayo. kako, ngiri iriyazwe nUmukama: zoyironsa amahoro atemba nkuruzi, iteka ryayo mu makungu ringane nuruzi rwasheshe. Imicuko yayo izorerurwa, bazoyisimbagiza. Kurya umuvyeyi ahoza umwana wiwe, niko nanje nzobahoza, mugahozwa muri Yeruzalemu. i mwabibona, agahimbare kanyu kazoba kose, umubiri wanyu uzototahara nkubwatsi buremvye. Umukama azokwimenyesha abasavyi biwe. IGISOMWA CA KABIRI: Abagalati. 6, 14-18. Umusalaba wa Yezu ni wo umukristu yishimiriza Ivyo dusoma mwibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abagalati: cuti zanje: Ese, icompa ntihagire ikindi kintuma nishimiriza, ndetse umusalaba wUmukama wacu Yezu Kristu! Kuri jewe, niwo watumye ivyisi bibambwa, nanje nkaba uwabambwe kuri ivyo. a none, ukugenyerwa canke ukutagenyerwa nta kamaro; igishemeye ni ukuba ikiremwa gishasha. Abazokwirikira iryo teka bose ndabifurije amahoro nikigongwe, ndavyifurije kandi Israeli yImana. Kuva ubu, ntihagire uwucirirwa arangora, kuko ntwara mu mubiri wanje inkovu za Yezu. Benewacu, muraBavukanyi, muri iki gihe cici Ekleziya yi Burundi yama ihimbaza imanza zihambaye ziyatirwa mu busaserdoti, ikaronka abafrera nababikira bashasha barungikwa gushikiriza inkuru nziza. Ariko tuguma tubona ubukene bwabo kuko ivyimburwa ari vyinshi abakozi bakaba bake. Ni vyo Yezu yabwiye abigishwa biwe agomba abarungike mu butumwa. Yezu amaze kubona ko hakenewe abakozi benshi, ntiyarungitse bamwe 12 gusa, yarungitse nabandi bigishwa. Uyu musi twumvise ko yarungitse abigishwa 72. Abo ni Ekleziya. Ekleziya ubwayo irangwa no kuba umutumwa. Ekleziya si ukuvuga Papa nabepiskopi; Ekleziya ni igihugu cImana. Abo bigishwa 72 ni Ekleziya irungitswe mu bihugu vyose. Bisigura ko ubutumwa bwo kumenyesha inkuru nziza bwega Ekleziya yose, kuko kwisi abataremera baracari benshi. Twebwe twese duhurikiye mu muryango wEkleziya dutumiriwe gufasha abungere bacu muri ubwo butumwa bwo kumenyesha inkuru nziza. Mu kurungika abigishwa, Yezu yabarungitse ari babiri babiri. Kabiri(2) ni igitigiri casabwa nitegeko kugira ngo intahe ishinzwe yemerwe ko ari yo: Icabona

mane mu mutima wanyu inema yUmukama wacu Yezu Kristu. Amen INKURU NZIZA. Luk. 10, 1-12. 17-20. Intumwa mirongo indwi na zibiri zija kubura urweze rwubwami bwImana Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Luka: Umunsi umwe, Umukama yatoye abandi bigishwa mirongo indwi na babiri, arungika babiri babiri ngo bamutange imbere mu gisagara no mu birwati vyose aho yagira ngo aje hose. Arababwira ati: Ivyimburwa ni vyinshi, yamara abakozi ni bake. Saba rero nyenumurima, arungike abakozi benshi mu murima wiwe. Genda, ndabarungitse nkintama mu mfyisi. timutware umupfuko wamahera canke isaho canke inkweto, no mu nzira ntihagire uwo muramutsa. Inzu yose muzokwinjiramwo, ubwambere muvuge muti: Amahoro muri iyi nzu! a ho ni haba hari umuntu akwiye amahoro, amahoro yanyu azomujako; ahandiho, azobagarukako. Iyo nzu nyene muze muyigumemwo, murya kandi munywa ivyo basanganywe, kuko umukozi aberwa nimpembo, ntimute umuhana mutora uwundi. Ikirwati cose muzokwinjiramwo bakabakira, murarya ivyo babazimanye; kandi muhakirize abarwaye, mubabwire muti: Ubwami bwImana burabegereye. kimwe ntikizohaguruka conyene ngo cagirize umuntu icaha ico ari co cose canke igicumuro ico ari co cose; mu gicumuro ico ari co cose yakoze, niyagirizwa nivyabona bibiri canke akagirizwa nivyabona bitatu, ivyo bavuze bizokwemerwa (Dt 19, 15). Abo Yezu arungitse si abagiye kwagiriza ibicumuro, ni abagiye kuba ivyabona vya Yezu, bagiye no gutegura aho agira aje. Kari nakamenyero kabakristu ba mbere babamisiyonari: ntawijana. Paulo yarajanye na Baranaba. Baranaba yarajanye na Mariko. Paulo yarajanye na Silasi Umwanditsi Luka yanditse iyi Njili mu gihe yari amaze kubona ingene ubwo butumwa atawubwikorana. Ikindi kandi twozirikana ni uko Yezu abarungitse aho azi. Arazi ko hatameze neza. Ni ho ababwira ati: Ndabarungitse nkintama mu mfyisi . Abarungitse aho ukwemera kwatitutse. Bagiye babizi. Ivyo ntibisigura ko abo bagereranywa nimfyisi badakundwa nImana. Ni ukugira ngo abatumwa ntibaze batangazwe nutugorane bashobora guhura na two. Icotangaza ni uko bokworoherwa. No mwisi ya none ntivyama vyoroshe gushikiriza inkuru nziza ya Yezu Kristu, kuko hari aho usanga tuyishikiriza abadashaka kuyumva, no kuyirwanya bakayirwanya. Hanyuma Yezu yasavye abigishwa kutagira ico bitwaza kandi nta ninyigisho zihambaye yabasavye gushikiriza. Uburyo bwabo bwo kubaho ni bwo buzigisha abandi. Umumisiyonari yigisha ubwami bwImana akoresheje uburyo bwiwe bwo kubaho. Yezu asaba abigishwa biwe ko boshimi-

shwa no kuba mu bworo kugira ngo ntibabanze kwishimira ubushobozi bwumuntu. Na Yezu ntiyaje yigira umuntu ahambaye, ntiyigize umutunzi, nta birwanisho yaje azanye, yigize umworo, yicishije bugufi. Ekleziya na yo ibwirizwa kwigana Yezu mu kuba nyoro. Aboro na bo ni bo batunze Ekleziya. Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: Ntimutebe mu nzira mwishinga kuramukanya. Si ukubarera nabi, ni ukubereka ko ubutumwa barungitswemwo bwihutirwa. Iyo mvugo Luka arayimenyereye cane. Uwujanye inkuru nziza wese agenda arihuta nka kumwe kwa Bikira Mariya yihuta aja kwa mwenewabo Elizabeti, canke kumwe abungere bihuta kumenyesha inkuru nziza yivuka rya Yezu, canke mbere kumwe Filipo yihuta ngo ashikire ikigwingwiri umunyetiyopiya yariko agenda arasoma ivyanditswe numuhanuzi Izaya (Ac 8, 3) kugira ngo amufashe kubitahura. Ubwo jewe ndihutira kumenyesha inkuru nziza? Ku bijanye ningene bazobaho, Yezu yabasavye gutungwa nivyo bazobazimana. Womengo ni ibisanzwe, ariko si ibisanzwe kuko agomba kubakebura ngo bavavanure nukwinenaguza kwabayahudi. Bazotungwa nabo bagiye kumenyesha inkuru nziza. Ibi na vyo biratwigisha ingene tubwirizwa kubungabunga abo Yezu yaturungikiye ngo badushikirize inkuru nziza. Mbega iyo nkuru nziza ni iyigenze ite? Inkuru nziza bajanye ni inkuru nziza yamahoro: inzu muzokwinjiramwo mubanze muyipfurize amahoro. Inkuru nziza bajanye ni inkuru nziza yurukiza. Urwo rukiza ruranga

ubwami bwImana. Ubwo bwami bwashitse. Ni Yezu. Abo bigishwa bagenda baca aho Yezu yagira aje hose. Muri Yezu ni ho ubwami bwImana burangukira. Inkuru nziza nyamukuru ni uko Imana ari yo igiye kuganza. Kwemera Yezu ni ukwemera kuja muri ubwo bwami bwImana budatituka. Ubwami bwImana ntiturindira kubujamwo hanyuma, uyu musi twemeye Yezu tuba twinjiye muri bwo. Ubwami bwImana tubujamwo mu kurangura ishaka ryayo kumwe tubivuga mu gisabisho ca Dawe wa twese: Ubwami bwawe ni buze, ishaka ryawe niriranguke. Ishaka ryImana na ryo ni ugukora iciza: gukiza abarwaye, gutabara aboro, guharanira ubutungane namahoro... Dusozere tuzirikana ko aba bigishwa Yezu yarungitse bari batahuye ko babwirizwa gutanga icegeranyo civyo baranguye. Ubutumwa bwari bwagenze neza kuko bari birukanye imitima mibi kugira ngo Yezu ni yaza ashikire heza. Umutumwa wese ahamagariwe gufasha ngo mutima wa sekibi yomoke abise Yezu abe ari we agaba akaganza. Bavukanyi, naho hakenewe abakozi benshi, ico Yezu adusaba ubwa mbere ni ugusaba Nyene umurima ngo arungike abakozi benshi kandi beranda. Ikindi na co ni uko atawirungika. Bararungikwa. Uwarungitswe na we ategerezwa gutanga raporo yivyo yaranguye, kuko ubutumwa atari ubwiwe ari ubwo uwamutumye. MUKAMA DUTABAZE ABAMENYESHA INKURU NZIZA BENSHI KANDI BERANDA. Patiri Dieudonn tamavukiro.

taho nzokureka, ntaho nzoguta.( Hebreyi.13,6)


Bavukanyi bakudwa bImana, ndabaramukije amahoro atagwa nUmukama Yezu-Kristu, we yapfuye hanyuma akizura mu bafuye. Inkuru nziza iratubwiye iti: taho nzokureka, ntaho nzoguta. Nico gituma twubahuka kuvuga tuti: Umukama ni we Mutabazi wanje, ntaco nzotinya. None umuntu yoshobora kungira iki? Bavukanyi, muri ibi bihe tugezemwo hari ingorane nyinshi nivyago vyinshi dutegwa nabagenzi, abavukanyi, abavyeyi nabandi. Abantu basigaye bagendana intuntu nagahinda kubera amagogwa yubwoko bwose. Hari abantu batakibona ico babereyeho kuko batakigira iteka nagaciro kumuntu kandi bari bitwa ko bari mu gihugu cImana. Hariho abumva umengo ntabuzima bagifise kubera ukwihebura; hari abavunitse umutima, batakaje umwizero, bibwira ko batagipfa bakize. Bavukanyi benewacu hamagara Mutima wImana abasubize ubuzima, niwe asubiza ubuzima ababutaye. Niwe bukomezi bwabagoyagoya. Niwe muhoza wabarira nabihebuye. Niwe kanyamuneza kabababaye nabijiriwe. Niwe mutabazi wabageramiwe. Ijambo ryImana rivuga riti: i nde azodukura ku rukundo rwa Kristu? Mbe, namarushwa canke namaganya canke nuruhamo canke namakuba canke ninkota? Ariko muri ivyo vyose, turatsinda kubera uwadukunze. Egome, ndavyemeye ntakekereza: nta nurupfu canke ubuzima, nta nabamarayika canke intwaramiheto zo mwijuru, nta nikiremwa na kimwe kizoshobora kudukura ku rukundo rwImana rwamenyeshejwe muri Kristu. Umukama wacu. Ayo majambo yanditswe yohejwe na Mutima wImana, we yiremeshereza abamuyoboka. Ni kuki none tugira ubwoba? Ayo majambo mushobora kuyisomera mwibaruwa umutumwa Paulo yandikiye Abaromani 8,31.38. Nuko bavukanyi, abafise ingorane zitandukanye mukomeze ukwihangana, murinde vyose mu Mukama. Twihereze uwaducunguye we yadutsindiye inabi zose. Iyo urikumwe na Yezu, vyose bigenda neza kuko agutwaza umusalaba; ariko iyo udafise Yezu uca uruha ningoga, umusalaba ukakunanira. Umaze kunanigwa rero uba utsinzwe, ugaca ubura ico ufata ni co ureka, amagorwa yose akagukoranirako. Komera mu Mukama, uri kumwe nawe ntaco uzokena. Yezu avuga ati: Kwisi muzobona amagorwa yamara mugumye umutima! atsinze isi (Yo.16). Imana ibahezagire. Aline KAMARIZA. Abadashaka kwirega bitwaza iki? (ivyitwazo 10). 1. Nuyuhe mupatiri yoshobora kundekurira ibicumuro? Imana yonyene niyo yobishobora. 2. Jewe, ndabwira Imana ibicumuro vyanje ntarinze guca ku wundi muntu. 3. Kubera iki norinda kubwira ibicumuro vyanje uwundi muntu kandi ari umucumuzi nkanje? 4. Birantera isoni kurinda kudondagura ibicumuro vyanje. 5. Birantera ubute kwirega ibicumuro bimwe. 6. Nta kamaro ku kwirega ko nama mbandanya gucumura. 7. Ndazi ko mbandanya gucumura, nukuvuga ko ntigaye bikwiye. 8. Mbega Patiri ntazohava amvugira ivyo namubwiye? 9. Nta Mwanya ndonka wo kuguma ngenda kwirega. 10. Si ndonka umupatiri wo kwiregako, basigaye bagoye. Muvukanyi, weho ivyitwazo vyawe vyoba ari ibihe? Genda ata bwoba, Imana ni Rukundo rutagereranwa.

DUSHEMEZE IMA A KU MU SI KU MU SI
7/7 8/7 9/7 D Uwimana wa 14
Claude
Izaya 66,10-14c; Zab 65,1-3.4-5.6- Ivyimburwa ni vyinshi, yamara abakozi ni bake. Sabe rero nyenumurima, 7.16 na 20; Galati 6,14-18; arungike abakozi benshi mu murima wiwe Luka10,1-12.17-20

L Virginiya M

Amamuko28,10-22; Zab90,12.3-4.14-15ab; Mt9,18-26 Ogushino Zhao Amam32,22-32; Zab16,1.2-3.67.8b na 15; Mt. 9,32-38 na bagenzi be

Yezu nawe aca arahindukira, aramubona amubwira ati : Gumya umutima mwananje, ukwemera kwawe kuragukijije. ya mugore aca akira buno nyene

Yezu nawe yama agendura ibisagara vyose nimihana, yigisha mu masinagoga, asigura injili yubwami,yongera akiza indwara zose nubumuga bwose

10/7 M Marsiyana 11/7 J Benedigito 12/7 V Olivier 13/7 S Henri

Amamuko41.55-57; 42,5-7.17-24; Ahamagaye abigishwa biwe icumi na babiri abaha ubukuru bwukwirukana Zab32,2-3.10-11.18-19; Mt10,1-7 amashetani nugukiza indwara zose nubumuga bwose

Amategeko2,1-9; Zab33,2-3.45.6-7.8-9.10-11; Mt 19,27-29 Amamuko46,1-7.28-30; Zab36,3-4.18-19.27-28.39-40; Mt 10,16-23 Amamuko49,29-50,15-26 ; Zab


104,1-2.3-4.6-7; Mt 10,24-33

Shebuja rero bimutera ikigongwe, aramurekura amuhebeye numwenda yari amufitiye. datumye nkintama mu mfyisi ; muritegereza nkinzoka, muce bugufi nkinuma Umwigishwa ntaruta umwigishashebuja, umusuku ntaruta shebuja. baba bise nyenurugo Beelzebul, abiwe bazobageza kure i

UMWAMI ABAGORE BIWE BA E.


Habaye Umwami akaba yari afise abagore bane. Nkuko bisanzwe, uwakane yari inkundwakazi. Yamufata neza, akamuha utuganuke akongera akamwitaho bikwiye. Utwiza twose yadumbereza we. Yarakunda kandi umugore wa gatatu, yaramuratira abandi bami bibihugu vyari bimukikuje. Ariko yamana ubwoba bwuko abo bami bazohava bamumutwara. Uwa kabiri nawe nyene yari amufitiye urukundo. Niwe yashikiriza akamubakiye ku mutima, akongera akamusaba impanuro. Igihe cose yaba afise ibimuzazaniye, niwe yatumbera. Umugore wambere bari bubakanye kuva acimikwa, ariko, nta rukundo yari amufiseko, ntiyamwitaho bimwe bishemeye. Umunsi umwe Umwami ararwara araremba. Ari hafi kwitaba Imana, yaribajije ati: Mfise abagore bane, none mbure numwe tujana mu kuzimu? Niko guhamagara umugore agira kane yakunda gusumba abandi, aravumera ati: aragukunze kuruta barya bandi bagore. Ivyo naguhaye ntibigira uko bingana. one ubu ngire mpfe, woza tukajana? Gurtyo ugacika umukunzi wanje igihe cose? Wa mugore ati: Mbega wasaze? Yongera amwigirwa kure ata nirindi jambo yongeyeko. Iyo nyishu yaratangaje Umwami yongera iramubabaza wamenga bamusogose imbugita mu mutima. Umwami yakura uwa gatatu ati:Ubuzima bwanje bwose naragukunze. Ubu ngire mpfe, vyoshoboka ko upfana nanje?. Niko kumwishura ati: ta kintu kiryoshe nkubuzima. Igihe uzoba wapfuye, numva nzoca nironderera uwundi twubakana. Iyo nyishu iratangaza cane Umwami, asigara yijiriwe cane. Niko kubwira uwa kabiri ati: Igihe cose naba mfise ibingoye, natumbera wewe, kandi waramfashije vyiza vyabantu. Ubu ngire ntange, urashaka ko tujana? Nawe ati: Urambabarira, numva tudashobora kujana iyo ugire uje; ariko ndakwemereye ko nzoja imbere mu gutunganya ibirori vyukugushingura, kandi nzokora ibishoboka vyose bizobe biteye igomwe. Uwariwe wese azobona ko nagukunda. Umwami arihebura, atangazwa ningene vyukuri ata rukundo abo bagore bari bamufitiye. Niko kwumva ijwi ryongorera riti: Iyo uzoja hose jewe tuzojana. Aca yumva neza ko ari ijwi ryumugore wiwe wa mbere. Umwami araramura inyonga ziwe yumva isoni ryukubona uyo mugore yaronze asigaye ku mutwe nkubuhiri, arwaye kwashi, yihebuye. Umwami ati: Igihe nari ngifise amagara nuburyo, ni wewe nari kuba nakunze nkakubungabunga gusumba barya bandi bagore batatu. dagushimiye ko wemeye ko tujana. Inyigisho yanje: Mu vyukuri, umwe wese mu buzima, afise abagore bane. Umugore wa kane, ni umubiri wanje. Uko ndawubungabunga kwose, hageze gupfa, usigara kwisi. Umugore wa gatatu, ni ivyo ntunze, ivyubahiro mfise. Hageze gupfa, vyose bisigara aha kwisi. Umugore agira kabiri, ni abagenzi, umuryango, incuti. Baradufitiye akamaro, ariko tugiye gusezera isi, akamaro bazotumarira ni ugutegura amaziko yacu. Umugore wa mbere ni umutima wanje, kenshi nibagira, nkawufata nabi gushika naho uzingamikwa nibicumuro biva kwishari ninzigo, ku kudasenga, ku kutirega ku musaserdoti, kukudafasha abakene, kukutitaho impfuvyi, abapfunzwe, kukurenganya abandi, ku gusesa amaraso, nibindi. Ariko niwo wonyene tujana aho tuja hose. Twihe umwanya wukuwubungabunga mu kurangwa ninyifato nziza kugirango uyo mutima uzire agatosi ukomere. Nitwararitse umutima wanje, isi izoharonkera ivyiza vyinshi. Umukama amfashe kwama nitwararitse kubungabunga umugore wanje wa mbere ariwo mutima wanje, turi kumwe kuva ngisamwa mu nda yumuvyeyi yanyibarutse. Dieudonn MPEBEYE, Kanyosha. DUCISHEMWO DUTWE GE: Hari umusore yakunda kuja mu misa akabona ingene abantu buzura amasengero ariko ntatahure igituma ata muntu numwe akunda Yezu gushika aho yemera gupfa. Umunsi umwe niho yaza gusenga afise imbugita, Patiri ahejeje gusigura aca aja kwa Altali abwira abari aho ashize ya mbugita hejuru ati: i nde akunda Yezu? Bose baca bunamika amaso kuko bari bazi ko uwuvuga ko amukunda aca amucumita. Arasubira ati: i nde akunda Yezu? Vyakabaye kera, agakecuru kamwe kavuga gati:
Jewe ndamukunda. Wa musore aca aragatwara ahantu inyuma, abandi basigara barajugumira bazi ko agiye kukica. Aho hantu yari yahasize inkoko ibaze, aca ashira amaraso kuri ya mbugita kugira baze kwibaza ko yakishe. Aca agasigayo aragaruka na ya mbugita ati: i nde akunda Yezu? Bose bunamika umutwe. Abitwa ko baremesha abandi mu gusenga bari bihagazeko ubwa mbere, ariko bihava birabankira. Yabihweje kera ati: Humura nagira ndabe aho mugeza mu kwemera. one nsanze ata numwe amukunda.

Das könnte Ihnen auch gefallen