Beruflich Dokumente
Kultur Dokumente
mu muryango wabakristu
Diyoseze kuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 927461
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr Site: www.isokoryubuzimaburundi.fr.gd
Igiciro:100Fr 41/13
Muri Yezu koko, ivyerekeye umukiza vyose vyararangutse Yezu arazi neza kandi ariyumvamwo rwose ubutumwa se yamutumye kurangura: kurondera, kuzimurura nugukiza ivyari vyazimiye (Lk19,10). Mu mushaha wiwe, niho hava ivyo akora vyose kugira ngo umuntu aronke urukiza; ni vyo vyamutumye yemera gushorerwa nkumwagazi wintama ku Kalvariyo, agasanza amaboko ku Musalaba, agatanga ubuzima bwiwe kugira ngo akize isinzi yabantu (Mk.10,45)Ni muze rero duhungire mu Mushaha wa Yezu. Adushikiriza ijambo ritazohera ( Mt.24,25), urukundo rudahemana; ni umugenzi atatuvirira, yama ari iruhande yacu (Mt.28,20). Ese Bikira Mariya Mweranda yotwigisha gushira umwizero wacu wose mu Mushaha wUmwana wiwe, maze tukemera rwose yuko tutazotaha zirayoye.
maho. Iri jambo ni iry'ukwemerwa i twaba twarapfanye na we, tuzorambana na we, ni twaba twararinze amagorwa hamwe, tuzosangira n'ubwami, ni twaba twaramwihakanye, na we nyene azotwihakana, ni twaba twaramuhemukiye, we aguma ari intahemuka, kuko adashobora kwihakana we nyene. INKURU NZIZA: Luka: 17, 11-19 Mta wundi yoboneka ngw'agaruke aninahaze Imana, atari uyo munyankiko! Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Luka: Mu gihe Yezu yariko aragenda i Yeruzalemu, yaciye ku rubibe rwa Samariya n'Ubugalile. Ariko araca mu mihana yaho, hakaba abantu cumi barwaye imibembe baza bagana iyo ari. Bashira ijwi hejuru bakiri kure, bati: Yezu, Mwigisha, tugirire ikigongwe! a we ngw'ababone, arababwira ati: i mugende mwiyereke abasaserdoti. a bo bashitse mu nzira, babona bakize. Umwe muri bo rero ngw'abone yakize, aca asubira inyuma, aza yishongora aninahaza Imana; ashitse imbere ya Yezu, akubita ibipfukamiro hasi amukurira ubwatsi. Kandi uno yari Umunyasamariya. Yezu rero arabaza ati: Mbega, ntibakize bose uko bari cumi? one se, ba bandi icenda bari hehe? ta wundi yoboneka ngw'agaruke aninahaze Imana, atari uyo munyankiko! Araheza amubarira ati: Va hasi, ugende; ukwemera kwawe kuragukijije. mbaze nakanyamuneza, dushishikare gukengurukira Umukama muri ukaristiya; muze tugendere iyo ndero Ekleziya iduha ikatwigisha kuvuga ngo urakoze Mukama imisi yose yubuzima bwacu. Muribi bisomwa vyeranda rero, turasangamwo abantu bazi gukenguruka be nabandi binanira. Mu gisomwa ca mbere tubona Namani (umukuru wintwaramiheto zubusiriya) yari yafashwe nimibembe. Araza rero kuraba umuhanuzi Elize ngo amukize, wa muhanuzi rurangiranwa wabanyisrayeli. Turabona ingene akenguruka, ashemeza ko Yahve, Imana yabayahudi ari yo Mana imwe Rudende. Mu nkuru nziza naho, turabona abantu icumi, nabo nyene bafashwe nimibembe, baza gusaba Yezu ngo abagirire ikigongwe abakize. Yezu yabanje kugerageza ukwemera kwabo mu kubanza kubarungika mwisengero ngo biyereke abasaserdoti imbere yuko bakizwa. Baragamburutse baragenda. Bamaze gukira, umwe we nyene, ni we yaciye asubira inyuma ngo aje gukengurukira Yezu, akaninahaza Imana ku vyiza yakorewe. Ico gisomwa co mu Nkuru Nziza kitwereka ko cane cane abantu bihutira gusaba, ntibihutira gukenguruka: umutima wImana ntubura gutuntuzwa bimwe bikomeye nivyo bintu. Nta kintu kibi cosumba ukuba
intashima! Yezu yatangaje ko yababajwe no kubona umwe we nyene ari we yashimye akagaruka gukengurukira Imana. None benewacu, twibaze, twisuzume; kuko na twe twoshobora kwigereranya na bamwe icenda batagarutse gukenguruka. Uyo munyasamariya yagarutse gukenguruka natubere akarorero. Mbega twoba twitaho kwihweza no kubona ivyiza Umukama atugirira? Vyose bikomoka kuri Yo: nta na kimwe kitoshwa canke kidakorwa numutima wayo; nta na kimwe cabayeho kitakozwe nibiganza vyayo! Nagatangaza ! Ubwo turatangara bikwiye? Ubwo turatamarira ivyiza Imana yaremye, ivyamwa vyurukundo rwImana, ibinyegezwa vyinema ziva ku Mana, nibindi vyinshi?... None turazi kubishima? Uburyo bubereye bwo kubishima nukubitamarira, nu-guhinduka mu mitima yacu, mu nyifato yacu, akanwa kacu kagashemeza ubuninahazwa bwImana. Mukama Mana yacu, ese ingene Izina ryawe ari risumba ayandi yose, rigashimagizwa kwisi yose nzima!. Dusabwe kuzirikana cane ibijanye niyi Nkuru Nziza be niyo nyifato nziza yumunyasamariya yakijijwe na Yezu. Igihe yagaruka kwa Yezu, uwo munyasamariya yarabonye ico atari yiteze. Yezu yamubwiye ati: Haguruka ugende, ukwemera kwawe kwagukijije. Barya barwaye icenda batagarutse gukengurukira Yezu barakize ku mubiri ariko ntibaro-
nse urukiza. Barakize imibembe ariko ku mutima ata rukiza baronse. Ugukira imibembe bari bagwaye ntikwabuguruye amaso kugira ngo bamenye Yezu uwo ariwe, ntikwakabuye muri bo ukwemera Yezu kandi ntikwabagarukanye kuri we. Haba urukiza rwuzuye igihe hari ugukira ku mubiri bijanye nuguhura na Yezu, uwakize akanywana numukiza. Urukiza ntirubaho rudashingiwe intahe nuwakize. Ntawukira atabishatse. Urukiza ningabire ariko ingabire irakirwa, ikabungabungwa. Icakijije umunyasamariya mu buryo bwuzuye, nuko yaciye anyaragasa, asubira inyuma agenda agana Yezu, ajanywe nukumukengurukira. Abanyamibembe cumi bose barahwanye na Kristu ariko umwe gusa niwe yamumenye, niwe yamwakiriye arawemera. Icumi bose baratakambiye Kristu ariko umwe niwe yamushimiye. Duhamagariwe twese kwegukira umugwi wabadahahamiye ivyugukira ku mubiri vyonyene. Urukiza rwuzuye runyengetera mu bice vyose bigize umuntu. Dushire imbere uguhura na Yezu, tumwakire nkumwami numukiza, akiza mu buryo bwuzuye, imyaka yose. Ugukira kwacu ntikube ku mubiri gusa; uguhura na Yezu kudukiranure, tube bashasha; tuve mu buja bwindwara, ariko kandi tuve mu buja bwigicumuro. Kandi nukwegukira umuryango wabakira ku mutima.
Yezu numukiza. Muri iki kinyamakuru, turakunda kuvuga ko Yezu ari munyakigongwe, mushobora
vyose, rudasumbwa Turamusenga tuvuga tuti: turakwizigiye, tugirire umushaha usa nuwawe. Yama yatwiyeretse mu bubasha bwiwe bwugukiza. Nkundira ndabibutse ingene kwigenekerezo rya 13/7/2013 yatabaye umuvukanyi wanje Cassien; imodoka yarimwo yarasetse inzu hanyuma aravunika ukuguru. Cassien yarashingiye intahe ububasha nikigongwe vya Yezu, ko yakingiye ubuzima bwiwe; ati: aho navunitse ukuguru nigufa rigakenyuka, ukundi kuguru, umutwe numutumba vyarasigaye. dizeye ko mu misi iza nzoba nakize nkagendagenda nkuko nahora, ku bwa Yezu na Bikira Mariya. Uko yabivuze niko vyagenze. Kwigenekerezo rya 24 Myandagaro, Cassien yarashoboye kwishikira kuri Katedrale Regina Mundi mu bugeni bwumuvukanyi wacu. Ukwizera kwiwe kwararangutse. Imana ihabwe icubahiro. Ese Mukama wokomeza abantu bose bagashobora gutahura urukundo rwawe bakanarumenyesha. Hezagira abo bose batunganya ikinyamakuru KwIsoko ryUbuzima, nabo bose bakundisha inkuru ziza yawe. Ntitwibagiye nabo bose bakora ubutumwa bwo kuremesha abagorewe mu mabohero, mu bitaro, muri abo bose bihebuye. Nubakomeze, ubahangaze. Namwe mwese basomyi bikinyamakuru KwIsoko ryUbuzima, muhezagirwe, muhorane Yezu na Mariya. Biregeya Martin.
YEZU, WEWE MWIZA GOSE KANDI UTEKEREZA CANE, URAKWIYE RWOSE GUKENGURUKWA NUGUSHIMIRWA MU MASHEMEZO YA MISI YOSE, KUBERA KO UDUHEBERA MWIKOMUNIYO WA MUBIRI WAWE MWERANDA RWOSE ATAWUSHOBORA KUYAGA UKO BIKWIYE.
DUSHEMEZE IMA A KU MU SI KU MU SI
13/10 D Idominika ya 28 C 2 Abami 5,14-17 Zab 97,1-6
Edouard 14/10 L Kalisto 2 Tm 2,8-13 Lk.17,11-19 Rom 1,1-7 Zab 97,1-4 Lk. 11,29-32 Tereza wi Avila Rom 1,16-25 Zab 18,2-5 Lk. 11,37-41 Margarita Rom 2,1-11 Zab 61,6-9 Mariya Lk. 11,42-46 Ignasi Rom 3,21-30 Zab 129,1-6 Lk. 11,47-54 Luka Umwanditsi 2 Tim 4,10-17b winkuru nziza Zab144,10-18 Lk. 10,1-9 Izahaki Rom 4,13-18 Zab104,4-43 Lk. 12,8-12
Mbega ntibakize bose uko bari cumi? one ba bandi icenda bari hehe?
ta wundi yoboneka ngwagaruke aninahaze Imana, atari uyo munyankiko?
Uru rwaruka ni urwaruka rubi ! Rurondera ikimenyetso, nta kimenyetso kindi muzohabwa atari ikimenyetso cumuhanuzi Yonasi. Mwebwe Abafarizayo, mwoza urwato ninkoko inyuma gusa, naho imbere mwuzuye ubusuma nububisha Muragowe , mwa Bafarizayo, kuko mukunda ibibanza vyimbere mu mu masinagoga nindamutso ku nama Muragowe, mwa bigisha mwe, kuko mwatwaye urufunguruzo rwubumenyi! timwinjiye ubwanyu, mukabuza nabari kwinjira Ivyimburwa ni vyinshi, yamara abakozi ni bake. Sabe rero nyene umurima arungike abakozi benshi mu murima wiwe. dababwiye rero: uzonyemera wese imbere yabantu, Umwana wumuntu nawe azomwemera mu maso yabamalayika bImana...