Sie sind auf Seite 1von 4

KwIsoko ryUbuzima

mu muryango wabakristu
Diyoseze kuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 927461
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr Site: www.isokoryubuzimaburundi.fr.gd

" ukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1, 21)


Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ryImana mu misa no mu buzima

Igiciro:100Fr 44/13

3/11/2013 IDOMI IKA YA MIRO GO ITATU A RIMWE Umwaka C

Imodokari Renault 4 ya Papa Fransisko.


Ikinyamakuru co mu Butaliyano citwa Famiglia Cristiana nico camenyesheje ubwa mbere inkuru ivuga ko hari ababonye Papa Fransisiko yinjira mu kamodokari gatoya ko mu bwoko bwa R4. Ngiyi inkomoko yavyo, nkuko vyatohojwe nikinyamakuru Osservatore Romano: Iyo R4 niyo muri 1984, yari iya Patiri Renzo Zocca. Afise imyaka 70 akaba amaze imyaka 25 akorera muri kartiye yabantu babayabaye bi Verrone; aritanga cane mu gufasha abamugaye, abageze mu zabukuru, ba ntahonikora, nabasinzikajwe nibiyayuramutwe. Ako kamodokari nawe yari yakagabiwe nabagiraneza. Kari kamaze kugira ibirometero 300.000. Patiri Renzo amaze kunyengeterwa nivyiyumviro vya Papa vyuko Ekleziya yokwifata rworo kandi igashikira abantu aho baba, yaciye yandikira Papa amuyagira ibijanye nubutumwa bwiwe, nicifuzo ciwe co kumugabira ako kamodoka kiwe naho gashaje. Kwitaliki 10/8/2013, Papa yaramutelefonye. Barayaze umwanya utari muto, aremera kwakira ingabire yiyo modoka, bahana isango yo guhurira i Roma. Italiki 7/9, Patiri Renzo yaciye agenda agana aho Papa aba, amushiriye ya modoka. Papa yaramusanganiye, binjirana muri ka kamodoka baba barazunguruka; haheze akanya Renzo ahereza imfunguruzo Papa. Imbere yuko basezerana, Papa yamubwiye ko akiri i Buenos Aires na we nyene yari afise akamodoka nkako. Papa yaciye yakira izo mfunguruzo, aba ariwe mushoferi, aja kwitegurira igiteramo co ku wa 7/9. Emwe, kubona imodo-kari R4 i Vatikano, biratangaje! Ukwo kwifata ruto kwa Papa kuranywanye nikiganiro yahaye abamenyeshama-kuru bo kuri televisiyo yo muri Bresil. Mu vyo bamubajije, harimwo ivyerekeye inyifato yiwe yo kwiyunguruza akoresheje imodokari isanzwe, bagatangazwa kandi ningene ataba mu nyubakwa yagenewe aba Papa. Yabishuye ati: damenyereye gukoresha imodokari isanzwe, imwe numukozi asanzwe ashobora kuronka. ibaza ko dutegerezwa gutanga akarorero kubuzima buciriye hagufi. Abantu tujejwe bashaka ko tubaho neza, ariko tukifata ruto. Twebwe abungere bimitima, turakomeretsa abo tujejwe mu gihe batubona duhababukiye amafranga. Birabishe kubona Patiri mukuru arakeneye imodokari kugira ngo yoroherwe mu kurangura ubutumwa muri paruwasi. Ariko nagire imodoka isanzwe, itari mu bwoko buhanitse. Kutaba mu nyubakwa yagenewe abapapa navyo, ni kugira ngo mbane nabandi. Aho mba -Mu mubano witiriwe Marita Mweranda-, ndahahurira nabantu batandukanye: abapatiri, abepiskopi, abakardinali, nabakristu. Bose hamwe barashika nka 130. iho mfungurira haba mu gitondo, sasita, mwijoro; ivyo birangirira neza. Mu gihe tugezemwo, nibazako muri Ekleziya Imana idusaba kwifata ruto, mbere kwifata rworo bimwe bivuye ku mutimaOss. Romano 32-33-2013

Isengero rikuru ryi Latran. Igenekerezo rya 9 Munyonyo, Ekleziya idutumirira guhimbaza isengero rikuru ryi Latran, i Roma. Nisengero ryitirirwa Papa nkumwungere wa Diyoseze yi Roma. Niyo yatanguriye ayandi masengero yose. Kuruyo musi, turabatumiriye kwifatanya na Papa Fransisiko muriki gisabisho yatuye Imana aciye kuri Mikaeli mweranda, asabira ikirimba ci Vatikano. Natwe dusabire abo bose bakorera ubutumwa kuruwo mugwa mukuru wa Ekleziya kugira ngo bagamburukire Mutima Mweranda. Mikaeli mweranda umumalayika mukuru, wewe uri mu buninahazwa bwImana, wewe utangaza inkuru iremesha yintsinzi yubwiza ku bubi, erekeza ubuzima bwacu ku mwizero. Kingira iki kirimba, ukingire icicaro cumusubirizi wa Petero, ariho hari ishingiro ryukwemera kwagenewe bose; kugira ngo abahakorera ntibahemukire inkuru nziza ya Yezu Kristu, barangwe nurukundo rurimwo nukwiheba. Umukama nyenisi nijuru yaraguhaye ububasha bwo kugwanya no gutsinda umwansi. Maramaza shetani, usambure imitego yiwe, ugwanye ico cose gituma abantu baganzwa nivyiyumviro vyisi. Duhe gutsinda inyosha mbi, umwina witunga, wugutegeka, wugutsindwa nivyipfuzo vyumubiri. utubere inkingi idukingira ivyiyumviro bishaka gusenyura Ekleziya; nuje kwizamu ryivyiyumviro vyacu, udukize ibitero vyinyifato yiki gihe igwanya ubuzima. utubere umuyobozi wimitima, udushigikire mu ntambara yukwemera. Mikaeli mweranda umumlayika mukuru, wewe wama wihweza inyonga zImana, dufashe ntidutirimuke ngo duhushe inzira yubuzima budahera. Amen (Pape Franois, 5 Juillet 2013- Zenit.org)

TWUMVIRIZE IRYO IMA A ITUYAGIRA IDOMI IKA YA 31 YO MU MWAKA-C


IGISOMWA CA MBERE: Ubwitonzi. 11,22-12,2 Imana irakunda ibiremwa vyayo vyose Ivyo dusoma mu gitabu c'Ubwitonzi Mukama, isi yose imeze imbere yawe nk'agatete k'umusenyi gahengeka umunzane, nk'ima ry'urume ruzindukira gutonyangira hasi. Mukama, ufitiye imbabazi abantu, kuko ushobora vyose; nturaba ibicumuro vyabo, kugira ngo bigarure. kako nyene, ufitiye urukundo rw'igishika ibiremwa vyose, nta na kimwe mu vyo wagize kigutera ishishi; ico wanka ntiwari kukirema. Ikidashatswe nawe coshobora kuramba gute? Ikidahamagawe nawe coshobora kurama gute? Igituma ugirira imbabazi ibiremwa vyose, n'uko ari rwawe, n'uko uri Rugaba ukunda ubuzima, impwemu zawe zikabeshaho vyose. Abaguye, uritonda mu kubahanura, urabakebura, ukabereka igicumuro cabo, kugira ngo bikure mu kabi, babonereho kukwemera, Mukama. IGISOMWA CA KABIRI: 2 Tesalonika 1, 11-2, 2 Twitege Umukama mu mahoro atagira imvange Ivyo dusoma mw'ibaruwa rya kabiri Umutumwa Paulo yandikiye Abanyatesalonika: cuti zanje: Twama tubasabira ngo Imana yacu isange mukwiranye n'ibanga yabahamagariye; kubera ububasha bwayo, n'ibafashe kurangura bimwe bishemeye ivyiza vyose mushaka gukora, n'iremeshe ukwemera kwanyu, kugira ngo izina ry'Umukama wacu Yezu rininahazwe muri mwebwe, namwe mushimagizwe muri we: ico nico Imana yacu n'Umukama Yezu Kristu babateguriye. Benewacu, dushaka kubahanura ku vyerekeye umuzo w'UmukaKu musi wImana uheruka Yezu yaraduciriye umugani wumufarizayo wumunyabwishime numutozakori aciye bugufi. Uyu musi ho twumvise umukuru wabatozakori na we ahinduka agaheba ivyo yahoramwo akakira Yezu iwe kubera akanyamuneza kuko amwiboneye amaso mu yandi. Yezu yinjiye i Yeriko mu gisagara hagati. Abazi i Yeriko batubwira ko ari igisagara ca kera cubatse mwitaba ryumusozi. Ababayo bagomvye kuvayo baja i Yeruzalemu baraduga. Yeriko ni ingereranyo yumuntu wa kera kuko ari kimwe mu bisagara vya kera vyo kwisi. Abahinga muvya Bibiliya batubwira ko igihe Iburahimu yaca i Yeriko namasho yiwe ico gisagara cari kimaze imyaka irenga ibihumbi bitandatu kibayeho. Yezu yari aciye mu gisagara ci Yeriko ngo ahave aduga i Yeruzalemu aho azobabarira, agapfa, ku musi ugira gatatu akazuka. Aho i Yeriko hari umuntu yitwa ZAKE. Zakkay mu gihebreyi bisigura uwurtyoroye canke intungane. Mbega ko bavuga ngo izina ni ryo muntu, kuri Zake hari uwobishingira intahe? Ko twumvise ko ubutungane ku mutozakori usanga butoroshe kugendera, ku mukuru wabatozakori ni ho vyoheza bikoroha? Yamara ntitwihute guca urubanza! Kuba Zake yari umukuru wabatozakori twohava twibaza ko ivyo gucumura yoba yari yarabigize

ma wacu Yezu Kristu n'ikoraniro ryacu hamwe na we ntimushoke muhagarikwa umutima canke ngo muterwe ubwoba n'ijambo bitirira Mutima canke n'ikete batwitirira ryemeza ko umunsi w'Umukama uri mu gushika. INKURU NZIZA: Luka: 19, 1-10 Uguhinduka, kwa Zake umukuru w'abatozakori Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Umunsi umwe, Yezu yinjiye i Yeriko, aca mu gisagara hagati. Hakaba hari umuntu yitwa Zake; yari umukuru w'abatozakori kandi yari atunze. Yama yipfuza kubona Yezu uwari we, ariko ntiyabishobora kubera ishengero ryari ryinshi cane, na we akaba mugufi. Arirukanga, aja imbere, yurira igiti, kugira ngo ashobore kumubona, kuko ariyo nzira yajana. Yezu, ahashitse ararangamira, aramubarira ati: Zake, ururuka n'ingoga, kuko uyu munsi ndamutse ndara iwawe. a we aca arururuka, amwakirana akanyamuneza. Abariho ngo babibone, baja mu vyo kwidodomba bose, bati: Ehe, agiye kurarira umuntu w'umunyabicumuro. Zake rero arahagarara, abwira Umukama ati: Mukama, ng'ivyo ivyanje ngiye kubicamwo kubiri, igice kimwe ngihe abarushwa; ni haba hari uwo nanyanganije, ndamusubize ibiruta kane ivyo namutwaye. iho rero Yezu yavuga ati: Uyu munsi, urukiza rwashitse muri iyi nzu, kuko n'uyu abaye umwana wa Ibrahimu. akare, Umwana w'umuntu yaje kurondera n'ugukiza ivyari vyazimiye. umwuga. Umuntu afatiye kuri ivyo yokwemeza ko iryo zina ritari rimubereye. Umuntu akorera abanyamahanga, akarenganya abantu bato bato, agakorera ikigirwamana ari co Sezari, umwami wabaromani1, akaba umukuru wabandi bacumuzi (abatozakori), yokwitwa intungane bivuye hehe? None Yezu si we yivugiye ubwiwe ati: ese ingene bigora abatunzi kwinjira mu bwami bwImana?(Lk 18, 24). Zake, uwo ata muntu amwegera, abamubonye umengo baranukiwe, bakamuhunga nkuko bahunga uwafashwe nakaranda! Zake, uwo babona bakaraba hirya nkuko boba babonye ikintu kiboze, yoba uwurtyoroye gute? Yoba intungane gute? Nari navuze nti tureke kumucira urubanza. Uwo abantu baca iruhande bakanukirwa ni we yipfuza kubona Yezu uwo ari we. Kuko Yezu nta numwe akumira. Yezu nta numwe akengera. Ariko kandi Zake ntiyashobora kubona Yezu kubera ishengero ryabandana kandi akaba yari mugufi. Iryo shengero ni rya rindi ryamunebagura kandi ritashaka ko abona Yezu. Ni co gituma Zake abanza kuduga ku giti. Twibuke ko aho i Yeriko ari ho Yezu yari yakirije ya mpumyi mwene Time. Ivyo Zake yari yavyumvise. Kandi niyo mpumyi yari yakize ishengero ryabanje kuyigiza inyuma ngo ntigore Yezu!
1

Umwami wabaromani yafatwa nkimana basenga. Yeriko na yo bisigura ngo igisagara cukwezi. Iryo zina ryibutsa umugirwa wagirirwa ikigirwamana mwijoro ryukwezi aho i Yeriko.

Umuntu yohava avuga ko ivyo biri muvyatumye Zake yipfuza kubona umuntu yitwa Yezu. Hanyuma kandi kubera ko ata wamuha nirwere, Zake ntiyari agikeneye kwerekana icubahiro ciwe, akaba ari vyo vyatumye adatinya kwurira igiti. Ntiyiriwe araraba ngo ni umukuru wabatozakori. Kubona ivyo yarabirenzeko, agakuma ikanzu yiwe nziza, akurira igiti nka twa duhungu tukiri dutoyi, duhora twurira kugira ngo tubone umukuru wigihugu ntivyari ibintu bisanzwe! Ivyo ni bimwe mu bimenyesha ko ubwo buzima Zake yoba yipfuza kubuvamwo. Nkako nyene amaze kubona Yezu yiyumvisemwo akanyamuneza kadasanzwe. Yezu ahashitse ararangamira aramubarira ati: Zake, ururuka ningoga kuko uyu musi ndamutse ndara iwawe. Erega tubonye ko twabaye ruhebwa ntawundi twohanga amaso atari Yezu! Kuko Yezu ni we aduhumuriza: ururuka kuko uyu musi ndamutse ndara iwawe. Nkako iyo ducumu-ye tumera nkabatakiri kwiyi si. Tugenda umutima uri mu kirere kuko tuba twirukanye Yezu mu buzima bwa-cu kubera ibicumuro dukora. Yezu agarutse kuba mu buzima bwacu dusubira gutekana. Zake yari azi ko ari we ariko ararondera Yezu ahava asanga Yezu ubwiwe ariko aramurondera. Ni co gituma Zake ataco yarinze kuvuga; Yezu ni we yamubwiye ati: Zake, ururuka. Ni ukuvuga ngo umutima wawe nutekane kuko nagarutse iwawe. Kumuhamagara mwizina vyonyene vyerekana ko Yezu yari asanzwe amuzi. Uyu musi ndamutse ndara iwawe bisigura ko Yezu aramutse azimanwa kwa Zake, umwe abandi bahora bahura. Zake na we ntiyatevye kwururuka, maze yakirana Yezu akanyamuneza. Erega kwakira Umukama bitera akanyamuneza! Ese ingene biryoshe kwakira Umukama! Kwakira Umukama ntibisaba kuja mu kirere kuko Umukama ari kumwe natwe; ni twebwe gusa dushaka kumuhanika mu kirere. Ukugendera ubutungane ntibisaba ibintu bihanitse, bisaba kururuka hasi mu buzima busanzwe bwa misi yose, ukugurura umutima wawe ugaha ikaze Imana nabantu mu buzi-

ma bwawe. Uwuhaye ikaze Imana asagwa nakanyamuneza katagira uko kavugwa. Uwuhuye na Yezu akanyamuneza karamusya. Iyi mvugo umwanditsi winjili Luka arayimenyereye. Luka ni we atubwira ingene Bikira Mariya yuzuye akanyamuneza aho yumviye ko ari we yatewe iteka ryo kwibungenga Yezu. Aho Mariya yaja kuramutsa mwene wabo Elizabeti Yohani ari mu mbanyi yasimbagijwe nakanyamuneza kuko Yezu yari aje kumuramutsa ari mu mbanyi ya Bikira Mariya. Aho Yezu yavuka abungere bakabimenyeshwa bagiye barahutagizwa nakanyamuneza kuko biboneye umukiza, biruka kuranga iyo nkuru nziza. Abigishwa bi Emawusi bari kumwe na Yezu, abasigurira ivyanditswe, bagenda buzuye akanyamuneza. Ako kanyamuneza ni ko twama tugira iyo duhuye na Yezu mu buzima bwacu, haba mu masakaramentu eka mbere nahandi. Akanyamuneza Zake yagize kavuye kuri Yezu atananirwa nikintu na kimwe mu bacumuzi. Ni na vyo vyatumye Zake afata ingingo yo gusubiza ivyo yanyanganije abandi. Nta bwoba bwo guhomba afise. Aratekanye. Ntatinya gusubira mu bukene kuko yamaze gucakamira itunga ridahera ari ryo Yezu. Ako kanyamuneza na ko ntiyashimye kukigungana; yagasangiye nabandi bari bagakeneye nka we, abandi batozakori. Yezu na we ati: uyu musi urukiza rwashitse muri iyi nzu kuko nuyu abaye umwana wa Ibrahimu; na kare umwana wumuntu yaje kurondera nugukiza ivyari vyazimiye. Kuva ubu rero rya zina rizoba rifashe kuko Zake aronse urukiza akaba intungane koko, agartyororwa. None rero bavukanyi, natwe hari aho usanga twarahu-manije amazina twiswe, cane cane aho twabatizwa. Mwisakaramentu ryikigongwe, Imana irasubira ikaza kuba muri twebwe, tugasubira kuberwa namazina twaronse. Dusabe umutima wo kurondera Yezu nka Zake nuwo kwikura ivyo vyose bitubuza kuba intungane: ubusuma, ibiturire, ubusambanyi, amacakubiri, ubwicanyi... maze dusubire kuba abana ba Iburahimu sokuru wacu mu kwemera.

Dushingurane iteka abacu bitavye Imana. Kubera ibituma bitandukanye, twama turiko turabona abantu benshi babura ababo. Mu ma Paruwasi amwe amwe yo ngaha mu gisagara ca Bujumbura, (nka Ngagara na Cathedrale) ni gake umusi uhera bada hezagiye abitavye Imana. Mu ma kartiye atandukanye tubamwo, usanga ata misi ibiri canke itatu yijana ata muhana urimwo ikigandaro. Ku bakristu benshi, kubanza gucana uwitavye Imana mwisengero imbere yo kumufubisha vyaramaze gucika umugenzo. Uwo mugenzo mwiza turakwiye kuwubandanya, ariko bidacitse nkumugigwa usanzwe. Twozirikana neza ico tuba turiko turakora, na cane cane bikaduha gutahura ibijanye namaherezo yumuntu. Ukubura uwacu biraduca intege, ariko ntivyotubuza gutegera ko iyo ingingo zumubiri zihagaze umutima wowo uguma ari muzima. Gucisha uwacu mu birori vyo kumusabira muri Ekleziya, biradukomereza ukwemera isangira ryAberanda, ko uwacu aba apfuye kubwumubiri gusa ariko umutima uguma ari muzima, kandi ko tuguma tunywaniye mu Mukama. Yezu Kristu yaratanze insiguro nshasha yurupfu. Kubwizuka ryiwe, urupfu ntirukidutera ubwoba. Imbere yuko dushikira umusozo wintsinzi yaturonkeye mwizuka ryiwe, urupfu rwumubiri ni ngombwa ngo ruhabe: ukuri nukuri, ndabibabwiye, urutete rwingano rutaguye mwivu ngo rupfe, ruguma ari rwa rundi, naho iyo rupfuye, rwama vyinshi (Yo.12,24). Ibisabisho tuvugira abapfuye, turemera ko bibatezurira ububabare nimisi bomaze mwiyishuriro. Abatari bake baramaze gutahura akanyamuneza kajanye nizuka ryabapfuye; hari nabo Imana ishoboza guserura ako kanyamuneza kizuka no ku musi wo gufuba ababo: haba mu nkuka yimisa yo gusabira umuhisi, haba ku ntatemwa yumuhisi, haba mu kigandaro mu muryango wumuhisi. Ico gihe, ahari agahinda nukwiganyira bisubirirwa nindirimbo zukuninahaza Imana canke ibindi bisabisho. Iyo nyifato irafasha ababuze ababo kurema no kumara imisi yikigandaro batekanye, bishimiye Imana, batari mu ruhagarara. Ico abakristu bashira imbere, suko agapfuye kabazwa ivu , ahubwo nuko inyuma yibi tubonesha amaso, hari ibindi vyiza bisumbirije vyubuzima budahera, birengeye na kure ivyo twiyumvira, bitanga akanyamuneza kumwuzurira.

DUSHEMEZE IMA A KU MU SI KU MU SI
3/11 D Idominika ya 31 C Ubwit.11,22-12,2 Zab.144,114 Zake, ururuka ningoga kuko uyu musi ndamutse ndara iwawe. Uyu muMartino wi Porres

2Tesal.1,11-2,2 Lk 19,1-10

4/11 L Karoli Borrome 5/11 M Guy-Maria


Conforti 6/11 M Bertille, Leonardon 7/11 J Willy

8/11 V Godefroid 9/11 S Ihezagirwa ryIbaziliki yi Latran

Rom 11,29-36 Lk. 14,12-14 Rom 12,5-16a Zab 130,1-3 Lk. 14,15-24 Rom 13,8-10 Zab 111,1-9 Lk. 14,25-33 Rom 14,7-12 Zab 26,1-14 Lk. 15,1-10 Rom 15,14-21 Zab 97,1-4 Lk. 16,1-8 Ezek.47,1-2.8-9.12 Zab. 45,2-9 Yo. 2,13-22

si urukiza rwashitse muri iyi nzu, kuko nuyu abaye umwana wa Ibrahimu Zab 68,30-37 Ukaramuka ufungurira abandi, ntuhamagare abagenzi bawe, benewanyu, incuti nababanyi batunze kuko kumbure nabo bogutumira, bakakwishura

kako nyene ndabibabariye: mu bari batumiwe nta numwe azokwumviriza inzimano yanje. Utikorera umusalaba wiwe ngo ankurikire, ntashobora kumbera umugendanyi. anje ndabibabariye: umusi umunyakabi yigaye, no mwijuru hazoba akanyamuneza karuta agaterwa naberanda mirongo icenda nicenda Kuko abakwirikirana ivyisi basumvya ubwenge mu vyabo abakwirikirana umuco. Kura ivyo ngaha, ingoro ya Data ntimuyigire inzu yakaguriro. Ukwitwararika ingoro yawe kuzondurumbamwo.

Imana yaradukunze iherezako. Ntaco itaduha mu gihe tuyihaye ikibanza mu


mitima yacu ngo yibereho, ngo twame twigendanira. Igihe twabatizwa nigihe twakomezwa muri Mutima Mweranda, twabaye ingoro za Mutima Mweranda ngo dukundane, tubabarane kandi tubabariranire. Imana yaduhaye Yezu na Bikira Mariya baratwigura nimishaha yabo irasogotwa. Uwa Yezu wasogoswe nicumu, uwa Bikira Mariya nawo warasogoswe kubwamagorwa Yezu yatewe nabo yari yaje gucungura. Imana yabonye ko imitima yacu igerereyemwo ibirarashamba bitwuzuzamwo agahinda nubwoba, ica iyuzuzamwo Mutima mweranda kugira ngo ntije kure yimishaha ya Yezu na Mariya. Yaduhaye kandi Ekleziya Katolika Nyeranda ishingiye ku batumwa, nayo ikaba yadutegekanirije ukwezi kwicumi ngo kube ukwezi kwirozari tuyagiramwo nImana tubicishije mu vyibukiro. Imana yarabonye ko iyi si irimwo imitego myinshi cane, ko abantu benshi bapfa batiteguye neza; irategekanya uburyo bwo kwirtyorora imbere yo gushika mwijuru. Kubwikigongwe cayo ntangere, ntiyahevye nabitavye Imana bagifise agatosi. Baraca murico kibanza cityororero ryububabare (ipurugatori) kugira ngo umusi uri izina bazoshike mwijuru. Mu rukundo Imana idukunda, yatunywanishije twese: abakiri ku rugendo ngaha kwisi, abamaze gushika mwijuru nabakiri mwipurgatori. Muruku kwezi kwa 11, ntitwibagire gusabira imitima iri mwipurgatori. Tuzoheza dusanganire Kristu Mwami duhimbawe kubwimitima twasabiye yavuye mwipurgatori! Biregeya Martin.

UBUZIMA 'IKI ? (Mama Tereza w'i Kalkuta)


1. Ubuzima ningabirano: Yakire ! 2. Ubuzima ni bwiza: Butangarire! 3. Ubuzima n'ubuhirwe: Bugenderemwo! 4. Ubuzima ni indoto: Bugire ukuri! 5. Ubuzima ni ikibazo: Gihe inyishu ! 6. Ubuzima ni ibanga: Ryumeko! 7. Ubuzima ni urukino: Rukine nawe ! 8. Ubuzima ni itunga: Ribungabunge ! 9. Ubuzima ni urukundo: Rugendere ! 10. Ubuzima ni ikinyegezwa : Kinyegurure! 11. Ubuzima ni kazoza: Kitegurire ! 12. Ubuzima namaganya: Yarengere ! 13. Ubuzima ni akaririmbo: Karirimbe nawe! 14. Ubuzima ni indwano: Yirwane rugabo! 15. Ubuzima namayobera : Bwitangire n'umutima wawe wose ! 16. Ubuzima ni amageragezwa: Bugerageze nawe ! 17. Ubuzima ni akanyamuneza: Karondere! 18. Ubuzima ni ubuzima : Burwanire !
Vyahinduwe mu kirundi na Patiri Atanazi Mayoya-Paruwasi Giheta

ABARU DI BARAZI GUTWE ZA: Hari umugabo yagiye mu kabare aranywa araborerwa. Hageze ko ataha, arasohoka arabura iyo aja niyo ava. Aca apfa kwomoka atabona aho aca kuko hari mw'ijoro. Amaze umwanya, abona ageze ku muhana atazi. Niko guhamagara ati: Wa mugabo uba hano, vyuka unsunike, ibateri ry'umuduga izimye ngeze ngaha iwawe! Nyene urugo arinumira. Ya mborerwa ibandanya isemerera iti: Wa mugabo uba hano, vyuka

unsunike noneho nimoteri irazimye. anje nzogusunika umunsi imoteri yakuzimanye. Umugore aca abwira nyenurugo ati: Erega genda umusunike, weho ntibahora bagusunika ibateri ryakwamye! Wa mugabo aca aravyuka. Ashikiriye ya mborerwa ayibaza ati: Vyagenze gute? Uruwundi ati: Imoteri nayihaye Primusi kandi nahora ndayiha Rugombo, none yaciye izima, ica yandukiza na bateri. Mu kunsunika rero urafata mu mugongo!

Das könnte Ihnen auch gefallen