Beruflich Dokumente
Kultur Dokumente
mu muryango wabakristu
Diyoseze kuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 927461
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr Site: www.isokoryubuzimaburundi.fr.gd
Igiciro:100Fr 36/13
Indero runtu nijane nindero rukristu. Mu gihe hakorana inama nkuru yEkleziya yihweza ibijanye
nukunagura uburyo bwo gushikiriza inkuru nziza ninyigisho nkomezakwemera (synode des vques sur la nouvelle vanglisation pour la transmission de la foi chrtienne, 7-28 octobre 2012), harashikirijwe ivyipfuzo bitari bike. Icipfuzo kigira 27 gitomora ibijanye nuruhara rwindero mu rugamba rwo kumenyesha inkuru nziza: Gende rero, mwigishe abantu bose, mubabatize kwizina rya Data nirya Mwana nirya Mutima Mweranda, mubigishe gukora ivyo nabategetse( Mt 28,19-20). Ibanga ryukurera, nishingiro rikuru ryukumenyesha inkuru nziza. Kumenyesha Yezu yazutse, nuguherekeza abantu mu rugendo barimwo ngaha kwisi, mu vyo bacamwo vyose, mwiterambere ryabo no mu muhamagaro wabo. Indero nta gice na kimwe isiga inyuma mu bigize ubuzima bwumuntu; ijanye nico cose gishira imbere ineza, ukuri, ubuntu. Abana bato, imiyabaga, urwaruka, barafise uburenganzira bwo kuronka indero runtu nindero rukristu. Amashure yegamiye Ekleziya katolika yokwita ku rutare ngo iyo ndero runtu na rukristu itangwe; abashinzwe intwaro nabo barakwiye gushigikira urwo rugamba. Amashule nafashanye nimiryango ngo ukwemera gushinge imizi mu bana hakiri kare. Abantu bose bita ku rutare ngo bubahirize indero mu mashule yegamiye Ekleziya, ni babishimirwe. Barakwiye kuronswa uburyo bwo gukarisha ubwenge ngo bagume barangura neza iryo banga. Amashule yacu akwiye kugira uburenganzira bwo gutunganya inyigisho nindero mu buryo budatitura akaranga kayo ko kuba ishingiro ryo kumenyesha inkuru nziza. Abigisha nabo ni bitwararike kuba ivyabona vya Yezu Kristu bibushitse. Ababifisemwo uruhara bose ni bafashe abarezi, borohereze ugufashanya kwabakristu nabihebeyimana muri urwo rugamba rwo gutegurira abana kazoza keza .
ariko kive ku gushaka kwawe. Kumbure, icatumye atandukana nawe umwanya mutoyi kwari ukugira ngo umusubizwe imyaka yose, atakiri nkumushumba, mugabo asumba rwose umushumba, abe mwenewacu mfise ku mutima, na we urushirizeho kumukunda mu bantu no muri Kristu. uko rero, ni waba wemera ubucuti dufitaniye, n'umwakire nkuko yoba ari jewe wakiriye INKURU NZIZA: Lk. 14, 25-33 Uguca ubwenge n'ukwiyambura ivy'isi ugakurikira Yezu Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Luka: Isinzi ry'abantu ryari rigendaniye Yezu, hanyuma arahindukira ababarira ati: Umuntu ni yaza iwanje ntahebe se na nyina, umugore n'abana, benenyina na bashikiwe, mbere n'amagara yiwe, ntashobora kumbera umugendanyi. Uwutikorera umusalaba wiwe ngo ankwirikire, ntashobora kumbera umugendanyi. i nde muri twebwe yoshaka kwubaka inzu, ntabanze kwicara ngo arabe ko afise ibiyujuje? Kugira ngo amaze gutangura ntayite urukankara, bose ngo bamutwenge bati: Uyu muntu yatanguye kwubaka inzu, vyamunaniye kuyuzuza. Canke, ni uyuhe mwami yoja gutera uwundi, ntabanze kwiyumvira ko abantu: biwe ibihumbi cumi bashobora gutsinda uwuje kwivunisha ibihumbi mirongo ibiri? Atabishoboye, arungika intumwa gusaba itekane wa mwami akiri kure. iko uwo wese muri twebwe adashobora guheba ivyo atunze vyose ntashobora kumbera umugendanyi. akanyamuneza kazokwamaho imyaka yose. Twirinde guta umutwe nyabuna dushire imbere urukundo rwiheba mu gufasha bene wacu, nakare abarundi barayamaze bati: abirundarunde babimurunzeko, ndabisanzaze nawe yabisanze imbere; ngiyo intumbero twoha amatungo tworondera ngaha kwisi; gufasha abandi, kwihebera abandi no kwikorera nyene umusalaba wacu tugakurikira Yezu. None bavukanyi, umusalaba Yezu atubwiye ni uwuhe? Si ibindi bishasha ni ayo magorwa yubwoko bwose umuntu agira mu buzima, yaba indwara, yaba uruhamo, yaba umubano mubi mu muryango, zaba nizindi ngorane zose umuntu acamwo mu buzima bwa misi yose nibindi nkivyo. None, igituma utinya kwikorera umusalaba wawe ariwo uzogushikana mwijuru niki? Mu musalaba niho hari ubukomezi, nubuzima. Yezu Kristu yatugiye imbere arikorera umusalaba kandi aradupfira ku musalaba kugira ngo natwe twikorere uwacu tumukurikire. Ntanzira yindi iriho ntayindi ibangutse atari inzira yumusalaba. Naho twotunganya vyose nkuko tuvyiyumvira tukaroranya vyose nkuko twipfuza, nta kindi tuzosanga imbere atari uko dutegerezwa kurinda amagorwa imisi yose tubishaka canke tutabishaka yaba umutunzi canke umworo ategerezwa guhura nibimu-gora. Nkako nyene, tuzokwumva ibitubabaza mu mubiri canke tubone amaganya mu mutima. Naho nitwaba twidodomba mukuwu-
twara twitera nyabuna uburemere mbere tuba twiremetse ibisumbirije. No mu beranda bose nta numwe ataronse umusalaba ngaha kwisi, none icodutuma turondera izindi nzira ni ikihe atari iyo nzira ija i bukama ariyo yumusalaba; nakare ha kuzimira wozigura. Uzoba rero uhuvye ni warondera iyindi nzira atariyo Yezu yaduciriye. Bisubiye, uko umuntu atera imbere mu gukurikira Yezu no mu bweranda ni kenshi asanga imisalaba iremereye na cane abamurwanya asanga ari benshi. Niwaba wizera Umukama azoguha ubukomezi bwo ku mukurikira maze ivyisi nivyumubiri ubashe kubirengera. Twame rero turinda rugabo ibitubabaza nkintwari nyakuri ya Kristu. Dushishikare kwikorera wa musalaba Umukama yadupfiriyeko kubwurukundo adufitiye ni twaba vyukuri tugomba gusangira itoranwa hamwe nawe. Twomenya ko uko umuntu arushiriza kwiyonkora ku vyiwe, ku matungo niko arushiriza kuba muzima ku bwImana; ntakintu rero coza gishimwa nImana, ntakintu cogukomeza mu nzira yubukiriro hano kwisi nkugushima kubabara kubwabenewacu no kubwa Kristu. Bisubiye uronse uburyo bwo guhitamwo, wotegerezwa gutora kurinda amagogwa kubwa Kritu ha gutora kuremeshwa no guhozwa nivyisi. None rero bavukanyi, kuri uwo wese ashaka kumukurikira aramukebuye icese ngo yikorere umusalaba kandi aramubwiye ati: uwushaka kungendanira ni yihebe we nyene yikorere umusalaba wiwe ankurikire. Iyi nzira Umukama yaduciriye ntitegerwa na bose kuri bamwe nigitsitaza ku bandi nubujuju, mugabo nkuko igitabu
cubwitonzi cabitubwiye: ni nde yoshobora kumenya imigabo yImana; ni nde ashobora gutegera ico Umukama ashaka? Ni Imana itanga ubwenge nyakuri bwo kuzirikana ishaka ryayo niyo itwereka inzira yo kuyishikira. Twame twumviriza ijwi ryUmukama we yama atuyagira akatugororera amayira akatwereka nibisiga bwenge bwacu. Nkuko umutuma Paulo yandikiye Filimoni mu gisomwa ca kabiri amumenyesha ingene yotegerezwa gufata umushumba wiwe Onesime nkumuvukanyi; ijambo ryImana rero rirahindura imigambi nimigenzo yabantu, aho umushumba angana na shebuja ivyo ntivyoshoboka ku bantu bataranyurwa ninkuru nziza ya Yezu Kristu. Kristu niwe yaje yicisha bugufi yibabaza kugira asubize agateka abantu. Twokora iki kugira tugendere iyi nkuru nziza yuyu musi? Mukwama twimatura kuri ivyo vyose bitubuza kuyoboka Umukama. Duhereye aho turi, abantu benshi baramaze kuzirikwa numwina wivyisi bikabatuma baheba gukurikira Umukama, abandi bagahurumbira amateka yo ngaha kwisi gushika aho bata nukwemera, ntitwokwibagira nabatwagwa numubiri bagasigara bagenda baravura bakukumba hasi. Tumenyeko itunga nyamukuru kwari urukundo rwitanga rutitangiriye itama, kwari ukwakira umusalaba wacu tugakurikira Yezu tudatinya amaso ya se kibi, twirinde guhunga umusalaba no kuwugegena ngo twiyorohereze. Dusabe kwama turushiriza gusa na Yezu Kristu duhitemwo inzira yo kwihebera abandi mu kurinda amagorwa adushikira ku bwa Kristu. Amen. A.Paul RUCUMUHIMBA.
Igenekerezo rya 8 Nyakanga Ekleziya yama ihimbaza umusi mukuru wivuka rya Bikira Mariya. Mu kwifatanya na Ekleziya, twerekana urukundo nicubahiro dufitiye Bikira Mariya, we Imana yatoye ngo atuvyarire Yezu. Ivuka ryiwe rero, numusi mukuru cane kuri Ekleziya. Mariya yavukiye kuba nyina wumukiza, ngo Imana irangure umugambi yari ifise wo gukiza isi, natwe tukaboneraho gutagatifuzwa ninema yImana. Bikira Mariya aratuyobora, aradushigikira, araturemesha, araduhoza kuko ashaka kudukoraniriza mu mushaha wiwe utartyoye. Duhimbaze nakanyamuneza ivuka rya Bikira Mariya. Yezu Kristu, zuba ryubutungane nImana yacu, yaje kwisi aciye mu nda yiwe. ka Bikira Mariya, imitima yacu nisagwe nurukundo rwImana. Umusi mukuru wivuka ryiwe nutuzanire inyongera yakanyamuneza; nuduhe kuzirikana ubutore bwiwe niteka ntangere yatewe ryo gusamwa ata gicumuro, ngo arangure umugambi Imana yamuteguriye wo kuba inkomoko yurukiza rwisi yose. Mukama, nunagure Ekleziya yawe uyikomeze; uyuzuze akanyamuneza kuri uyu musi yigina ivuka rya Bikira Mariya, yabaye intango yumwizero nurukiza rwisi. Dushiremwo natwe umutima wo kukuninahaza. Umutima wanje uraninahaza Imana (Luka 1,46-55). Umutima wanje uraninahaza Imana, yo mukiza wanje. Kuko yibutse umuntu wiwe muto muto, kuvubu abantu bose bazonyita muhirwe. Kuko Rugira vyose yangiriye ibitangaro, izina ryiwe ni ritagatifu. Agiririkigongwe abamwubaha bose, abavyeyi nabana. Yerekanye inganji yiwe, yasanzajabikuririza mwitunga ryabo. Yakuye ku ngoma abanini banini, aninahaza abatagira uburyo. Aboro yabahaye ivyiza vyinshi, nabo abakungu abasiga bipfumbereje. Yahangaje Israeli Umwana wiwe, yibukikigongwe ciwe. kuko yari yabiraganye nabasokuruza, Iburahimu nabuzukuruza, ngwazokwama akibagirira. Haninahazwe Mana Data na Mana Mwana na Mana Mutima Mweranda; nkuko vyamyeho na mbere hose, ni bibeko nubu no mu myaka yose.
Bikira Mariya, muvyeyi wumviriza, ufata ingingo kandi ugakora, dufashe amatwi yacu yuguruke. Dufashe
tumenye kwumviriza ijambo ryumwana wawe Yezu, muri iyi si twumvamwo amajambo menshi; nudufashe dushobore kwumviriza ico ibibihe bitubwira, twumvirize umuntu wese duhura, cane cane umukene, uwugeramiwe mu buryo butandukanye. Mariya, wewe ubanguka mu gufata ingingo, numurikire imitima yacu kugira ngo dushobore kugamburuka amajambo yumwana wawe Yezu, tudahigima; duhe ubutwari mu ngingo twafashe, twirinde kujuragizwa nivyiyumviro vyumwijima. Mariya, Muvyeyi urangwa nibikorwa, dufashe ngo ibirenge vyacu namaboko yacu bibanguke vyerekeza abandi, kugira ngo dutange urukundo rwumwana wawe, turwerekeze mwisi nkuko nawe ushikiriza isi umuco winkuru nziza. Papa Fransisko (Zenit.org).
DUSHEMEZE IMA A KU MU SI KU MU SI
8/9 9/9
D Idominika ya 23-C
Ivuka rya B.Mariya
L Petero Klaveri
Ubwitonzi 9,13-19 Zab 89,3-17 Filemo9b-10.12-17 Lk.14,25-33 Kolosi 1,242,3 Zab 61,6-9 Lk. 6,6-11 Kolosi 2,6-15 Zab 144,1-11 Lk. 6,12-19 Kolosi 3,1-11 Zab144,2-13 Lk 6,20-26 Kolosi 3,12-17 Zab 150,1-6 Lk. 6,27-38 1 Timote 1,1-14 Zab 15,1-11 Lk. 6,39-42 Ibiharuro21,4b-9 Zab 77,1-38 Yo. 3,13-17
Utikorera umusalaba wiwe ngo ankwirikire, ntashobora kumbera umugendanyi. dababajije ko birekuriwe gukora iciza canke ikibi ku musi wisabato, gukiza umuntu canke kumwica? Ishengero ryose ryarondera kumukorako, kuko ububasha bwava kuri we bubakiza bose.
Muragowe umusi bose bazoba babavuga neza, kuko base babigiriye abahanuzi bibinyoma Ariko mwebwe munyumviriza, nadabwiye : kunda abansi banyu, girira neza ababanka, hezagira ababavuma,sabira abababeshera Wa mwangushi we, banza ukure urugiga ruri mu jisho ryawe, hanyuma ubone gukura akatsi kari mu jisho rya mwenewanyu Imana yarakunze isi gushika itange Umwana wayo wikinege, ngo umwemera wese ntapfe, aronke riho ubuzima budahera
Umusi mukuru wumusalaba. Igenekerezo rya 14 Nyakanga Ekleziya idutumirira guhimbaza ininahazwa ryumusalaba. Turaninahaza Yezu kuko yaducunguje umusalaba wiwe. Umukama niwe mahungiro yacu, ni mushobora vyose. Twakirane igishika ubuninahazwa bwumusalaba, bukayanganira mwijuru no kwisi. Twakire inema imurikira umutima wacu kubwa Mutima wukuri. Dusabe inema ngo twifatanye na Yezu, mu bubabare yari afise, igihe yari yambuwe vyose, agafata kamere yumuntu. Tugumane ukwizera nukwemera gukomeye. Mu kinyegezwa cumusalaba, Umukama arasubira kutwibutsa ingene yababaye. Tugumane na Bikira Mariya, we yasogoswe inkota mu mushaha wiwe. Mbega ububabare! Umushaha wa Yezu ntiwari kubabara ngo uwa Bikira Mariya ureke kubabara. Umutima wiwe wuzuye ikigongwe, nicamwa curukundo akunda Yezu nabacumuzi. Uwugumye muri we yama ivyamwa vyinshi. Ese Yezu yokirurutsa imitima yacu akayigeza kwisonga ryurukundo, Bikira Mariya nawe adutwikirize imishwarara yurukundo rwiwe, atwumvishe akanovera ko kuba mwijuru.
Umunywanyi wa Yezu Munyakigongwe aratwandikira. Ndabaramukije mwebwe mwese mwumvise akamo mwatewe na mama Faustina Mweranda, umwe Yezu yatora ngo amubere umutumwa wikigongwe ciwe, ngo agikwize kwisi yose. Narabonye ingene Yezu ari Munyakigongwe. Ndamukunda, ndamwizigiye. Nashaka ndabayagire ingene Bikira Mariya nawe nyene ari munyakigongwe. Igihe Yezu yari ku musalaba yarasogoswe icumu mu rubavu, amaraso namazi bicuncubuka biva mu mushaha wiwe. Ayo maraso namazi, Yezu yayakuye mu nda ya Bikira Mariya; yaremeye kwibungenga Yezu aho yabwira umumalayika Gabriyeli ati: Jewe ndi umusavyi wUmukama, ni bibe nkuko ubivuze. Bikira Mariya yarababaranye na Yezu igihe yari mu nzira yumusalaba, gushika abambwe. Nico gituma Ekleziya yama ihimbaza ububabare bwa Bikira Mariya uko umwaka utashe, kwigenekerezo rya 15 Nyakanga; iba yaraye ihimbaje ininahazwa ryumusalaba kwigenekerezo rya 14 Nyakanga. Hariho nishapule yububabare bwa Bikira Mariya, akaba yarahishuriye abana bi Kibeho icifuzo ciwe, ko yovugwa cane cane ku musi wa kabiri no ku musi wa gatanu. Yezu ntiyadusize turi imfuvyi muri iyi si yuzuye umwijima. Aho yari ku musalaba, kubwikigongwe ciwe yaradusigaranye umuvyeyi wiwe. Niho Yohani yaca amutahana iwe, akaba nubu yama atahanwa mu ngo nabamukeneye bose ngo abaremeshe; mukaba muzi mwese yuko umushaha wa Bikira Mariya wama wibungenze Yezu na Mutima mweranda. Ese abantu bose bokwemera kwakira isanamu ya Bikira Mariya agendera ingo, ikababera ikimenyetso cuko atwama hafi igihe cose twemeye ko atubera umuvyeyi. Ni tugire Yezu na Bikira Mariya, badufashe kwitegura neza ngo twakire ukwezi kwicumi tuzi ko ari ukwezi kwirozari. Biregeya Martin, Paruwasi Mwaro DUCISHEMWO DUTWE GE: Samandari yagiye gukorera mu misa yumusase yaborewe. Hageze gupfukama, arazungurirwa, yikubita hasi. Abandi bakorezi bavugana bati: Samandari arabonekewe! Patiri aca abwira bagenziwe ngo bavuge ishapule. Bageze ku cibukiro ca kabiri mu vyibukiro vyUmuco, Samandari aca aravunduruka yeraguza. Patiri amubaza ati: Samanda wabonekewe? Uruwundi ati: Egome! Patiri ati: Wabonye iki? Samandari ati: Mbonekewe nigicupa amahanga camalitiro12, cari cuzuye insongo. abonye kiza kiriruka, insongo nayo iza iraseseka, nca ndyama hasi kugira ngo nicanshikira insongo iseseke mu kanwa kanje; ariko ico gicupa kinciyeko kigenda nta nima ryagiye mu kanwa, emwe ndahomvye basi!