Sie sind auf Seite 1von 4

KwIsoko ryUbuzima

mu muryango wabakristu
Diyoseze kuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 927461 Email: sokoryubuzima@yahoo.fr Site: www.isokoryubuzimaburundi.fr.gd

" ukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1, 21)


Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ryImana mu misa no mu buzima

Igiciro:100Fr 5/14

2/2/2014

UMU SI MUKURU WIHEREZA RYUMUKAMA Umwaka A

Papa Fransisiko yabariye abihebeyimena ati: Ni mukangure isi


Nkuko vyama bigenda muri Ekleziya kwigenekerezo rya 2 Ruhuhuma, Uyu munsi wagenewe abihebeyimana; nuwo kuzirikana ibanga ryukwihebera Imana. Papa Fransisiko yitegereje ingene isi yugarijwe nukudategera canke guhakana ivyImana, yahanuye abihebeyimana ati: ni mukangure isi. Mube ivyabona vyuburyo bushasha bwo kubaho nugukora. Turashobora kuryohora isi tukayibako ukundi. Ugukangura isi kwabihebeyimana, nuko inyifato nimibano yabo vyotuma abantu babihweza bagatangarira Imana ikorera muri bo, bikabakaburira ukwemera nabo bagahinduka. Ukwiheberimana si ukwikura kwisi ngo tuyihebe. Ahubwo ni ukwitura ku Mana ngo twitange nkuko Yezu yitanze ngo akize isi. Icambere twokora,ni ugukunda abantu nkuko Imana yabakunze. Papa Fransisiko ati: abihebeyimana bafise umutima ukaze nkisiki ntibashobora gukera abantu. Ko abihebeyimana bashaka kwigana urukundo rwa Yezu, Papa Fransisiko arabahanura kuja mu bantu bakumiriwe, bugarijwe nubukene canke agacinyizo; mbere ngo abo ni bo bakwiye kurungikirwa abantu binkerebutsi batazingamika ingabirano zabo, barangwa nubutwari, bashingiye ubuzima bwabo mu gisabisho. Ubuvukanyi mu bihebeyimana buhagaze ku rukundo rwImana rubanywanisha, mu budasa bwabo bakagumana akanyamuneza nubumwe budatituka .

Indagano abihebeyimana bemera


1. Ubworo. Ngo ntibaganzwe numwina wivyisi namafranga 2. Ubwerentegerwa. Bemera kutarenga ibwirizwa rya gatandatu. 3. Ukugamburuka. Bemera gukorera Imana bayigamburukurira, barongowe numukuru wumubano.

Abihebeyimana muri Ekleziya.Yezu yarashinze Ekleziya nabatumwa boyirongora, umukuru wabo


akaba Petero Mweranda. Hari abakristu bamwe babonye ingene hari abatwarwa numwina wifaranga nti biteho gusenga, baca barondera ingene boja kuba ahiherereye ngo bitwararike ivyo gusenga vyonyene, ata kibasamaza. Ubwambere umuntu wese murabo yashaka kwinywanira nImana ukwiwe, ata numwe bibana. Ariko buhoro buhoro basanze ko ivyiza arukwiheberimana mu mubano wemejwe na Ekleziya. Haciye hatangura imibano yabahangamana (abamonaki). Benedigito Mweranda ni we yabafashije cane mu gushinga amategeko agenga imibano yabihebeyimana bafise ako karangamutima ko kuba hamwe murubwo buryo. Barangwa nico civugo: senga ukore (ora et labora) Abo bamonaki bararanguye ibikorwa vyinshi vyiterambere mu bihugu vya Bulaya. Buhoro buhoro imiryango yabihebeyimana yaragwiriye muri Ekleziya. Mutima Mweranda yaritoreye abo ikaburira agatima ko gushinga imibano myinshi yabihebeyimana no gukabura mu bakristu umutima wo kwiheberimana. Imibano ya mbere yashinzwe ni nkiyabayezuwiti, abasaleziani, abafransiskani, nabandi benshi. Papa Fransisko ariwe mwungere wa Ekleziya wo muriki gihe, nuwihebeyimana mu bayezuwiti.

Twumvirize iryo Imana ituyagira IHEREZA RY'UMUKAMA - UMWAKA A IGISOMWA CA MBERE: Ml :3, 1-4 (Wa Mukama murondera, azoca yinjira mu ngoro yiwe) Ivyo dusoma mu gitabu c'umuhanuzi Malakiya g'iri iry'Umukama Imana yayaze: za kurungika intumwa yanje integurire inzira. Kandi wa Mukama murondera, ya ntumwa y'isezerano mwpfuza, azoca yinjira mu ngoro yiwe. Umukama yen'ingabo agize ati g'uyo araje . Mbega ni nde azoshobora kurinda wa musi w'umuzo wiwe ? i nde azomukubita ijisho ntahundagare ? Akaze nk'umuriro wo mu ruganda, aza arusha vyose mu gukura ibitosi. Azokwicara nk'umucuzi ashusha agartyorora ivyuma, azokwuhagira abana ba Levi, abartyorore nk'inzahabu n'ifeza ; bazoheza babe intungane, bashikane bashimwe mu maso y' Umukama. iho imperezwa ya Yuda n'iya Yeruzalemu zizohimbara Umukama, nka kumwe kwa kera, iminsi ikiri imyero. IGISOMWA CA KABIRI: Hb 2,14-18 (Yashimye kwishushanya na benewabo mari vyose) Ivyo dusoma mw'ibaruwa ryandikiwe Abahebreyi Abantu bafise kamere y'umubiri n'amaraso, nico gituma Yezu yashatse kumera nkabo, kugira ngo mu rupfu rwiwe, agire ubusa uwari afise ububasha bw'urupfu, ariwe shetani, yongere asubize iteka abo ubwoba bw'urupfu bwagumije mu buja mu buzima bwabo bwose. Turabizi noneho, Abamalayika sibo yaje gukiza, yazanywe na bene Ibrahimu. Kubera ico, yashimye kwishushanya na benewabo muri vyose, kugira ngo, mu vy'Imana abe Umusaserdoti mukuru yuzuye impuhwe kandi w'intatanamundagano, ashobora gukura ibicumuro vy'igihugu. one rero, ko yababaye gushika apfe akageragezwa, atidoga arashobora kwunganira abaremerewe n'amagorwa. INKURU NZIZA Luka: 2, 22-40 (Igisomwa kigufi : Luka 2, 22-32) (Amaso yanje yarihweje ubukiriro bwawe) Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Luka Babonye hageze ko Mariya aja gurtyororwa nkuko Itegeko rya Musa ribuvaga, abavyeyi ba Yezu bamujana i Yerazalemu kumuhereza Umukama, ko vyari vyanditswe mu mabwirizwa y'Umukama ngo

umwana w'imfura wese azohererwa Umukama ; kandi bari bazanywe n'uguhereza inkuka udukundye tubiri canke utunuma tubiri, nkuko Itegeko ry'Umukama ribivuga. I Yeruzalemu na ho, hari hasanzwe umuntu yitwa Simeo. Uwo muntu yari intungane kandi yarakunda Imana ; yari yiteze uruhoza rw'Israeli, kandi Mutima Mweranda yari kumwe na we. Mutima Mweranda yari yaramumenyesheje ko atazopfa atarasanganira ya tumwa y'Umukama. iko kuza mu gisengero yohejwe na Mutima. Abavyeyi ba Yezu bagasangwa bazanye Umwana Yezu ngo barangure imigenzo y'itegeko. Simeo aramwakira ahezagira Imana ati: Ubu noneho, Muhanyi, nkuko wabivuze, rengukisha umusavyi wawe mu mahoro ; nkako, amaso yanje yihweje ubukiriro wateguriye intara zose; wa muco uboneshereza intara z'abapagani, rya ninahazwa ry'icibare cawe Israeli. (Igisomwa kigufi giherera aha) Se na nyina batangazwa n'ivyo bamuvugako. Simeo aramuhezagira, araheza abwira Mariya nyina wa Yezu ati: Ha! Uyu mwana, abenshi mu Banyisraeli bazomwandurako urupfu ; kandi yongere abere uru-kiza benshi. Azoba ikimenyetso bazohazanirako. Eka na wewe nyene, inkota izogusogota mu mushaha. Ivyiyumviro vya benshi bizoheza vyibonekeze. Hariho umuhanuzikazi yitwa Anna, umukobwa wa Fanuweli, wo mu muryango wa Azeri. Yari ashaje cane. Yari yarapfakaye amaze imyaka indwi abana n'umugabo wiwe; muri ico gihe yari ashikiriye imyaka mirongo umunani n'ine. tiyari akiva mu gisengero, yama aninahaza Imana ijoro n'umutaga mu kwisonzesha no mu gusenga. Muri ico kiringo nyene, niho yahezagira Imana, amenyesha uwo mwana abari biteze ko Yeru-zalemu irokoka. go baheze kurangura ivyari vyategetswe n'Umukama, basubira mu Bugalile mu gisagara cabo azareti. uko rero, umwana arakura, arakomera, aratera imbere mu bwitonzi ; n'inema y'lmana vyari kumwe. kunezereza igihugu cose. Uyu musi, mu gisagara ca Dawudi, Umukiza yabavukiye : ni we Kristu Umukama. Ngo bagende i Betelehemu bahasanga Mariya na Yozefu, nakayoya karyamye mu bwato bwinka. Ako kayoya kitwa Yezu, izina umumalayika yari yarabwiye Mariya uwo mwana atara-navuka, ati Uzomwita Yezu , iryo zina naryo rikaba rivuga ngo Imana irakiza. Igihe kigeze cuko abavyeyi ba Yezu baja kumuhereza Umukama, nkuko vyari vyanditswe mu mabwirizwa yUmukama ngo umwana wimfura wese azoheberwa Umukama, basanze mwisengero i Yeruzalemu, umuntu yitwa Simeho, umuntu wintungane kandi yakunda Imana. Hari kandi

oneho, Muhanyi, nkuko wabivuze, rengukisha umusavyi wawe mu mahoro ; nkako amaso yanje yihweje ubukiriro wateguriye intara zose, wa muco uboneshereza intara zabapagani, rya ninahazwa ryicibare cawe Israyeli Iyi njili yuno musi
ijana mu gihe ca Noweli Yezu akiri uruhinja, akimaze imisi umunani gusa. Igihe Yezu yavuka, umumalayika yabwiye abungere ati : ndabazaniye Inkuru Nziza iza

numuhanuzikazi yitwa Ana. Abo bantu babiri ngo bari intungane kandi bari mu bari biteze urukiza rwIsrayeli. Abo bantu babiri bari buzuye Mutima wImana. Bari mu bari bararindiriye, ibihe nibindi, ko indagano Imana yatanze yugukiza isi iranguka, bakarindirana ukwizigira kutatezura uwo muhango wImana. None ico barindiriye baraciboneye. Amajambo bavuga yerekeye uwo mwana aramutumenyesha. Ni iyindi Epifaniya, kuko tuhamenyera uwo uwo mwana ari : ni bukiriro Imana yateguriye intara zose, ni umuco uboneshereza intara zabapagani, ni Ininahazwa ryicibare cImana arico Israyeli. Uwu Simeho nuwu Ana bari barindiriye urukiza. Noneho urwo rukiza ntirwerekeye agace kamwe kisi, rwerekeye isi yose : ni we aboneshereza intara zabapagani. Uwo mwana abavyeyi bari baje guhereza Umukama ni we bukiriro azanye urukiza ruvuye ku Mana, ni we ruhoza, ni we bukiriro bwa Yeruzalemu. Simeho afise mu minwe urwo ruyoya yikamaje avuga, ati : Amaso yanje yihweje ubukiriro wateguriye intara zose . Bari baje kurangura ivyo itegeko rya Musa ryategeka. Niho umwanditsi wikete ryandikiwe Abahebreyi avuga ati : Nkako ko abantu bafise kamere yumubiri namaraso, Yezu yashatse kumera nkabo muri vyose . Ni umuco wisi nininahazwa rya Israyeli, akaba nikimenyetso bazohazanirako. Ni umuco wisi, none rero azobeshuza ivyo twibwira ngo ni umuco nininahazwa vyisi. Ni intumwa yisezerano izobeshuza ubucuti umucumuzi acudika na Shetani ikamugira umushumba wayo. Mu maraso yiwe ni ho azokwungira isezerano rishasha kandi ryamaho. Uyu musi, wa Mukama murondera, ya ntumwa yisezerano mwipfuza, yinjiye mu ngoro yiwe . Noneho ntakibaye umutware wo mu muryango wa Davidi, ni Imana ubwayo yiyiziye mu ngoro yayo. Ni Imana ije, Imana igaba vyose. None ni nde azobasha kurinda umusi wumuzo wiwe ? Ni nde azomukubita ijisho ngo ntahundagare ? Ariko Imana ntiyaje gukandagira umuntu ku gakanu, ntiyaje kwumvisha umuntu ububasha bwayo, Imana yiyerekanye ko yuzuye ubuntu. Ariko ntawokwiyobagiza kandi ko iyo Mana ikaze nkumuriro urusha vyose gukura ibitosi. Imbe-re yayo nta munyagatosi ahahangara, nta mucumuzi ahatweruka ngo ahaneganege ; umunyabwishime we nta nuwomucisha no mu kanwa. Ahubwo hakenewe kwemeza ko ari Imana, umuntu akicisha bugufi imbere

yayo kandi akayizigira, kandi akayihereza nkishikanwa. Yezu yaherejwe mwIsengero ni akarorero kabiyeguriye Imana bose, Yezu ntiyahereje imbagwa zibimasa, yihereje we nyene. Duhiriwe duhishije, uyu musi ni umusi wahariwe abihebeye Imana bose, abeguriwe Imana. Nibiyumve rero baheze bakire akarorero kuri Yezu Kristu, bamwigane, ababere umuco, na bo babere benewabo umuco mu kugendera za ndagano zibaranga : ubworo ari kwo gusangira vyose na bose, ubwere ntegerwa hamwe rero nubugamburutsi. None natwe, durtyorowe na we, tuba imperezwa nyayo duhereza Imana. Ico twohereza Imana coba twebwe nyene. Twohereza ubuzima bwacu, ibikorwa vyacu, ivyiyumviro vyacu, ibikorwa vyiza vyacu, ivyo tuvuga nivyo dukora. Twugurure imitima yacu ngo twakire Yezu, we muco udukiza, aboneshereze imitima yacu nubuzima bwacu kandi ushware kwisi yose. Koko Yezu yihereje Imana natwe birakwiye ko twihereza kumwe na we. Nkako yabaye muri vyose uwusa natwe, yashimye kwishushanya na twebwe muri vyose, kugira ngo mu vyImana abe Umusaserdoti mukuru yuzuye impuhwe kandi wintatana mu ndagano, ashobora gukura ibicumu-ro vyigihugu. Co kimwe na Simeho, nanje ndakwiye kwakira umwana Yezu mu minwe kugira ngo ndamwihweze, ndamutamarire, mpeze nkengurukire Imana yandungikiye urukiza. Nobigira mu kwemera kuba mu minwe yImana nkicuma gikenewe gutyororwa ububisha bwose, ingese, ubucafu bwose. Birakwiye ko nemera kwuhagirwa iceyi cose ngo nshobore gushikanira Imana ishikanwa riyishimisha kuko riherezanijwe iminwe yuhagiye, itacagirizwa inabi yurwa-nko, yakarenganyo nububisha ubwo ari bwo bwose. Nakiriye Yezu mu buzima bwanje nzoheza mbe intungane, nshikane nshimirwe mu maso yUmu-kama. Imperezwa duherezanya iminwe ihumanye, imperezwa duherezanya umutima wuzuye agatosi, ntizirengana igicu. Kumwe na Yezu Kristu twihereze Imana, tuyihereze imitima yacu ngo iyigabe iyiganze, niryo shikanwa, ni yo mperezwa yoyishimisha. Ko Yezu yashimye kumera nka twe muri vyose, twihereje Imana ni we tuba duhereje, ni we shikanwa ni we mperezwa iteye igomwe kandi itunganye. Ukaristiya ni inkuka yumutima abakristu bacako kugira ngo bihereze na bo nyene kumwe na Yezu Kristu.

Twibuke gukengurukira Imana ku ngabire yubuzima. Umwana wimfura wese azoheberwa umukama! Iri jambo tuyagiwe uyu musi rihuriranye numusi uhariwe ubuzima bwihevyi. Turakenguruka uko abavukanyi bacu bitabanye akanyamuneza ijwi ryumukama. Ese boguma bagendera iryo banga Kandi yaba aba bavukanyi bacu, yaba twebwe, nti tuzosangira iteka rya Yezu mwijuru tutabanje kurangura neza ibanga yadusigaranye : ni mukundane nkuko nabakunze. Naranezerewe kwitaliki 17/8/2013 mama Beninya consolata na mama Immacule bakenguruka ku myaka 50 bamaze bihebeye uwaturemye twese, bahagatiwe nimiryango yabo, incuti nabagenzi. Uwo musi na Bikira Mariya yari yatumiwe mururwo rubanza rwiteka. Erega kwinjira mwibanga si ikigoye, ukurigumya nivyo bikunda kutugora. Muvukanyi, ni wabona mugenzawe yihebeyimana atirimutse, muhanure nkumuvukanyi. Erega numuntu nkawe, arashobora kurwa; ico atarekuriwe nukugumayo! Tubasabire cane, tubaremeshe, tubashigikire, cane cane mu gihe bariko barashika mu zabukuru. Ese uyu musi wotubera intango yugukora ivyotuma turonka abayishingirintahe benshi kandi beranda tukazosangira ivyiza vyijuru umusi uri izina. Karoli Manirambona, St Michel

Dushemeze Imana ku munsi ku munsi D Ihereza Ml 3,1-4 Zab 23,7-10 2/2


ryUmukama

3/2 4/2 5/2 6/2 7/2 8/2

L Blaise M Veronique M Agata J Paul Miki B Eugnie S Josephine Bakhita

oneho Muhanyi, nkuko wabivuze, rengukisha umusuku wawe mu mahoro; nkako, amaso yanje yihweje ubukiriro wateguriye intara Subira iwanyu mu ncuti zawe, ubabwire ivyo umukama yakugiriye vyose, ku kigongwe afise 2S 18,9-10.14.24-25.30-32;19,1-4 Ukwemera kwawe kuragukijije mwananje : igire namahoro, ukire neza Zab85,1-6 Mko5, 21-43 ubumuga bwawe 2S24,2.9-16-17 Zab31 1-7 Abantu benshi bamwumva barumirwa, bati mbe ivyo yabimenye ate? Mko6,1-6 Ubwo bwenge yabukuye he? Ivyo bitangaro vyo abishobora ate?... Bagiye rero, barigisha ukwigaya, birukana amashetani menshi, basiga 1R2,1-4.10-12 Ct :1 Ch kandi amavuta abarwaye benshi kandi bakabakiza 29,10.11-12 Mko 6,7-13 Si47,2-11 Zab17,31.33.47.50- Ubwo rero nuko Yohani yama agira Herodi ati ntibikunda ko wogumya 51 Mko 6,14-29 umugore wa mwenewanyu 1R3,4-13 Zab118,9-10.11go bururuke amato, Yezu aja abona igihugu cabantu, bimutera 14 Mko 6,30-34 imbabazi, kuko bari nkintama zitagira umwungere, aca aja mu kubigisha ikirere kizima. Heb2,14-18 Lka2,22-40 2S 15,13-14.30 ; 16,5-13 Zab3,2-7 Mko5,1-20

Abihebeyimana mu Burundi.Abatanguye

kutuzanira inkuru Nziza ya Yezu, ni abihebeyimana bari mu muryango wAbamisiyonari ba Afrika. Mu nyuma, Mutima Mweranda yarakabuye mu Burundi ivuka ryimiryango yabihebeyimana bimvukira. Umuryango watanguriye iyindi, ni uwabene tereziya; mu nyuma haravutse Abene Yozefu, Abene Mariya, Abene Bernardeta, Abene Umukama, Abene PauloHari nabarundi batari bake bihebeye Imana mu miryango iri mu Burundi ariko ikaba ifise icicaro gikuru mu bindi bihugu. Ubu hari imiryango 35 yabihebeyimana barangura ubutumwa bwabo muri Dioseze nkuru ya Bujumbura. Igitigiri cabarundi nabarundikazi batoye kukorera Imana mu bihebeyimana kirababa nk ibihumbi bibiri. Mutima Mweranda yama akora ibishasha: ubu hariho imiryango mishasha ihwaniyemwo abihebeyimana bari mu mice yubuzima itandukanye: abihebeye Imana bagasangira umubano wubuzima, abahebera Imana ubusore nubukumi bwabo bakayiyegurira, bakayishingira intahe mu buzima barimwo; hakaba rero nabubakanye. Muriyo miryango mishasha, abari muriyo mice yose barashobora kugira indagano zo kwiyegurira Imana.

Ubuzima bwihevyi nishusho yubuzima twiteze.

Ukwihebera Imana ningabire Imana yahaye Ekleziya, nubu ikabandanya iyikomeza.Ekleziya uko yagiye irakura niko yagiye irahura nibihe vyiza nibigoye.Niho rero Imana iheza igatora abo yishakiye ikabaha ubutumwa butandukanye mu murima wayo. Harabo iha ubutumwa bwo kuvuga, gukora, kuremesha abatishoboye: Abarwaye, aboro, impfuvyi, abapfakazi Nubuzima budategeretse kuri bamwe bamwe. Mu ntango yubuzima Bwihevyi abantu ntibabitegera, nkuko nubu hariho abatarabitegera; uza ubona imisore ninkumi bageze mu bigero aho gushinga ingo zabo ngo bavyare ibibondo bahitamwo guheba vyose kugira bakurikire Umukama mu miryango itandukanye. Ni nko muri vyabihe twabona Imana iha ubutumwa budasanzwe umuntu yitoreye ngo atorere inyishu ikibazo kije, ikamuha nabamwunganira murico gikorwa. Ukwihebera Imana nishusho itwereka uko tuzobaho mugihe tuzoba tutakiri kuriyisi. Ni nkakumwe Abasadusiyano bashaka kumenya ingene ku musi wanyuma bizogendera wa mugore yabirwa nabavukana indwi bagapfa atawumusigiye iki-bondo. Yezu yarabishuye abereka kivyo bibaza atariko bizoba bimeze mu Bwami bwIjuru (Luka20,29). Aba-sadusiyano bamwe bari basanzwe batemera ivyizuka, Yezu arabereka ko hanyuma yubuzima bwo kwisi abantu bazokwiberaho nkAbamarayika, atavyo kwabirana, kurya, kunywa bizobaho. Muvyukuri abihebeye Imana ninkicirore abantu barabiramwo ivyubuzima, baratwibutsa ko kuriyi si twese duhamagariwe kuba umwe, gusa-ngira ubuzima, kwigumya murivyo twibaza ko bitoshoboka.Yezu niwe Mwihevyi wambere kandi wukuri; ni we tuvomako ubwerentegerwa, ubugamburutsi hamwe nubworo; ari nako karanga uwa Kristu wese ahamagariwe kugira mu buzima bwiwe bwa misiyose. Bikira Mariya yazigamye ibanga natwigishe kuzigamama iryacu. DUCISHEMWO DUTWE GE. Emwe gakwavu bahereza Gakwavu nako; harya gashizemwo umunwa arubwenge!!! Umusi umwe Agakwavu nIngwe gatangura kubabwa; karicurikira kibaza ingene vyagiye gusaba Umwami umugeni,Umwami nawe kobigenza, karararamuka kabwira umwami gatweabwira ivyo bikoko ati:iwanje uwushaka umugenga gati: Mwami, Rurwe yashiramwo umunwa ni, hari ibakure ryuzuye ipiripiri abanza kunywa, ayi- agaca atangura gushinyiriza agira ngo shiiiiiiiii; nanje maze agatahira umugeni.Ivyo bikoko biti udutunye wunva harivyo ngira? aho rero bwari ubwenge kugira icoroshe. Ingwe namakari yayo bayihereza ya piripiri, karabe ko koyimara; Umwami asamaye Gakwavu kango ishire mu kanwa itangura kurarika umutwe ishi- muraba ku rugohe imwe kakayisesa, namakuru menyiriza,yasubira ho bikanka nuko ikozamwo ururimi. nshimenshi. Ya piripiri gahava karayimara. Gakwavu Bayibwira ko yokwitahira umugeni atari uwayo, gatahira gurtyo umugeni, Rurwe ataha uko yaje.

Das könnte Ihnen auch gefallen